Ubuzima bwa Prezida Jean Baptiste Bagaza yahoze arongoye u Burundi

82 20-01-2013 - saa 04:10, IGIHE

Jean Baptiste Bagaza yavutse mu mwaka w’1946. Bagaza akaba yafashe ubutegetsi kw’igenekerezo rya 1 Munyonyo 1976 akomboye Michel Micombero yari umukuru w’igihugu wa mbere yafashe ubutegetsi asenyuye ubutegetsi bwa cami mu mwaka wa 1966.
Iyo ntwazangabo mu gisirikare akaba yarigeze kuba icegera c’umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto,imbere y’uko afata ubutegetsi akaba yarize ivyigwa vya kaminuza n’igisirikare muri Ecole Royale Militaire de Bruxelles mu gihugu c’u Bubirigi akaba kandi yari (...)

Jean Baptiste Bagaza yavutse mu mwaka w’1946. Bagaza akaba yafashe ubutegetsi kw’igenekerezo rya 1 Munyonyo 1976 akomboye Michel Micombero yari umukuru w’igihugu wa mbere yafashe ubutegetsi asenyuye ubutegetsi bwa cami mu mwaka wa 1966.

Iyo ntwazangabo mu gisirikare akaba yarigeze kuba icegera c’umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto,imbere y’uko afata ubutegetsi akaba yarize ivyigwa vya kaminuza n’igisirikare muri Ecole Royale Militaire de Bruxelles mu gihugu c’u Bubirigi akaba kandi yari intwaza ngabo mu biro bikuru vy’intwaramiheto m’u Burundi.

Jean Baptiste Bagaza yaciye aguma k’ubutegetsi gushika mu mwaka w’1987,aho nawe yaciye asenyurwa bivuye ku basirikare bato bato n’ibisongerezi mu ntwazangabo zatinya kuja mu karuhuko k’izabukuru hataragera,aho naho akaba yari mu rugendo mu gihugu ca Kanada.

JPEG - 4.3 ko

Mu gihe uno munsi mw’itunganywa ry’igihugu harimwo ibijanye n’ubwoko,ico mwomenya ni uko Jean Baptiste Bagaza ari umututsi kandi ko yashitse k’ubutegetsi mu gihe abahutu ari nabwo bwoko bufise igitigiri kinini mu gihugu bari barigijweyo mu nzego zose z’igihugu ku ntwaro ya Micombero.Ku ntwaro ya Bagaza rero,asa n’uwaciye amera nko uwutabibona yitaho cana cane igisata c’ubutunzi.

Muri kahise k’u Burundi n’abarundi m’ubutandukane bwabo, Bagaza arazwi cane kuko bagaza yakoze ibintu vyinshi n’ubu abantu bakigenderako haba mu bijanye n’inyubako hamwe n’indero.Akigoro kiwe katumye ibitigiri vyo abaja kw’ishuri mu mashuri y’intango biva ku bice 19 bishika ku bice 85 kw’ijana hagati y’umwaka wa 1976 na 1986 nkuko ibiharuro vyo mw’ibanki y ‘isi yose vyo mu mwaka wa 1987 bivyerekana.
Inyubako nyinshi zibonekeza nk’amabarabara, ingomero z’umuyagankuba, amavomo ,ibitaro, amavuriro, amashuri, amatonorero y’ikawa,amashirahamwe yo gutumatumanako n’ibindi vyubatswe ku ntwaro ya Bagaza.

JPEG - 11.1 ko

Hagati y’imyaka ya 1976 na 1987 umwimbu w’ikawa warongerekanye ku ncuro zishika kuri zine bivuye ku gikorwa co gusubiriza ibiti vy’ikawa bishaje cakozwe no kuntwaro ya Bagaza. Jean Baptiste Bagaza akaba yashira imbere cane iciyumviro co kuziganya mu ntumbero yo guteza imbere ubutunzi bw’igihugu,ari naco catumye ashiraho itegeko ko umuntu wese ategerezwa kuziganya.

Igikorwa atashitseko neza,cari igikorwa co kwegeraniriza abantu mu bigwati no kuja mu makoperative kuko ufatiye ku mico y ‘abarundi ico gihe ntibabitahura.Iyo politike y’iterambere muvyo ubutunzi ikaba yari ishigikiwe n’ibanki y’isi yose,ibihugu vy’iburaya,u Bushinwa hamwe n’ibihugu vy’abarabu.

