Uganda : Abarundi bane bakuwe mu rugendo rw’ibisandasanda bakekwako iterabwoba

11 30-03-2015 - saa 16:21, IGIHE

Abarundi bane bari mu rugendo rw’ibisandasanda mu gihugu c’Ubuganda bafshwe bakekwako ari bamwe mu bihevyi boba bikitse mu kiza, bakaja gufatanya urugendo n’abakirisu.
Umwe ni umurundi azwi kw’izina rya Bigirimana, yafashwe akurwa mu bakirisu benshi i Kampala ku murwa mukuru, mu rugendo rw’ibisandasanda, co kimwe n’abandi batatu. Abo barundi umwe akaba yari afise ubwanwa bwinshi cane n’umutwe utagirako agashatsi na kamwe, akaba yateye ubwoba abakirisu bari muri urwo rugendo, baravye gusa uko yari (...)

Abarundi bane bari mu rugendo rw’ibisandasanda mu gihugu c’Ubuganda bafshwe bakekwako ari bamwe mu bihevyi boba bikitse mu kiza, bakaja gufatanya urugendo n’abakirisu.

Umwe ni umurundi azwi kw’izina rya Bigirimana, yafashwe akurwa mu bakirisu benshi i Kampala ku murwa mukuru, mu rugendo rw’ibisandasanda, co kimwe n’abandi batatu. Abo barundi umwe akaba yari afise ubwanwa bwinshi cane n’umutwe utagirako agashatsi na kamwe, akaba yateye ubwoba abakirisu bari muri urwo rugendo, baravye gusa uko yari ameze ubwanwa. Bigirimana afise igisandasanda mu ntoke co kimwe n’abandi bakirisu, akaba yaciye aftwa, aja kubazwa, inyuma y’aho muri Cathedrale nkuru y’i Kampala bonyene bahamagariye igiporisi, ko hari abantu babateye amakenga bari hagati mu bakirisu babo.

Ivyo bikaba vyashitse inyuma y’aho ubuserukizi bwa Reta zunzubumwe z’Amerika mu Buganda, bumenyesheje ko inzego z’umutekano zogaba, kuko hashobora kugabwa ibitero vy’abihevyi kuri ico gihugu. Abo barundi rero bamaze gukurikiranwa n’inzego zishinzwe kurwanya iterabwoba, bakaba basanze batatu muri bo babaye mu buganda atavyangombwa bafise , kuko ivyo bari bafise vyamaze guta agaciro, aho naho, bakaba bashobora guhanwa kuko babaye muri ico gihugu batagira ibibaranga.

Icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Ubuganda Fred Enanga, akaba yabariye abamenyeshamakuru ko bariko bararwanya iterabwoba bimwe bikomeye, ariko ko abo barundi basanze atari abihevyi, ko ahubwo bamwe muri bo batagira ivyangombwa vyo kuba mu buganda.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2  

1
JEAN MARIE NDAYIZEYE 2015-07-22 06:25:59

NI VYIZA GUTOHOZA KU BITEYE AMAKENGA,BIRAFASHA CANE.

2
evariste 2015-04-22 12:57:52

Qassim nagomba ndakwibarize ikintu kimwe, uvuga ko bariko batoteza abari mw’idini rya Islam mu guhagarika uwo musore. None niba ari umu Islam ivyo yarimwo n’ibikorwa vya islam? Wumva ko adateye ama amakenga.

3
mahoro 2015-04-18 11:32:12

Uwo bamwita Rikross ava igitega mukuruwe adandaza ibirato kwijabe nawe nyene afise ubwanwa gutyo nyene nimborerwa gusa ntangorane afitanye nabantu baramwuketse gusa nibaza ko bamurekuye

4
garnet 2015-04-01 08:28:58

uwo jewe ndamuzi numugwaneza yitwa gasongo yagiye kampala kwihangayikira benshi baramuzi mubakorera mwisiko ibujumbura ndetse nabo kuri batta bose baranamuzi

5
tunguhore fidele 2015-04-01 08:27:18

none abarundi ntibasa nabagande?

6
Qassim 2015-03-31 15:34:07

None ubwanwa nibwo bwerekana abagira iterabwoba??? Aho hoho nibace bagenda bafate abapatiri nka bose baba orthodoxe kuko bo bafise bwinshi cane kandi burebure busumba kureniyo ubwo bw’uyo musore! Abantu bovugisha ukuri urwanko banka aba islam kuko nitwe dufise umugenzo wo gukuza ubwanwa kenshi na kenshi, ivyo rero vyrerakana ko benshi bafise urwanko, inzigo y’akazikira kw’idini rya Islam, ariko Allah wenyene niwe akingigiye akongera agacungera idini ryiwe rya Islam. Raba namwe ingene basigaye bafata umuntu kubera ubwanwa alors k ari un droit! Ngo "yabateye ubwoba", mbe ko abadasokoza imishatsi (drede) vanke abagenda bahenye berekana izo bambaye musi batabatera ubwoba ngo bahamagare police???

7
serges 2015-03-31 13:44:31

Numuntu mwiza cane afise umutima mwiza akunda gutwenga asengera Muri catholique

8
### 2015-03-31 00:20:21

muntu wiyita bara uyo musore sumudjihadiste nanje nkimubona ubwambere yarantey ubwoba hari muri 2012 twahuriy muri bus tujana i buganda nagiy inzira yose fise ubwoba ariko natanguye kumuvugisha ikirundi kubera muzira hose naguma ndamucungisha ijisho ncambona ariko arumva imiziki yikirundi jew uko namubonye numwana mwiza cane yikundira gusa ibintu vyo ku rap kandi yoba ava i ngozi numvise ikirundi ciwe

9
serges 2015-03-30 22:36:43

Ubwo bwanwa n,ibujumbura yarabufise yagurisha impuzu ikampala naho naheruka agurisha ibirato gasongo pôle sana

10
serges 2015-03-30 22:29:08

Yooo gasongo pôle sana uyu yahora adandaza impunzu ibujumbura yadandaza ibirato kampala

Paji: 1 | 2  

Kumenyekanisha