Umugenzi : Urubuga ngurukanabumenyi rwo kuyagirako rwatangujwe n’umurundi

7 31-10-2014 - saa 16:55, IGIHE

Abantu barenga ibihumbi ijana nibo bakoresha urubuga ngurukana bumenyi UMUGENZI, nk’uko bivugwa n’uwatanguje ubwo buhinga bwa none bwo kuyagirako John Clinton Nsengiyumva.
Amenyesha ko UMUGENZI yatanguye ku wa 20 Myandagaro mu mwaka w’i 2012, ibiro bikuru vyawo bikaba biri mu gisagara ca Toronto, mu ntara ya Ontario muri Canada. Ububiko bw’ amakuru bwa UMUGENZI nabwo buri muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika (USA). John Clinton Nsengiyumva akaba yasiguriye ikinyamakuru IGIHE ko Umugenzi ari (...)

Abantu barenga ibihumbi ijana nibo bakoresha urubuga ngurukana bumenyi UMUGENZI, nk’uko bivugwa n’uwatanguje ubwo buhinga bwa none bwo kuyagirako John Clinton Nsengiyumva.

Amenyesha ko UMUGENZI yatanguye ku wa 20 Myandagaro mu mwaka w’i 2012, ibiro bikuru vyawo bikaba biri mu gisagara ca Toronto, mu ntara ya Ontario muri Canada. Ububiko bw’ amakuru bwa UMUGENZI nabwo buri muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika (USA). John Clinton Nsengiyumva akaba yasiguriye ikinyamakuru IGIHE ko Umugenzi ari umuhora mushasha utanga uburyo bugezweho bwo gutumanako amakuru. Avuga ko ar’urubuga rwiza rwo guhurirako n’abagenzi bava mu mihingo itandukanye yo kw’ isi.

John Clinton Nsengiyumva arongoye yatanguje urubuga ngurukanabumenyi ''UMUGENZI''

John Clinton Nsengiyumva yamenyesheje kandi ko uwo muhora ukorera ku mbuga 3 nkuru nkuru nka www.umugenzi.com , urubuga rw’inyabwonko akaba ari kuri Umugenzi.com/desktop/messenger.dmg , ku nyabwonko za Apple ni kuri Umugenzi.com/desktop/messenger.zip ku nyabwonko za Windows. Urubuga rwa Mobile, kuri telephones za Android muri Google Play no kuri iOS (iPhone/iPad) muri iTunes, ni kurondera Application “Umugenzi” hanyuma ugaca uyimanura muri telefone ngendanwa.

Mwomenya ko uwo murundi asanzwe aba mu gihugu ca Canada, anarangurira bimwe mu bikorwa biteza imbere intara avukamwo ya Bujumbura benshi bita Bujumbura Rural, nko guha ibikoresho vy’amashure abana ba ntaho nikora, guteza imbere igisata c’inkino, eka mbere akavuga ko afise n’imigambi yo gufasha mu gisata c’amagara y’abantu abicishije mu kigo asanzwe arongoye citwa Nsengiyumva Global Development.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
nibitanga olivier 2017-05-16 14:53:47

uwo mwenewac nakomez kuk ndumv ko agez kur anaturonderer ingen natw twoza turakor programmes za cumpter nkab nsab ko ret yokor ibibah bakarab ukunt twe bantahontikor twomenya ic gisata.

2
@@ 2015-06-04 14:35:24

ULIAILI

3
rusonzera 2014-11-24 18:53:12

Ndabaramukije ndipfuza kubaza intumbero nyamukuru yuru rubuga ndetse nukumenya akamaro kuri twebwe tuba mumahanga hama muhugu vyo muri afriwqAfrique murakorerayo thank u so munch?

4
constantin 2014-11-02 18:41:38

niwaba wubaha imana hamwenivyo ukora woba wararangije

5
Desire 2014-11-01 08:31:32

Komera kubwiryo terambere ngurukana bumenyi abarundi isinzi turinyuma yawe.

6
13ors 2014-10-31 23:14:45

Umurundi.com akunda igihugu komeza god bless u

7
@# 2014-10-31 20:39:49

terimbere terimbere

Kumenyekanisha