Uko ikoreshwa ry’abana bakiri bato ryifashe mu Burundi

0 13-06-2014 - saa 14:59, IGIHE

Ubukene, ukwikunda kw’abavyeyi, hamwe no kutamenya agateka k’umwana na kazoza kiwe, ni bimwe mu bituma abana bakoreshwa ibikorwa biruhisha kandi bakiri bato.
Uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 12 Ruheshi, kw’isi yose barahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ikoreshwa ry’abana. Icivugo c’uno mwaka w’2014 akaba ari : "Kurwanya ikoreshwa ry’abana mu gukingira agateka kabo". Umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ikoreshwa ry’abana watangujwe mu mwaka w’2002 n’ishirahamwe mpuzamakungu (...)

Ubukene, ukwikunda kw’abavyeyi, hamwe no kutamenya agateka k’umwana na kazoza kiwe, ni bimwe mu bituma abana bakoreshwa ibikorwa biruhisha kandi bakiri bato.

Uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 12 Ruheshi, kw’isi yose barahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ikoreshwa ry’abana. Icivugo c’uno mwaka w’2014 akaba ari : "Kurwanya ikoreshwa ry’abana mu gukingira agateka kabo".
Umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ikoreshwa ry’abana watangujwe mu mwaka w’2002 n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abakozi (OIT) kugira barandurane n’imizi iryo koreshwa ry’abana mu gukingira agateka kabo, hongere hatangwe n’impanuro z’ingene vyohinduka.

Muti none ibikorwa bivuna abana vyoba ari nk’ibihe?

Abanonosoye ibijanye n’agateka k’abana bavuga ko ari ivyo bikorwa vyose bishobora kubera intambamyi umwana haba ku magara yiwe, ku mutekano wiwe canke mu buzima bwiwe. Iryo koreshwa ry’abana rikaba rikorwa mu bihugu vyose vyo kw’isi.

Mu Burundi ivy’ikoreshwa ry’abana vyoba vyifashe gute?

Mu matohoza yakozwe n’ishirahamwe UNICEF, abana bakoreshwa ibikorwa biruhisha bakiri bato mu Burundi barenga ibigumbi 19. Aho akaba ari amatohoza yakozwe gusa mu ntara ya Gitega, Ngozi, Bujumbura hamwe no muri komine Rumonge.
Mu kiganiro yahaye ikimenyeshamakuru IGIHE kuri uwu wa gatanu wa 13 Ruheshi 2014, Christine Ntahe, arongoye ishirahamwe "Bon Geste" riharanira agateka k’abana, na cane cane abo mw’ibarabara avuga ko agateka k’abana mu Burundi katubahirijwe bikwiye kuko hakicigaragaza abagikoreshwa ibikorwa bakiri bato, kandi bibaruhisha. Muri rusangi, bimwe mu bikorwa bivuna bikunze gukoreshwa abana, hariho :

JPEG - 1006.4 ko
Christine Ntahe, arongoye ishirahamwe "Bon Geste"

Gukoreshwa ibikorwa vyo mu nzu, ivyo bita kenshi kuba umuboyi canke umuyaya wo mu nzu, aho usanga abo bana bakoreshwa bakiri bato, bagaturubikwa, bagakoreshwa amasaha y’umurengera, bagakumirwa, bakanabaho nk’inyakamwe

Abana bikorezwa imizigo ibaremera, uwabakoresheje akabaha impembo y’intica ntikize itanabashoboza no kwigurira n’amazi yo kunywa

Gukoreshwa ibikorwa vyo gusegereza mw’ibarabara, aho usanga umuvyeyi yarungitse umwana kwirirwa arasegereza canke kuja kurondera ivyo gufungura mu mabarabara, ugasanga biriwe bataronse n’utwo batamira

Mu bihugu biriko biratera imbere, abana babarungika kuja gucukura ubutare, abenshi bakicwa n’imisozi yabaguyeko. Iryo koreshwa ry’abana rigatuma haba ikomereka ry’imitima, amagara make, kuyinga kubera guturubikwa, kutagira urukundo muribo, bagakurana n’umutima mubi, ari naho hashobora kuva n’umutima w’ubwicanyi kuko ata rukundo baba barareranywe.

Christine Ntahe, arongoye ishirahamwe riharanira agateka k’abana mu Burundi ahamagarira abo bose bakoresha abana, kubatunga nk’abana babo mu kutabaturubika. Agasaba kandi ko hoshingwa n’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gukingira agateka k’abana mu Burundi. Honashingwa amategeko ahana uwo wese akoresha umwana ibikorwa bivuna uhereye mu makomine.

Mwomenya ko mu Burundi, mu mwaka w’1990 ariho haterwa igikumu ku masezerano mpuzamakungu yubahiriza agateka k’abana.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha