Ubuzima bwa Prezida Jean Baptiste Bagaza yahoze arongoye u Burundi

82 20-01-2013 - saa 04:10, IGIHE

Jean Baptiste Bagaza yavutse mu mwaka w’1946. Bagaza akaba yafashe ubutegetsi kw’igenekerezo rya 1 Munyonyo 1976 akomboye Michel Micombero yari umukuru w’igihugu wa mbere yafashe ubutegetsi asenyuye ubutegetsi bwa cami mu mwaka wa 1966.
Iyo ntwazangabo mu gisirikare akaba yarigeze kuba icegera c’umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto,imbere y’uko afata ubutegetsi akaba yarize ivyigwa vya kaminuza n’igisirikare muri Ecole Royale Militaire de Bruxelles mu gihugu c’u Bubirigi akaba kandi yari (...)

Jean Baptiste Bagaza yavutse mu mwaka w’1946. Bagaza akaba yafashe ubutegetsi kw’igenekerezo rya 1 Munyonyo 1976 akomboye Michel Micombero yari umukuru w’igihugu wa mbere yafashe ubutegetsi asenyuye ubutegetsi bwa cami mu mwaka wa 1966.

Iyo ntwazangabo mu gisirikare akaba yarigeze kuba icegera c’umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto,imbere y’uko afata ubutegetsi akaba yarize ivyigwa vya kaminuza n’igisirikare muri Ecole Royale Militaire de Bruxelles mu gihugu c’u Bubirigi akaba kandi yari intwaza ngabo mu biro bikuru vy’intwaramiheto m’u Burundi.

Jean Baptiste Bagaza yaciye aguma k’ubutegetsi gushika mu mwaka w’1987,aho nawe yaciye asenyurwa bivuye ku basirikare bato bato n’ibisongerezi mu ntwazangabo zatinya kuja mu karuhuko k’izabukuru hataragera,aho naho akaba yari mu rugendo mu gihugu ca Kanada.

JPEG - 4.3 ko

Mu gihe uno munsi mw’itunganywa ry’igihugu harimwo ibijanye n’ubwoko,ico mwomenya ni uko Jean Baptiste Bagaza ari umututsi kandi ko yashitse k’ubutegetsi mu gihe abahutu ari nabwo bwoko bufise igitigiri kinini mu gihugu bari barigijweyo mu nzego zose z’igihugu ku ntwaro ya Micombero.Ku ntwaro ya Bagaza rero,asa n’uwaciye amera nko uwutabibona yitaho cana cane igisata c’ubutunzi.

Muri kahise k’u Burundi n’abarundi m’ubutandukane bwabo, Bagaza arazwi cane kuko bagaza yakoze ibintu vyinshi n’ubu abantu bakigenderako haba mu bijanye n’inyubako hamwe n’indero.Akigoro kiwe katumye ibitigiri vyo abaja kw’ishuri mu mashuri y’intango biva ku bice 19 bishika ku bice 85 kw’ijana hagati y’umwaka wa 1976 na 1986 nkuko ibiharuro vyo mw’ibanki y ‘isi yose vyo mu mwaka wa 1987 bivyerekana.
Inyubako nyinshi zibonekeza nk’amabarabara, ingomero z’umuyagankuba, amavomo ,ibitaro, amavuriro, amashuri, amatonorero y’ikawa,amashirahamwe yo gutumatumanako n’ibindi vyubatswe ku ntwaro ya Bagaza.

JPEG - 11.1 ko

Hagati y’imyaka ya 1976 na 1987 umwimbu w’ikawa warongerekanye ku ncuro zishika kuri zine bivuye ku gikorwa co gusubiriza ibiti vy’ikawa bishaje cakozwe no kuntwaro ya Bagaza. Jean Baptiste Bagaza akaba yashira imbere cane iciyumviro co kuziganya mu ntumbero yo guteza imbere ubutunzi bw’igihugu,ari naco catumye ashiraho itegeko ko umuntu wese ategerezwa kuziganya.

Igikorwa atashitseko neza,cari igikorwa co kwegeraniriza abantu mu bigwati no kuja mu makoperative kuko ufatiye ku mico y ‘abarundi ico gihe ntibabitahura.Iyo politike y’iterambere muvyo ubutunzi ikaba yari ishigikiwe n’ibanki y’isi yose,ibihugu vy’iburaya,u Bushinwa hamwe n’ibihugu vy’abarabu.

Mu bijanye na politike, naho nyene indyane z’amoko hagati y’abahutu n’abatutsi asa nuko yazihoreye ku ntwaro yiwe,ntaworeka kuvuga ukutumvikana kwabaye hagati yiwe na ekleziya katorika zoba zavuye k’ukwisuka mu ndyane za politike z’abanyedini bamwe b’abanyamahanga.Ku ntwaro yiwe impunzi nyinshi z’abahutu zari zahunze ubwicanyi bwo muri 1972 zaragarutse,ariko atari zose.

JPEG - 4.7 ko

Mu bijanye n’imigenderanire,Bagaza yakoresheje Politike yo gukorana cane n’abafasha muvyo ubutunzi.Bagaza akaba yarafashije cane Yoweri Museveni igihe yariko arwanya Leta ya Kampala m’u Buganda.

Mu mwaka wa 1987,inyuma yaho akuriwe k’ubutegetsi na major Pierre Buyoya,Jean Baptiste Bagaza yaciye ahunga.Yahungutse inyuma y’amatora yatahukanywe na Ndadaye Melchior,yaciye yicwa,vyatumye haba intambara.

Mu ntumbero yo guterera yaciye ashinga umugambwe umugambwe Parena.Uno munsi bagaza akaba ari umukenguzamateka ivyo bahabwa n’ibwirizwa nshingiro ku muntu yabaye umukuru w’igihugu.

Inyuma y’imyaka 20 avuye k ‘ubutegetsi n’imyaka u Burundi bwamaze mu ntambara,intwaro ya Bagaza iracibonekeza umuntu afatiye ku bintu biboneka vyakozwe ku ntwaro yiwe.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

32346 1 2-04-2014
Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5 | 6 | 7 | 8 | 9  

71
Nicky David 2015-11-17 07:03:22

none ko mutubwira inkuru zuwahoze arogoye igihugu Jean Batiste Bagaza Ego Turumva Yari Intugane .None Ntimwohanura Nkuruzinza Ahebe Ubwicanyi Bwo Muri Kino Gihe Ehe Abarundi Dupfe Twagara Yibazako Igihugu Ko Ari Cumuryango Wiwe Aho Uri Harabandi Murakoze

72
MUHIRWA PAUL 2015-10-24 18:54:50

NIVYIZA CANE.IYO BOSE BAKORA UKO TUBA TUBA MURI PARADIS.ARAKWIYE RERO KUGIRO IKIGO TWEBWE ABARUKA UBU DUHURIRAMWO AKATWIGISHA GUTEZA IMBERE IGIHUGU KUGIRA IMIGAMBI MYIZA YIWE IZOGUME YIBONEKEZA KANDI BAGAZA AZOGUME ABAHO MUBIKORWA.

73
Audace Tuyisenge 2015-10-04 14:41:05

Aho Aba Ari Hose Tuguma Tumwiyumvira Kwisemo Ryagatangaza Yari Yahaye Abarundi Kandi Nibaza Ko Bomukura Kurutonde Rw,abatembagaje Ubutegetsi Ahubwo Yanse Abatembagaza Uburundi Bwacu.Nawe Mukubuvyura Akaba Yarakoze Birashima N,ubu Nivyo Tukigirako.Imana Imuhe Kuramba Ni Kirumara Mwiterambere.Ndamwipfurije Kuruhuka Neza!

74
Audace Tuyisenge 2015-10-04 14:40:12

Aho Aba Ari Hose Tuguma Tumwiyumvira Kwisemo Ryagatangaza Yari Yahaye Abarundi Kandi Nibaza Ko Bomukura Kurutonde Rw,abatembagaje Ubutegetsi Ahubwo Yanse Abatembagaza Uburundi Bwacu.Nawe Mukubuvyura Akaba Yarakoze Birashima N,ubu Nivyo Tukigirako.Imana Imuhe Kuramba Ni Kirumara Mwiterambere.Ndamwipfurije Kuruhuka Neza!

75
philippe nzoyikorera 2015-07-29 17:29:14

ese ivya kino gihe yemwe!abikika inyuma y’amoko muve inyuma,kuko micombero yakombowe na bagaza nawe akomborw na buyoya,mwomenya ko bos bari abatuts kand gen niyombare naw yari yashats gutembagaza leta ya nkurunziza

76
Prosper Bigirimana 2015-06-30 17:47:15

Nyakubahwa turashima ibikogwa vyiterambere mwakoreye abarundi nuburundi mwebwe mugufungura mwakoresha ikanya abubu bakoresha igipawa!!!

77
NDUWAYO Bernard 2015-04-30 22:16:23

nubu turashima intambwe yatugejejeho mu bijanye n’iterambere

78
Avite Nshimirimana 2014-11-27 21:57:14

N’ubu Turashimira Nyakwubahwa J.Baptiste Bagaza Ku Bikorwa Vy’iterambere Yakoze Natwe Tukaba Twemey Kw’iragi Yadusigiy Tuzorigendera Mu Kubana Mu Mahoro, Tutaravy Amoko Canke Imigambwe

79
manirakiza domitien 2014-03-30 13:24:09

ndabonye ubuzima bwa prezida bagaza nivyo yakoze hambere haheze imana imuhezagire nonubu amerewegute?akoriki?yateguriwikimuvyoyakoze?

80
menyed 2013-10-30 17:14:58

bagaza ibyiza abarundi tuzamwibukiraho nibihe???

Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5 | 6 | 7 | 8 | 9  

Kumenyekanisha