Ugusha kw’isoko rya bujumbura kwatumye abakristo baba bakeyi mu mashengero

1 27-01-2013 - saa 06:54, IGIHE

Mu gatondo ko Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 27 nzero 2013, umuriro mwinshi watse mw’ isoko nkuru ya Bujumbura, ivyo vyatumye abakristo benshi batagenda gusenga nk’uko bisanzwe kuko bamwe mbere bari basanzwe bafise ivyo badandarizayo abandi baraba uko vyagenze.
Nk’uko iyo nkuru yatanguye kumenyekana hose amasaha yo kuja gusenga yegereje ndetse abandi babimenyera mu mashengero , abacuruza rero ntibari bitayeho ivyo bariko bararirimba kuko baca bibuka iyo nkuru ibabaje maze bamwe baca bihutira (...)

Mu gatondo ko Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 27 nzero 2013, umuriro mwinshi watse mw’ isoko nkuru ya Bujumbura, ivyo vyatumye abakristo benshi batagenda gusenga nk’uko bisanzwe kuko bamwe mbere bari basanzwe bafise ivyo badandarizayo abandi baraba uko vyagenze.

Nk’uko iyo nkuru yatanguye kumenyekana hose amasaha yo kuja gusenga yegereje ndetse abandi babimenyera mu mashengero , abacuruza rero ntibari bitayeho ivyo bariko bararirimba kuko baca bibuka iyo nkuru ibabaje maze bamwe baca bihutira kuja aho ivyo vyabereye kugira ngo birebere ko hari ico borokora mu vyabo.

JPEG - 81.9 ko

Birumvikana ko ababimenye bataraja gusenga baciye bahindura integuro bari bateguye nko kuja gusenga mu mashengero naho nyene ataco bashobora guhindura kuko mbere na kizimyamwoto zashitse ibintu bimaze kwononekara.

Aha twovuga nk’aho twashitse mu mashengero tugasanga abakristo ari bakeyi cane, uravye nk’igikorane kiriko kibera kw’ikomine ya Kinama, imbere y’uko ivyo biba abantu baba bakubise ikibuga kikuzura benshi ku buryo vyaboneka ko ku w’Imana hazoba hari abantu benshi.

Si uko vyagenze rero kuko wabona abantu bitavye ari bake ugereranije n’iminsi iheze. Umurongozi yasiguye ko icatumye abantu bitaba ari bake vyatumwe n’iyo nkuru y’incamugongo yumvikanye muri iki gitondo.

N’ahandi henshi mu mashengero wabona ko igitigiri c’abantu cagabanutse, naho bitabujije ko integuro z’amashengero zibandanya nkuko bisanzwe.

Abarongozi baboneyeho akaryo ko kwifatanya n’abakristo gufata umwanya wo gusengera igihugu cabo kugira ngo Imana ikomeze kubaba hafi no guhumuriza benshi mubaburiye ibintu vyabo muri iyo soko kuko hakorera abantu benshi b’ibice vyose kandi ko ingaruka z’ivyo zishobora kugira ingaruka zitari nziza k’ubuzima bw’abanyagisagara ca Bujumbura bose kuko yari isoko nini kandi ikomeye.

Abakristo benshimbavuze ko ivyo vyoba vyavuye kuri satani umwansi w’abantu b’Imana.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Nina 2013-01-29 02:37:23

Ikintu nabarira ABarundi nukuri mukomere ntakintu nakimwe kiba Imana itakizi,ntimukuke umutima Imana yabaremye izakomeza kubatunga gusa muyizere yonyene kuko ariyo idahinduka Ntabwo ihera,ntabwo Imana yacu ipfa ni yo kwizerwa yonyene,abantu barashobora kubavako ariko Yesu ntazigera bareka kuko arabakunda cane.

Kumenyekanisha