Uburyo abigeme bomenya ko abasore bavugishije ukuri mukubasaba urukundo

44 11-07-2013 - saa 04:11, IGIHE

Birashika ko umuntu agusaba urukundo maze ukarumwima kuko atarukundo umufiseko, canke ukarumuha kubera impuhwe umufitiye, ndetse ari naho ukunda umuntu kubera ibintu wamubonyeko, ukamukunda ku bw’amafaranga wamubonanye, ariko mu vy’ukuri atarukundo umukunda.
Mu bihugu vyateye imbere ho bisigaye ari ikibazo gikomeye, kuko umuntu arashobora kukwikundishako mu ganshinga urugo ariko atarukundo na ruto agufitiye, ariko inyuma yaho, agatangura kurondera imvo zotuma mwahukana hanyuma intumbero yiwe (...)

Birashika ko umuntu agusaba urukundo maze ukarumwima kuko atarukundo umufiseko, canke ukarumuha kubera impuhwe umufitiye, ndetse ari naho ukunda umuntu kubera ibintu wamubonyeko, ukamukunda ku bw’amafaranga wamubonanye, ariko mu vy’ukuri atarukundo umukunda.

Mu bihugu vyateye imbere ho bisigaye ari ikibazo gikomeye, kuko umuntu arashobora kukwikundishako mu ganshinga urugo ariko atarukundo na ruto agufitiye, ariko inyuma yaho, agatangura kurondera imvo zotuma mwahukana hanyuma intumbero yiwe akayishikako agafata amwe mu matungo yiwawe agatwara ayahawe n’amategeko.
Hari ibintu umuntu yoshingirako kugira urabe umenye ko vyukuri ukwiyumvira ko mwohebana ndetse ukabishira no mu ngiro vyoba vyavuye ku mutima, haba mu Burundi canke mu bindi bihugu :

1.Uburyo abikubarira ni kimwe mu vyokwereka ko avugisha ukuri.

Ntiwopfa kumenya ko umuntu akubwiza ukuri ariko raba icubahiro, ukwiyorosha n’agaciro abivuganye. Niyaba agusavye urukundo yiyemeye cane, asa nk’uwugutegeka, burya aba akubeshe.

2.Ahantu abikubwiriye hashobora kukwereka ko urukundo arukeneye vyukuri.

Nk’iyo agusavye urukundo, akarugusaba imbere y’abantu benshi bakuzi kandi nawe bamuzi hari amanota aba yongeyeho kurusha aho yogusabiye urukundo mu mpisho. Kandi, hari ahantu haba hadakwiriye kuvugirwa amagambo meza y’urukundo.

3.Igihe abikubariye, kuko hari igihe kitaba arico gusaba urukundo.

Akarorero, nk’igihe agusanze uri kukigandandaro c’umuntu wawe canke c’uwundi akahagusabira urukundo, urumva ko ariko arakugushinyagurira. Canke akagusaba urukundo mu gihe yaborewe, urumva ko akubwira ibadatonze k’umurongo kandi bidahwanye.Muri icogihe, avuga ibisunitswe n’impwemu vyose kandi bitaroranye
Ikintu cose kigira umwanya waco niyo mpamvu n’umuntu ugusaba urukundo adategerezwa kugufatira aho akuboneye hose.

4.Imvo yamuteye kugusaba urukundo ningombwa kuyimubaza

Ukamubaza ica mutumye agana wewe n’impamvu yumva yipfuza ko urukundo rwanyu rwobaho. Ukamenya nimba ari urukundo rwa kanya gato canke urukundo rugiye kubandanya gushika urupfu rubatandukanye. Mu gihe wumvise ko impavu zo mutumye aza kuri wewe zidafadika, vyiza womusezera ukamubwiza ukuri ko bidashoboka.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5  

11
Emmanuel Turikumwenayo 2017-06-17 09:13:14

mbora Nibaza Igituma Umukobwa Ashobora Kukwemera Ko Umukunda Hama Agahindura Kand Ataco mupfuye Akakubwiza Ukuri Kataco Mupfuye Ngaho Umuntu Yobifata Gute?

12
MANIRAKIZA 2017-06-10 22:10:08

NONE KUBUBATSE WOMENYA GUTE KO UMUGORE AGUKUNDA?MBE KUMUGABO HO?

13
pamphyle 2017-05-28 12:47:17

none nkumukobwa muhuriye ahantu akarorero kurugendo nkomugihe ugombe ufate bus utamubwiye impamvu umukundiye mbega urworukundo ruzorama

14
Irakoze Joël 2017-05-26 16:49:14

Nkuze Umukobwa Ashaka Koturyamana Narase Niyumviriye Kwashaka Kunteza Ingorane Mwontoza Umugambi Nokoresha Ko Ntarubaka

15
Irakoze Joël 2017-05-25 20:40:08

Ivyubu Nihatari Aho Usanga Umukobwa Akunda Abahungu Nka 3 Nabagabo Nkatatu Nimuntoze Ingigo Nokoresha Hari Umbariye Hakugiha Umusore Ngo Wogiha Ugabo Wewe Atabivuga Basore Dufate Iki

16
Petronie kwizerimana 2017-05-13 15:05:30

non ntashobora kugusab urukund kand avyiyumvamw naw uvyiyumvamw bigahinduka munyuma?nikuki non hagera igihe mukikuranamw burundu vyukur mub mwarakundana?

17
jean claude irakoze 2017-05-12 16:41:45

ndabshimiy kunkuru mudushkiriza zinyura bweng nn niryari umuntu agra ivyipfuzo bidafse?

18
Fabie Ntirampeba 2017-05-05 23:25:39

None womenya gute ko umukobwa agukunda vyukuri??

19
Ndayishimiye.Jérémie 2017-04-26 19:55:21

Jewendakundamugabo.Ntamukozeko.Abona.Umengondamwanka.Mwofashiki?

20
PONTIEN Kabavenge 2017-04-23 20:58:09

IVYO NIVYO PE MURAKOZE CANE.

Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5  

Kumenyekanisha