Tanganyika: Hari ubwoko bw’amafi buriko buragenda akagirire

0 22-10-2013 - saa 04:25, IGIHE

Kubona ikiyaga Tanganyika kidafashwe neza, ivyo bituma ibinyabuzima bikibamwo bimwe bimwe ndetse usanga biri muri ico kiyaga gusa atahandi mu bindi biyaga biri biriko birahunga, ibindi bikicwa n’ifatwa nabi ry’ico kiyaga.
Nk’uko bivurwa n’umupfasoni Lewoniya Nzeyimana umuyobozi wigisata c’amazi n’uburovyi, amenyesha ko ikiyaga Tanganyika gifise ubwoko bwinshi bw’amafi bugera ku 300, mu gihe akarere kose gatunze ubwoko 1000. Ubwoko bumwe bw’ayo mafi avuga ko buta amagi ku nkengera z’ikiyaga, zivuye (...)

Kubona ikiyaga Tanganyika kidafashwe neza, ivyo bituma ibinyabuzima bikibamwo bimwe bimwe ndetse usanga biri muri ico kiyaga gusa atahandi mu bindi biyaga biri biriko birahunga, ibindi bikicwa n’ifatwa nabi ry’ico kiyaga.

Nk’uko bivurwa n’umupfasoni Lewoniya Nzeyimana umuyobozi wigisata c’amazi n’uburovyi, amenyesha ko ikiyaga Tanganyika gifise ubwoko bwinshi bw’amafi bugera ku 300, mu gihe akarere kose gatunze ubwoko 1000. Ubwoko bumwe bw’ayo mafi avuga ko buta amagi ku nkengera z’ikiyaga, zivuye hagati mu kiyaga Tanganyika. Muri iyi myaka rero, ubwoko bumwe bumwe nka Tilapia, Kavungue, Kuhe n’ubundi bwoko buriko burahona. Bumwe bwarahunze mu gihe ubundi bwoko bupfa, ari naco gituma amafi atera agabanuka kw’isoko, mu gihe ubwoko 200 bwahora buba hafi y’inkengera z’ikiyaga ubu bwahonye.

Umupfasoni Nzeyimana avuga ko mu mwaka w’2000 haboneka itoni z’ifi ibihumbi 20, mu gihe mu mwaka w’2010, habonetse umwimbu ungana n’itoni ibihumbi 10 gusa. Muri iki gihe rero, umuyobozi w’igisata c’amazi n’uburovyi avuga ko bariko barakora ibishoboka vyose, kugira umwimbu w’ifi usubire kuduga. Mu mwaka w’2012, umwimbu wabonetse ukaba ari itoni ibihumbi 14.

Mu kurangiza uyo mupfasoni asaba abanyagihu gukora ibishoboka kugira ikiyaga Tanganyika gikingirwe, ndetse umwimbu w’uburovyi muri ico kiyaga ushobore kwiyongera.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha