Saint Valentin yatanguye gute? Ni ibiki bishobora kubisha uwo munsi mukuru?

36 14-02-2016 - saa 09:36, egide

Kw’isi yose, kw’igenekerezo rya 14 Ruhuhuma, abakundana bahimbaza umunsi mukuru witiriwe umweranda Valentin (Saint-Valentin). Bivanye n’inyungu zitandukanye, bamwe bawufata nk’umunsi utuma binjiza amafaranga, abandi bakawufata nk’umunsi wo gusangira n’abo bakunda, ari nk’utuganuke, impanuro n’ibindi. Uwo munsi usigura iki? Ni ayahe mamuko yawo?
Mu ngo nyinshi, igenekerezo rya 14 Ruhuhuma barifata nk’iryo kwiyibutsa aho urukundo rugeze kandi kakaba akaryo ko kwiyerekana. Jean Duchemin yanonosoye (...)

Kw’isi yose, kw’igenekerezo rya 14 Ruhuhuma, abakundana bahimbaza umunsi mukuru witiriwe umweranda Valentin (Saint-Valentin). Bivanye n’inyungu zitandukanye, bamwe bawufata nk’umunsi utuma binjiza amafaranga, abandi bakawufata nk’umunsi wo gusangira n’abo bakunda, ari nk’utuganuke, impanuro n’ibindi. Uwo munsi usigura iki? Ni ayahe mamuko yawo?

Mu ngo nyinshi, igenekerezo rya 14 Ruhuhuma barifata nk’iryo kwiyibutsa aho urukundo rugeze kandi kakaba akaryo ko kwiyerekana.
Jean Duchemin yanonosoye ivyigwa vya kahise, asigura ko umunsi wa Saint-Valentin uri mu minsi abantu benshi bagomba kwiyitirira. Ni umunsi wa Valentin, umupatiri w’umuromani yabayeho ku ntwaro y’umwami Claude wa 2 yatwaye mu kinjana ca gatatu inyuma y’ivuka rya Yezu. None ni igiki catumye Valentin avugwa cane gushika uno munsi?

Umwami Claude wa 2 yari yanse ko haba ubugeni mu ntumbero yo gutuma abasirikare biwe baguma kw’ibanga. Uwo mupatiri Valentin ntiyahagaritse gushingira abantu, umwami aca aramufata yongera aramupfunga.

Nk’uko Jean Duchemin abandanya abimenyesha, Lupercalia wari umunsi mukuru w’abapagani ujanye no kurondoka. Kuri uwo munsi baba bagomba kwibuka imana Lupercus, kikaba igihe kandi co gutuma abakiri bato bashobora kuvyara. Ishengero ntiryatevye kugira ico ribivugako, kuko nk’uko Duchemin abandanya abivuga, uwo munsi w’abapagani ishengero ryawuhinduye mu munsi mukuru wa katorika, mu ntumbero yo gushobora kugenzura inyifato y’umwe wese no gucungera uko bubahiriza imico.
Uwo munsi uca witwa uwa Saint-Valentin, umunsi mukuru w’abakundana.

Kubera bivugwa ko iyo umuntu akunda adaharura, umunsi mukuru wa Saint-Valentin uri mu minsi ituma abadandaza baronka amafaranga menshi, kuko abagura utuganuke baba ari benshi kandi bataba bitayeho ibiciro, igikuru kuri umwe wese kuba ari kuronka igishobora kunezereza umukunzi wiwe.

Mu gihe kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 14 Ruhuhuma isi yose ihimbaza umunsi mukuru abakundana bitiriye umweranda Valentin, umwe wese hagati y’abo bakundana aho ari aguma yiteze ikintu gishasha umukunzi wiwe ashobora kumugirira mu kumuryohera, ariko rero hari ibintu bishika umuntu atari yiteze, bigashobora kubisha ibirori.

Ibi bintu 8 bishobora kubisha ibirori

1. Umwigeme canke umugore ashobora gutaha kare yihuta kugira ategurire ivyo kurya umugabo canke umukunzi wiwe atari amenyereye. Ashitse muhira agasanga wa mugabo wiwe yafunguye kera ivyo yahasanze, maze ariko yiterera inkuru n’abagenzi biwe.

