Uburyo abigeme bomenya ko abasore bavugishije ukuri mukubasaba urukundo

44 11-07-2013 - saa 04:11, IGIHE

Birashika ko umuntu agusaba urukundo maze ukarumwima kuko atarukundo umufiseko, canke ukarumuha kubera impuhwe umufitiye, ndetse ari naho ukunda umuntu kubera ibintu wamubonyeko, ukamukunda ku bw’amafaranga wamubonanye, ariko mu vy’ukuri atarukundo umukunda.
Mu bihugu vyateye imbere ho bisigaye ari ikibazo gikomeye, kuko umuntu arashobora kukwikundishako mu ganshinga urugo ariko atarukundo na ruto agufitiye, ariko inyuma yaho, agatangura kurondera imvo zotuma mwahukana hanyuma intumbero yiwe (...)

Birashika ko umuntu agusaba urukundo maze ukarumwima kuko atarukundo umufiseko, canke ukarumuha kubera impuhwe umufitiye, ndetse ari naho ukunda umuntu kubera ibintu wamubonyeko, ukamukunda ku bw’amafaranga wamubonanye, ariko mu vy’ukuri atarukundo umukunda.

Mu bihugu vyateye imbere ho bisigaye ari ikibazo gikomeye, kuko umuntu arashobora kukwikundishako mu ganshinga urugo ariko atarukundo na ruto agufitiye, ariko inyuma yaho, agatangura kurondera imvo zotuma mwahukana hanyuma intumbero yiwe akayishikako agafata amwe mu matungo yiwawe agatwara ayahawe n’amategeko.
Hari ibintu umuntu yoshingirako kugira urabe umenye ko vyukuri ukwiyumvira ko mwohebana ndetse ukabishira no mu ngiro vyoba vyavuye ku mutima, haba mu Burundi canke mu bindi bihugu :

1.Uburyo abikubarira ni kimwe mu vyokwereka ko avugisha ukuri.

Ntiwopfa kumenya ko umuntu akubwiza ukuri ariko raba icubahiro, ukwiyorosha n’agaciro abivuganye. Niyaba agusavye urukundo yiyemeye cane, asa nk’uwugutegeka, burya aba akubeshe.

2.Ahantu abikubwiriye hashobora kukwereka ko urukundo arukeneye vyukuri.

Nk’iyo agusavye urukundo, akarugusaba imbere y’abantu benshi bakuzi kandi nawe bamuzi hari amanota aba yongeyeho kurusha aho yogusabiye urukundo mu mpisho. Kandi, hari ahantu haba hadakwiriye kuvugirwa amagambo meza y’urukundo.

3.Igihe abikubariye, kuko hari igihe kitaba arico gusaba urukundo.

Akarorero, nk’igihe agusanze uri kukigandandaro c’umuntu wawe canke c’uwundi akahagusabira urukundo, urumva ko ariko arakugushinyagurira. Canke akagusaba urukundo mu gihe yaborewe, urumva ko akubwira ibadatonze k’umurongo kandi bidahwanye.Muri icogihe, avuga ibisunitswe n’impwemu vyose kandi bitaroranye
Ikintu cose kigira umwanya waco niyo mpamvu n’umuntu ugusaba urukundo adategerezwa kugufatira aho akuboneye hose.

4.Imvo yamuteye kugusaba urukundo ningombwa kuyimubaza

Ukamubaza ica mutumye agana wewe n’impamvu yumva yipfuza ko urukundo rwanyu rwobaho. Ukamenya nimba ari urukundo rwa kanya gato canke urukundo rugiye kubandanya gushika urupfu rubatandukanye. Mu gihe wumvise ko impavu zo mutumye aza kuri wewe zidafadika, vyiza womusezera ukamubwiza ukuri ko bidashoboka.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5  

31
eric hafashimana 2017-01-22 14:12:36

nyungisha amajambo wokoresha mukwaka urukundo muzoba mukoze

32
NTAKARUTIMANA JOACHIM 2016-12-27 22:31:50

NNE MUKUNDANY GUSAMBAN NI VYIZA?

33
emmanuel mukaryasi iburundi 2016-12-09 15:03:58

nukuri umukobwa wubu yabanumugbngu wubu bose dukunda amaronko nihahandi jegusa narose umwana wumwigeme ankunda sinoreba ivyo kuko ibintu nibiro nderw

34
Mushengezi Léonce 2016-11-25 20:20:49

Nukur Mwarakoz Kaub Mwarafashij Aban Babant Murukund!Nukur Mwaradutohorej!Kabis Birakwiy K Wasaba Urukund Wiyumviriy Kand Utuj!Kand Ukabifatir Umwany!N Léonce

35
Claude 2016-10-14 19:48:16

Haaa! Ivyurukund Ntivyorosh

36
Ndikumukiza augustin 2016-09-11 16:29:44

nivyo?!?

37
miburo innocent 2016-08-28 19:14:02

ivyomwandika nukuri pe! ariko hari umuntu usaba urukundo akibaza ngo umutima urarutse haheze igihe mukundanye agatangura kukwima umwanya canke murikumwe agahaguruka akagenda atagusezeye none nkuwo wumva yoba agukunda canke afise abandi

38
Eiias 2016-08-09 06:44:01

nivyiza

39
prosper 2016-07-21 20:35:15

mfis tmukunzi nshaka kumenya kwanknda vyukuri

40
Astere 2016-06-27 20:57:05

Ngirango Aragukunda!

Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5  

Kumenyekanisha