Uburyo abigeme bomenya ko abasore bavugishije ukuri mukubasaba urukundo

44 11-07-2013 - saa 04:11, IGIHE

Birashika ko umuntu agusaba urukundo maze ukarumwima kuko atarukundo umufiseko, canke ukarumuha kubera impuhwe umufitiye, ndetse ari naho ukunda umuntu kubera ibintu wamubonyeko, ukamukunda ku bw’amafaranga wamubonanye, ariko mu vy’ukuri atarukundo umukunda.
Mu bihugu vyateye imbere ho bisigaye ari ikibazo gikomeye, kuko umuntu arashobora kukwikundishako mu ganshinga urugo ariko atarukundo na ruto agufitiye, ariko inyuma yaho, agatangura kurondera imvo zotuma mwahukana hanyuma intumbero yiwe (...)

Birashika ko umuntu agusaba urukundo maze ukarumwima kuko atarukundo umufiseko, canke ukarumuha kubera impuhwe umufitiye, ndetse ari naho ukunda umuntu kubera ibintu wamubonyeko, ukamukunda ku bw’amafaranga wamubonanye, ariko mu vy’ukuri atarukundo umukunda.

Mu bihugu vyateye imbere ho bisigaye ari ikibazo gikomeye, kuko umuntu arashobora kukwikundishako mu ganshinga urugo ariko atarukundo na ruto agufitiye, ariko inyuma yaho, agatangura kurondera imvo zotuma mwahukana hanyuma intumbero yiwe akayishikako agafata amwe mu matungo yiwawe agatwara ayahawe n’amategeko.
Hari ibintu umuntu yoshingirako kugira urabe umenye ko vyukuri ukwiyumvira ko mwohebana ndetse ukabishira no mu ngiro vyoba vyavuye ku mutima, haba mu Burundi canke mu bindi bihugu :

1.Uburyo abikubarira ni kimwe mu vyokwereka ko avugisha ukuri.

Ntiwopfa kumenya ko umuntu akubwiza ukuri ariko raba icubahiro, ukwiyorosha n’agaciro abivuganye. Niyaba agusavye urukundo yiyemeye cane, asa nk’uwugutegeka, burya aba akubeshe.

2.Ahantu abikubwiriye hashobora kukwereka ko urukundo arukeneye vyukuri.

Nk’iyo agusavye urukundo, akarugusaba imbere y’abantu benshi bakuzi kandi nawe bamuzi hari amanota aba yongeyeho kurusha aho yogusabiye urukundo mu mpisho. Kandi, hari ahantu haba hadakwiriye kuvugirwa amagambo meza y’urukundo.

3.Igihe abikubariye, kuko hari igihe kitaba arico gusaba urukundo.

Akarorero, nk’igihe agusanze uri kukigandandaro c’umuntu wawe canke c’uwundi akahagusabira urukundo, urumva ko ariko arakugushinyagurira. Canke akagusaba urukundo mu gihe yaborewe, urumva ko akubwira ibadatonze k’umurongo kandi bidahwanye.Muri icogihe, avuga ibisunitswe n’impwemu vyose kandi bitaroranye
Ikintu cose kigira umwanya waco niyo mpamvu n’umuntu ugusaba urukundo adategerezwa kugufatira aho akuboneye hose.

4.Imvo yamuteye kugusaba urukundo ningombwa kuyimubaza

Ukamubaza ica mutumye agana wewe n’impamvu yumva yipfuza ko urukundo rwanyu rwobaho. Ukamenya nimba ari urukundo rwa kanya gato canke urukundo rugiye kubandanya gushika urupfu rubatandukanye. Mu gihe wumvise ko impavu zo mutumye aza kuri wewe zidafadika, vyiza womusezera ukamubwiza ukuri ko bidashoboka.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5  

21
Sindayigaya Audace 2017-04-16 06:08:04

Je Fise Umukobwa Naramubwiye Ndamubajij Ko Ankunda Avuga Ko Akunda Abantu Bos Mugab Nkab Nzi Ko Afise Uwundi Akunz Baban Hafi Duhuye Arampa Umwanya Wo Kuganira Naw,non Mbandanye?

22
MEDINE 2017-04-14 16:18:38

IVYO NIVY VRAIMENT ARIKO HARI UWUKUBWIRA NGO ICO YAGUKUNDIY NICO BENSHI BATAZI MUGA NTAKIKUBWIRE HOHO WOVYIFATAMWO GUTE?

23
Mahulidhi 2017-04-04 15:59:36

Kweri Bisab Ukwitonda Murivyo

24
nizigiyimana jbosco 2017-04-01 21:15:36

nkundumukobwa mugabo iyotwicaranye ahora abwira atokwemera yuko ndamukunda.Nimungire inama yukuntunobimwumbisha murakoze

25
Nimpaye Cedrick 2017-03-30 22:00:26

urukundo rwibihe vyose ruba rumeze gute?

26
Simeon 2017-03-25 14:40:16

None Ni Kubera Iki Umukobwa Umusaba Urukundo Akarukwima Kandi We Wavyipfuza Cane Ko Mukundana Urw’ibihe Vyanye Vyose?

27
Kenny Alec Nimubona 2017-03-11 13:31:40

Ni ikih kintu cokwereka ko umukobwa agukunda vyukuri
nanj ndipfuza imitoma ya mbere yo gusab urukundo rw’ukuri

28
Patrick 2017-02-28 07:53:02

Iyo Mukundaye N,Umukobwa Kanaka Akagusaba Ivyumuha Abagombiki? Canke Nigiki Kimenyesha Umuhungu Ko Umukobwa Amukunda?

29
Edoird 2017-02-11 07:26:37

Ndabaramukij Nagomba Imitoma Ya Mbere Yogusaba Urukundo Yukuri

30
Dusabe Antoine 2017-02-05 20:50:20

Nyigish’amajambo wobwira Umukobwa Kugira yisime Muzoba Mukoze.

Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5  

Kumenyekanisha