2. Ushobora kuva mu bikorwa vyawe vya minsi yose kugira isaha mwavuganye ntigutange, washika muri « bus » mukarwa muri « embouteillage », ngendanwa umucanwa waheze, wa mukunzi wawe aguhamagaye akumva ngo « muragerageza hanyuma » agateba akaguhebura agataha.

3. Muri kumwe n’umukunzi wawe, muriko mutambuka mwirebanga. Umukobwa yambaye vya birato birebire, ngico kiravunitse, urubanza rukaba rurahindutse.

4. Umuhungu ashobora guhamagara umwigeme bakundanye ati : "Fata i moto unsange aha", bugingo yuriye imoto ngiyo imvura iramunyagiye yatose wese, ntibigikunze ko mwicarana nawe yajovye.

5. Hari abategura « gateaux » neza icafyeko umutima, hageze ko ayishirako agasukari, akihenda agashirako umunyu, urubanza rukaba rurapfuye.

6. Uwo mukundanye yaraguteguje ko muzosangira umunsi mukuru wa St Valentin, bungingo mutanguye gusangira agacupa, nguwo ariko akubwira amakosa ufise, bikavamwo guharira no gushwana mu nyuma, ehe muciye muhebana kuri uwo munsi w’abakundana.

7. Mu maze iminsi mikeyi mukundanye, ku munsi wa St Valentin, umukunzi wawe yaguteguriye « surprise » y’umukeke utetse neza cane. Mu gihe umutima uriko urasimba kubera igishika c’ivyo wibaza yaguteguriye, apfunduruye isorori yuzuye wa mukeke, noneho umutima ugasiba kubera ivyo ubonye atavyo ukunda, uruhukiye kwa muganga.

8. Ufise uwo mukundana yiga muri kaminuza, aha nyene mugihejeje kubonana mutaricara ngo mutangure gutwenga, bamuhamagaye bamubwira ko kw’ishure yayobewe, ariko hari aho bamurenganije, yiruke kubiraba neza.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2 | 3 | 4  

1
Arlette 2018-05-23 14:38:05

murakoze cane,

2
Alexandre Nshimirimana 2018-02-13 22:20:07

Nivyiza Ko Abakundanye Bagira Umusi Mukuru Ariko Nivyiza Kuruta Uwo Munsi Woba Uwo Kwibagira No Kurekurira Ibibi Vyose Umugenzi Yakugiriye Mbere Mukaba Bashasha Murukundo Rwanyu

3
iza 2017-06-09 10:03:05

naj umusi mukuru wabashakany ndawer arik suwo gusesagur bahungu namwe beme mubakako inyuma yumusimuru ubuzima bubanda

4
j.paul BIZIMANA batazira kavuyo 2017-04-07 18:29:43

kabisa ivyo birashika gusa birakwiye kotwisuzuma hakiri kare ariko jewe ntayo nigera mpimbaza kuko mbakure yuwodukundanye nigakure yaho aba

5
Egide 2017-03-07 22:48:56

ndi egd i mutaho narasomy ivyiyumviro bamaze gushikiriza,nanj ico noshikiriza nuko urukundo barufata ukutarikwo canke ntibaba
bakundanye kuko uwo ukunda ntumugirira nabi ikindi naco n,uko twomenyako imibiri yacu ari ingoro ya mutima-mweranda

6
Ndayegamiye Ferdinand 2017-02-13 13:48:23

Ni umusi mukuru mwiza kuko abakundana ni umusi mukuru wabo.

7
Hakizimana Alain Desire 2016-12-23 12:49:42

NIVYUKURI NUMUSI MUKURU WA ANTI-CHRIST!

8
emery NSONERIMANA 2016-12-19 18:24:48

jewe nagomba mbaze nimpaka uwo muhuje ibitsina(wumukobwa )abe efise amazi.

9
Key C 2016-12-14 11:04:37

Numusi Mukuru Wa Anti Christo Abachristu Ntibakwiye Kuwuhimbaza

10
EMMANUEL MUKARYAS IBURUND 2016-12-09 15:35:59

nukurikwima na ndumva ivyobintu bincanga warah

Paji: 1 | 2 | 3 | 4  

Kumenyekanisha