Suède : Amashirahamwe y’abarundi ntahuriza ku myiyerekano yabereye i Stockholm

17 5-04-2014 - saa 16:38, IGIHE

Amashirahamwe y’abarundi bo mu gihugu ca Suède ntavuga rumwe ku myiyerekano yabereye imbere y’ahakorera inama nshingamateka y’igihugu ca Suède ku munsi w’ejo kuwa gatanu.
Mu rwandiko rwasohowe n’ishirahamwe rirongowe n’uwitwa Macaire Bacamurwanko, bamwe mu barundi bo mu gihugu ca Suède bamenyesheje ko batangajwe n’akarwi k’abantu bari ku rushi bateguye imyiyerekano biyitirira abarundi bose bo mu gihugu ca Suède, kandi batari bavyumvikanye.
Abo barundi bavuga ko badashigikiye iyo myiyerekano bagiriza (...)

Amashirahamwe y’abarundi bo mu gihugu ca Suède ntavuga rumwe ku myiyerekano yabereye imbere y’ahakorera inama nshingamateka y’igihugu ca Suède ku munsi w’ejo kuwa gatanu.

Mu rwandiko rwasohowe n’ishirahamwe rirongowe n’uwitwa Macaire Bacamurwanko, bamwe mu barundi bo mu gihugu ca Suède bamenyesheje ko batangajwe n’akarwi k’abantu bari ku rushi bateguye imyiyerekano biyitirira abarundi bose bo mu gihugu ca Suède, kandi batari bavyumvikanye.
Abo barundi bavuga ko badashigikiye iyo myiyerekano bagiriza ko inyegeje inyuma intumbero ya poritike, kandi mw’ishirahamwe ry’abarundi bo mu gihugu ca Suède badakora ibikorwa vya poritike.

JPEG - 144.6 ko
Imyiyerekano y’abarundi yabereye i Stockholm

Macaire Bacamurwanko, kw’izina ry’abarundi bo muri Suède bavuga ko badashigikiye ivyakozwe n’abihereje amabarabara, amenyesha ko batashimye amajambo yashikirijwe n’abo bari mu myiyerekano, kuko ku bwiwe yari amajambo acapfuza isanamu y’igihugu c’Uburundi mu makungu.

Basaba ishirahamwe ry’abarundi bo muri Suède kwama bakora ivyo bumvikanye gusa, ntihagire uwitirira uwutamutumye. Abashaka gukora poritike nabo, boyikora ku gatwe kabo, bubahirije amategeko.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2  

11
William 2014-04-06 01:31:13

iyo INKOKO IBITSE NAHO UYIBAGA NTUBA WISHE ICO YAVUZE AUSTRALIA NATWE TURITEGUYE. MURINDIRE

12
Claude 2014-04-05 23:30:22

Ico abantu bomenya, Macaire ntaserukira abarundi muri Suède. Macaire kandi ntaserukira CNDD-FDD, ntari no muri komité. Cndd muri Suède itwagwa na James muto wa Ntakarutimana no. 3 muri CNDD.

Hanyuma ico abantu bomenya Macaire yigira gugu atari we. N´umuntu w´amacakubiri arenze urugero. Ikibimenyesha nivyo aherutse kwandika, vy´abahunze abakomagu, akavuga no kwambika ama pneus abantu. N´uwambere azanye ibi bintu muri Suède. Ahubwo abantu nugusaba ababijejwe bakabiraba neza.

13
Ngwair 2014-04-05 23:21:02

Bumva ngo hariya habaye Imyiyerekana nabo babuzi ico bakora ngo reka tuje kwiyanikira,uburundi ntibutemba ngo nuko muriko mubwerekana nabi,hamuna uzalendo!

14
jombe 2014-04-05 19:07:45

ntimwirigwe.murabaza.vyishi.nimvugoiramuranga.koarumusongambere.ntawenzi.ariko.nsomweivyoyavuzenaciyendamwibwirako.arumu.ddd

15
2014-04-05 18:58:44

ahubwo abo batutsi batabona iyigihugu cavuye naho kigeze babwire kwamase yakera ataghoma urvaro.arega mugabo nivyo ivyabaye kwaribo babigize.arega harya baramaramara babona igihugu giterimbere nabo bari baragisibije.sha nibabandanye barukarisha tuzorubamwesha iyo mihimbiri

16
rutwe 2014-04-05 17:21:15

none ko muvuga ko macaire atazi igifarasa mwebwe mukizi mumaze iki hari abantu bangana iki muri swede? abobantu bahagaze ngaho bobo ni bangahe ? muvyukuri hari abasya batambaye kugira batembagaze Leta ariko sinibaza ko bazobishobora uwofata abakoze imyiyerekano bose akabateraniriza hamwe ntibangana n’abarundi bari mugisagara kimwe ca dallas muri Leta zunze ubumwe za America.. shame on y’ll

17
mutama 2014-04-05 16:52:09

Macaire ni umukru wa CNDD-FDD MURI sWEDE, MURUMVA KO ADASHOBORA GUSHIKIRA IMYIYEREKANO.
KANDI RIRYA KETE RYANDITSWE NA eMBASSADEUR W’UBURUNDI MURI Oslo KUKO YARI Örebro guhura n’aba cndd fdd, aho nyene macaire atuye.
Kandi amacaire azi ikurundi gusa ntashobora kwandika igifaransa, rirya kete ryanditswe n’embassadeur w’uburundi muri Norvège

Paji: 1 | 2  

Kumenyekanisha