Umu Papa mushasha ashobora kuva muri Congo Kinshasa

0 25-02-2013 - saa 05:38, IGIHE

N’aba senyeri cumi n’umwe b’aba nyafirika hashobora kuvamwo uwuzosubirira Papa Benedigito wa XVI aherutse gutanga imihoho mur’ayo mabanga. Mur’abo, Cardinal Laurent Monsengwo Pasinyawo avuka muri Congo Kinshasa ashobora kugira amahirwe gusumba abandi.
Musenyeri Laurent Monsengwo Pasinya afis’imyaka 73. Ababirabira hafi babona ko ashobora guca imbere abo mu bindi bihugu nk’umunye Ghana Peter Turkson, umunya Nigeria John Onaiyekan canke umunye Guine Robert Sarah nabo nyene bavugwa ko bashobora (...)

N’aba senyeri cumi n’umwe b’aba nyafirika hashobora kuvamwo uwuzosubirira Papa Benedigito wa XVI aherutse gutanga imihoho mur’ayo mabanga. Mur’abo, Cardinal Laurent Monsengwo Pasinyawo avuka muri Congo Kinshasa ashobora kugira amahirwe gusumba abandi.

Musenyeri Laurent Monsengwo Pasinya afis’imyaka 73. Ababirabira hafi babona ko ashobora guca imbere abo mu bindi bihugu nk’umunye Ghana Peter Turkson, umunya Nigeria John Onaiyekan canke umunye Guine Robert Sarah nabo nyene bavugwa ko bashobora gutorwamwo uwuzosubirira Papa.

Ariko rero, Musenyeri Laurent Monsengwo Pasinya n’umuntu yagumye ari mu vya poritike mu gihugu avukamwo. Ivyo mbere bigashobora kumwaka amahirwe yo gutorwa ngwasubirire Papa Benedigito wa XVI.

Naho biruko, Musenyeri Munsengwo agumana amahirwe menshi kuko n’umwizigirwa cane wa Benedigito wa XVI. Yaranamutoye mu kwezi kwa Gitugutu 2012, ngo baremeshereze hamwe igisabisho c’ubutumwa cabereye i Roma mu Butariyano.

Ni mu gihe hasigaye imise mike yitanguzwa ry’ibikorwa vyo gutora uwugiye gusubirira Papa bitegekanijwe kw’igenekerezo rya 15 Ntwarante 2013 atagihindutse, ikinyamakuru Jeune Afrique caciye ku masonga ubuzima bw’uwuvugwa ko ashobora gusubirira Benedigito wa XVI.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha