Uburyo abigeme bomenya ko abasore bavugishije ukuri mukubasaba urukundo

44 11-07-2013 - saa 04:11, IGIHE

Birashika ko umuntu agusaba urukundo maze ukarumwima kuko atarukundo umufiseko, canke ukarumuha kubera impuhwe umufitiye, ndetse ari naho ukunda umuntu kubera ibintu wamubonyeko, ukamukunda ku bw’amafaranga wamubonanye, ariko mu vy’ukuri atarukundo umukunda.
Mu bihugu vyateye imbere ho bisigaye ari ikibazo gikomeye, kuko umuntu arashobora kukwikundishako mu ganshinga urugo ariko atarukundo na ruto agufitiye, ariko inyuma yaho, agatangura kurondera imvo zotuma mwahukana hanyuma intumbero yiwe (...)

Birashika ko umuntu agusaba urukundo maze ukarumwima kuko atarukundo umufiseko, canke ukarumuha kubera impuhwe umufitiye, ndetse ari naho ukunda umuntu kubera ibintu wamubonyeko, ukamukunda ku bw’amafaranga wamubonanye, ariko mu vy’ukuri atarukundo umukunda.

Mu bihugu vyateye imbere ho bisigaye ari ikibazo gikomeye, kuko umuntu arashobora kukwikundishako mu ganshinga urugo ariko atarukundo na ruto agufitiye, ariko inyuma yaho, agatangura kurondera imvo zotuma mwahukana hanyuma intumbero yiwe akayishikako agafata amwe mu matungo yiwawe agatwara ayahawe n’amategeko.
Hari ibintu umuntu yoshingirako kugira urabe umenye ko vyukuri ukwiyumvira ko mwohebana ndetse ukabishira no mu ngiro vyoba vyavuye ku mutima, haba mu Burundi canke mu bindi bihugu :

1.Uburyo abikubarira ni kimwe mu vyokwereka ko avugisha ukuri.

Ntiwopfa kumenya ko umuntu akubwiza ukuri ariko raba icubahiro, ukwiyorosha n’agaciro abivuganye. Niyaba agusavye urukundo yiyemeye cane, asa nk’uwugutegeka, burya aba akubeshe.

2.Ahantu abikubwiriye hashobora kukwereka ko urukundo arukeneye vyukuri.

Nk’iyo agusavye urukundo, akarugusaba imbere y’abantu benshi bakuzi kandi nawe bamuzi hari amanota aba yongeyeho kurusha aho yogusabiye urukundo mu mpisho. Kandi, hari ahantu haba hadakwiriye kuvugirwa amagambo meza y’urukundo.

3.Igihe abikubariye, kuko hari igihe kitaba arico gusaba urukundo.

Akarorero, nk’igihe agusanze uri kukigandandaro c’umuntu wawe canke c’uwundi akahagusabira urukundo, urumva ko ariko arakugushinyagurira. Canke akagusaba urukundo mu gihe yaborewe, urumva ko akubwira ibadatonze k’umurongo kandi bidahwanye.Muri icogihe, avuga ibisunitswe n’impwemu vyose kandi bitaroranye
Ikintu cose kigira umwanya waco niyo mpamvu n’umuntu ugusaba urukundo adategerezwa kugufatira aho akuboneye hose.

4.Imvo yamuteye kugusaba urukundo ningombwa kuyimubaza

Ukamubaza ica mutumye agana wewe n’impamvu yumva yipfuza ko urukundo rwanyu rwobaho. Ukamenya nimba ari urukundo rwa kanya gato canke urukundo rugiye kubandanya gushika urupfu rubatandukanye. Mu gihe wumvise ko impavu zo mutumye aza kuri wewe zidafadika, vyiza womusezera ukamubwiza ukuri ko bidashoboka.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5  

1
NKURUNZIZA innocent 2018-11-16 21:07:49

nasaka kubabaza kugira umukobwa ubone kwagukunda vyogenda gute?

2
NKURUNZIZA EREVANI 2018-11-16 20:49:36

Andika hano

3
Manirakiza 2018-05-17 19:15:29

Andika hanoj nagomb mbabaz none wo menya gute ko umukobwa agukunda vyukuri?

4
Pontien 2017-08-19 09:06:06

murakoz Kuri Izo Mpanuro Muduhaye!

5
IRISHURA Léo Bely Igiraneza 2017-08-17 20:00:08

IVYO NIVYO WOKORA.URITONDA UKABIMUSAB NAWENYENE ARAHANT YOROHEWE.

6
SAMUELLA 2017-08-16 20:05:59

NI MUNSIGURIRE UBWOKO BWAYA MASHURWE "ORANGE,IROZA,ROUGE,UBURURU

7
YVES 2017-08-16 13:53:22

MUTUBWIYE.UKURI.ARIKO.BIRAGOYEKUMENYA.KUMUNTU.YAGUKUNZE.HARUBIVUGA.ATABIKUYE.KUMUTIMA.UKABONA’KO.ARIBYO.ARIKO.UGASANGA.NTASHINGIRO.BIFITE.MURAKOZE

8
Innocent Ntakarutimana Muco 2017-08-06 13:02:29

ego cane ivyo ni bimwe muri vyinshi borabirako ko umuhungu abavugishje abakunda vyukuri.nne mugihe har acpfa kwemera urukundo badatohje kw’ivy muvuze vyogenda gte kugra abmenye rumaze gtangura?

9
Irankunda 2017-08-04 10:09:57

abigeme Nibumve Kabisa!

10
ezechiel ndayisAba 2017-07-20 23:54:34

Jeew l nar nkunz umikobw tumRany imusk 4 ark uyumjs ysmbwiy na arampe nn nzomurogesh

Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5  

Kumenyekanisha