Ubusumbasumbane bw’ubwoko bwavuye he

19 4-12-2012 - saa 02:39, IGIHE

Kahise k’uBurundi k’imbere y’intwaro ya gikoroni karimwo igipfungu cinshi.Ivyo bitegwa n’uko bamwe n’abandi bakavuga bakurikije ivyiyunviro vyabo canke inyungu zabo. Abanyamahanga bo ku ntwaro z’igikoroni bafise ukwo babisigura ,abandi nabo n’abo mu bwoko bukuru mu gihugu, abo bose ntiberekana neza kahise kuko babivuga ugutandukanye,ivyo bikunyugwa nuko atavyanditswe kera bihari kuri kahise k’igihugu uretse ibitabo vyanditswe mu nyuma . Ikindi n’uko ata mwanya mwiza uraboneka kugira ngo (...)

Kahise k’uBurundi k’imbere y’intwaro ya gikoroni karimwo igipfungu cinshi.Ivyo bitegwa n’uko bamwe n’abandi bakavuga bakurikije ivyiyunviro vyabo canke inyungu zabo.

Abanyamahanga bo ku ntwaro z’igikoroni bafise ukwo babisigura ,abandi nabo n’abo mu bwoko bukuru mu gihugu, abo bose ntiberekana neza kahise kuko babivuga ugutandukanye,ivyo bikunyugwa nuko atavyanditswe kera bihari kuri kahise k’igihugu uretse ibitabo vyanditswe mu nyuma . Ikindi n’uko ata mwanya mwiza uraboneka kugira ngo bitondere kurondera kumenya ukuri .

Ikizwi muri kahise ka kano karere n’uko ubwoko bw’abatwa bwaba ku nkengera z’ikiyaga Kivu,bari batunzwe no guhiga hanyuma mu kinjana ca cumi na gatandatu haza aba hutu abo nabo bari abarimyi,mu nyuma yaho haza aba tutsi bazananye mu buraruko ,abo bari batunzwe n’ubworozi.

Abanyamahanga bashitse ubwa mbere bavuga ko ubwoko bw’aba tutsi bwegereye intwaro ya cami.Ivyigwa vyagizwe mu nyuma vyerekana ko aba hutu n’abatutsi bari basanzwe baba muri kano karere kuva mu kimpumbi ca mbere inyuma yukuvuka kwa Yezu ,ivyo rero bikaba bitandukanye n’ivyo abanditsi b’ivya mbere bafatiyeko.
Benshi ntibemeza neza ibivugwa ku muzo w’aba hutu n’aba tutsi ariko bagahuriza ku kwemeza yuko aba twa ari abasangwa butaka. Insiguro y’abazungu kuvyerekeye ko aba tutsi bava mu muryango wa Cham umuhungu wa Nowa,niryo rufatiro rw’ikibazo abize akahise bafise haraheze imyaka 30.

Aba hutu bakavyamirira kure kuko babona ko ari uburyo bwo guha agaciro aba tutsi. Mu vyukuri ivyo aba tutsi benshi ntibabiha agaciro kubera bitajanye na kahise ka kano karere ariko bijanye n’inyigisho z’ijambo ry’Imana. Kuko na none nivyo vyatumye haduka indyane zifatiye ku moko mu Rwanda no mu Burundi.

Mugihe c’abami abanyagihugu bafatira ku miryango y’aho babaye kuko iyo miryango yatuma berekana ihuriro ry’ico bari ariko bataravye bati uyu n’umu hutu canke umu tutsi ariko vyarashika ugasanga akarere kagwiriyemwo bamwe canke bariya ,mugihe mu Rwanda hoho umuryango wo wasanga urimwo amoko yose.