Mu bijanye na politike, naho nyene indyane z’amoko hagati y’abahutu n’abatutsi asa nuko yazihoreye ku ntwaro yiwe,ntaworeka kuvuga ukutumvikana kwabaye hagati yiwe na ekleziya katorika zoba zavuye k’ukwisuka mu ndyane za politike z’abanyedini bamwe b’abanyamahanga.Ku ntwaro yiwe impunzi nyinshi z’abahutu zari zahunze ubwicanyi bwo muri 1972 zaragarutse,ariko atari zose.

JPEG - 4.7 ko

Mu bijanye n’imigenderanire,Bagaza yakoresheje Politike yo gukorana cane n’abafasha muvyo ubutunzi.Bagaza akaba yarafashije cane Yoweri Museveni igihe yariko arwanya Leta ya Kampala m’u Buganda.

Mu mwaka wa 1987,inyuma yaho akuriwe k’ubutegetsi na major Pierre Buyoya,Jean Baptiste Bagaza yaciye ahunga.Yahungutse inyuma y’amatora yatahukanywe na Ndadaye Melchior,yaciye yicwa,vyatumye haba intambara.

Mu ntumbero yo guterera yaciye ashinga umugambwe umugambwe Parena.Uno munsi bagaza akaba ari umukenguzamateka ivyo bahabwa n’ibwirizwa nshingiro ku muntu yabaye umukuru w’igihugu.

Inyuma y’imyaka 20 avuye k ‘ubutegetsi n’imyaka u Burundi bwamaze mu ntambara,intwaro ya Bagaza iracibonekeza umuntu afatiye ku bintu biboneka vyakozwe ku ntwaro yiwe.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

32346 1 2-04-2014
Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5 | 6 | 7 | 8 | 9  

61
Habiyambere Prosper 2016-05-04 15:31:04

Yarakoze mugabo ntarusha mutama wacu NKURUNZIZA. Amashure menshi, amabarabara, ibitaro,ibibuga vy’inkino vy’akijambere... kaminuza zigamwo bose aba I na U bari hamwe ivyo BAGAZA atashitseko.

62
fauchet karikurubu 2016-05-04 14:49:01

Na mitende mbega Buyoya ni yapfa hazokwandikwa ibiki Akamaramaza

63
alexandre 2016-05-04 13:43:56

niyigire ingorane nuko yahagatiwe nabayobe micombero-buyoya

64
Akimana Ally~z 2016-05-04 13:14:24

Nda Babaye Cane Y’uko Tubuze Umugabo Mu Gihugu!

65
jean 2016-05-04 09:28:35

Komwavuze ko kwiga vyavuye kubice19 gushika kubice 85 none komutavuze amacakubiri yazanye mumashuri ko Abahutu tuzi ko babwiga kworora no kurima abatutsi nabo bakabwigwa kuja mumashuri no mugisirikare Abahutu bandi bikibwa za concour uwayitoye akayibwa igahabwa umututsi adaciye ubwenge akiga atakoze bimuza muravuga vyose niho UBURUNDI Bwacu buzokira.murakoze.

66
jean 2016-05-04 09:28:33

Komwavuze ko kwiga vyavuye kubice19 gushika kubice 85 none komutavuze amacakubiri yazanye mumashuri ko Abahutu tuzi ko babwiga kworora no kurima abatutsi nabo bakabwigwa kuja mumashuri no mugisirikare Abahutu bandi bikibwa za concour uwayitoye akayibwa igahabwa umututsi adaciye ubwenge akiga atakoze bimuza muravuga vyose niho UBURUNDI Bwacu buzokira.murakoze.

67
Rusonzera 2016-04-05 18:07:49

Nyakubahwa mutama ivyo yakoze sivyo kwibagira kuku mubatwaye bose ntawakoze nkawe kandi ntanuwimirije ""::none kubera iki Imana itatwongeye umutegetsi nkuyo ? Ibaze nawe ndetse giricuvuze! Mbe hokogwa iki ngo Uwiteka asubire kutufodesha Gira ico ubivuzeko tnx

68
ndikubugingo elyse 2015-12-29 18:37:45

turakwiyevgushigikira imigambi yabagaza kuko yarafise imigambi irashe

69
Frederic 2015-12-05 09:22:34

Uriya musaza yakoreye abarundi neza ndetse n’afurika muri rusange.

70
Frederic 2015-12-05 09:21:18

Uriya musaza yakoreye abarundi neza ndetse n’afurika muri rusange.

Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5 | 6 | 7 | 8 | 9  

Kumenyekanisha