Ivyo biribonekeza mu Burundi kuko no mw’i bwirizwa nshingiro ry’u Burundi ikibazo c’ubwoko bagifatirako mu gutora amategeko . Ivyo biri uko mugihe mu Rwanda hoho ibijanye n’ubwoko batabifatira ko kuva inyuma yaho habereye ihonyabwoko mu mwaka w’1994, mbere bakaba barabikuye no mw’ibwirizwa nshingiro kuva mu mwaka w’2003.
Umuryango w’abaganwa mu Burundi ari nawo wavamwo abami wari hejuru y’iyindi miryango y’aba hutu, aba tutsi n’aba twa.

Biremezwa kandi ko ubwoko bw’aba tutsi bwari hejuru y’u Bundi kuko barashobora guha amategeko aba hutu n’aba twa ,ivyo akaba ari vyo ababirigi bakoresha kugira bagabure ubwoko, kugira biborohere kugumana ubwiganze mu gihugu .

Mugihe aba twa bobo batarenga igice kimwe kw’ijana ntibigeze bicwa kuko ubundi bwoko bwabafata nk’abantu ataco bamaze mu gihugu gushika aho ata muntu yashobora gusangira nabo ,ariko bari bafise ubwigenge bwo gushikiriza amajambo, mbere n’ibwami.
Tugerageje kurengera ivy’ubwoko ,aba hutu n’aba tutsi bavuye hamwe gusa itandukaniro nuko aba tutsi bari aborozi aba hutu nabo bakaba abarimyi.Ururimi nirwo rutandukanya ubwoko muri rusangi, ariko abarundi bose bavuga ururimi rumwe arico kirundi, bagasenga Imana imwe , kandi ivyo biri uko no mu Rwanda. Aha rero murumva ko kuvuga ubwoko mu burundi bitagira ifatiro.

Bizobandanya.................

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

32859 1 2-04-2014
Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2  

1
claude 2018-05-26 10:52:06

ahoho bwabundi ivyubwoko sivyubu nivyakera gose ariko barakwiye kubihec kubera urunva vyarataye garanti

2
Irakoze Joël 2017-05-25 19:50:13

Jewe Numva Bavuga Umukobwa Afise Igituba Cumukundanyo Usanga Ari Mutomuto

3
Nkurunziza Felix 2017-05-05 15:54:06

Jewe Numvanezako Ivyubwoko Kwari Ugusaka Kwingungirako Ibi,canke Biriya.Nayubundibwo Bose Numva Aribamwe Kanatsinda,bahuriye Bose Mugihugu.Ariko Mbona Abatwa Aribo Iyobiza Kuba Bikunda Nibo Bene Igihugu.Abandi Ninyambukira.

4
RUCAHAKOMEYE 2017-03-16 17:10:13

Muburundi mwomenya kwatabwoko buhari nubukunzi bwinda bwabanye politique baba bashaka gusika kubutegetsi kuko ururimi ruravyerekana twese tuvuga ikirundi nkomuri tanzania bavuga indimi zirenga 100 bemeza konubwoko buca burenga ntantambara zubwoko bafise ndemeza komuburundi turobwoko bumwe

5
haragirimana eric 2017-02-04 15:00:36

abatwa abahutu abatutsi baje bavamugihugucahe?

6
Coyantutse serges 2016-08-23 17:35:05

Nshaka kumenya ivyerekey urupfu rw Adolphe nshimirimana

7
Ryivuze Gérard 2016-08-07 23:23:32

Ntidukwiye guha agaciro ubwoko naho iwacu muburundi kwitwa ubwoko runaka aricaha gihanishwa kwicwa.duhe agaciro ubuzima ba kiremwa muntu.

8
Niyonemera Tharcisse. 2016-05-25 21:55:09

Murakoze Cane!Ariko Nashaka Ndabasabe Mumbarire Kubijanye N-imigenzo Y-ikirundi N-abarundi Baho Hambere.

9
leonard 2016-04-30 12:47:50

Murakoz tubasab mutubwir ukuntu imiryango yagiy iritwa amazina atandukany

10
leonard 2016-04-30 12:46:16

Murakoz tubasab mutubwir ukuntu imiryango yagiy iritwa amazina atandukany

Paji: 1 | 2  

Kumenyekanisha