Rwanda: Abarundi benshi bahunguka ni ababa hanze y’amakambi y’impunzi

17 30-07-2015 - saa 14:04, Jean De Dieu

Ubushikiranganji bujejwe impunzi no gukinga ibiza mu gihugu c’Urwanda, bumenyesha ko impunzi z’abarundi zatanguye guhunguka ari ababa hanze y’ikambi y’impunzi batari biyandikishije nk’impunzi.
Frédéric Ntawukuriryayo ajejwe kumenyesha amakuru muri ubwo bushikiranganji, yamenyesheje ko hari bake mu makambi y’agateganyo basavye ko basubira iwabo, akamenyesha ko ari uburenganzira bw’impunzi gusubira mu gihugu cabo.
Erika Fitzpatrick, akorana n’umurwi ujejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe ryitaho (...)

Ubushikiranganji bujejwe impunzi no gukinga ibiza mu gihugu c’Urwanda, bumenyesha ko impunzi z’abarundi zatanguye guhunguka ari ababa hanze y’ikambi y’impunzi batari biyandikishije nk’impunzi.

Frédéric Ntawukuriryayo ajejwe kumenyesha amakuru muri ubwo bushikiranganji, yamenyesheje ko hari bake mu makambi y’agateganyo basavye ko basubira iwabo, akamenyesha ko ari uburenganzira bw’impunzi gusubira mu gihugu cabo.

Erika Fitzpatrick, akorana n’umurwi ujejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe ryitaho impunzi UNHCR ku murwa mukuru w’Urwanda i Kigali, yavuze ko bakiriye amakuru ko hari impunzi zatanguye gutaha , avuga ko ariko akorana n’Ikigo kijejwe abinjira n’abasohoka kugira bamenye ibiharuro vy’impunzi zatashe.Fitzpatrick yemeje ko bakiriko bakira impunzi nshasha ku munsi ku munsi.

Abarundi batanguye guhunga kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane,umugambwe CNDD FDD umenyesheje ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ariwe azowuserukira mu matora y’umukuru w’igihugu.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2  

11
jogingi marahwe 2015-07-31 08:24:17

ew rwanda naw, ah i waw niho har uburyamo bwiza gusumvy i burundi? nahora ntembera nongera nsum i rwanda ariko kuwuj ubu aca yitw impunzi, mbay ndahipfunga.

12
fidelite 2015-07-30 22:11:57

Simbona igituma mwirigwa muterana amajambo,si abari hanze y’amakambi,si abari mu miji,bose nimwigumirize nukuli,gusa uwuzokwibazako azoza kudutera avuye mu rwanda abanyagihugu tukamuha inzira uyo azoba yihenze,ikibabaje cane giteye agahinda ni abahutu bahimvye ntacoyimena,amahoro yababanye menshi none ngo reka tuje muri nyungwe,c’est domage kuko mu gihugu canyu ntaco mubuze ,mureke guhendwa amoko arahari mu burundi mubana n’abakeba batigeze babipfuriza ineza none ubu ngo amoko ntayakibaho,bo bashaka gukura umuhutu ku butegetsi namwe mugakurikira,bon sang ubu ntibikenewe ko babifatira ngo babatamike amajambo,nimba bashaka gukura umuhutu ku butegetsi bareke babikore bonyene bavyifashe ce n’est pas vrai ko niyombare yataye ivyo yatangiye ubuto bwiwe mw’ishamba be n’abandi basoda,ubu bakaba baraye babimwirukanyemwo akaba ariko arangara mais qu"est ce qui ne va pas dans vos tetes,ndabira radjabu ama montages yamubayeko muri cnddfdd abatutsi bakoze bagasigara bigamba ngo kara crana ngo nitwe twabikoze,ugaca usanga imamba zaje kuhicara,pas possible ça,harageze ko mumenya ubugenzi n’akagenzanyo si non muzozira gentillesse yanyu,il est grand temps ko mwiga kuba mechants et brutaux nkabo sino vous serez toujours en bas de la pyramide àvous faire écraser comme des punaises.

13
Avec 2015-07-30 20:24:09

@ Ciza, kugirumuntu yanditse umumenye kwarinterahamwe ubimenyera kubiki? Ndakubwire uyununwanyawawe wokivuga Ko Interahamwe , ariko bigiyeguhinduka nihuzocusanga warihenze.

14
ciza 2015-07-30 16:21:00

Nshaka kubwira wewe wiyise AVEC hamwe nawe Wiyise KANYARWANDA:
None mubona ivyo mwashikirije hari isano bifitanye n inkuru yatanzwe n’ikinyamakuru igihe?
Canke mwagomba kugaragaza ko muri interahamwe gusa!!!! U Rwanda ruti impunzi gutaha ni uburenganzira bwazo, nawe uti haguruke mwamagane leta y u Rwanda!!!! None bayamagane ko yakoze iki kibi wamuhimbiriwe!"!! aho mwashaka kumara abantu iyo batabakira ntimuba mwarakoze jenoside????? mwa nterahamwe mwe!!! muragapfana amaraso ku minwe!

15
che 2015-07-30 16:19:43

Nkawe uvuga ngo abarundi ni muhaguruke mwiyamirize u Rwanda, ivyo uvuga ibifitiye preuves canke uri muri babandi bagenzwa no gutamika abandi uburozi? Reka ndakubwire mbwira n’abandi mbona batazi akarere batuyemwo ibihabera, mwabaye abaja b’amacakubiri biragaragara ariko ikibabaje nuko mutabona ko ahao gukira mugenda muba indembe nkurikije ivyo mwandika, mwikebuke muve muri ayo mafuti. Ntabwo u Rwanda rufata impunzi kuko sirwo ruzijejwe rwonyene, kandi k’umupaka no mu gihugu abarundi ni uruja n’uruza, be muvuga ivyo mwatohoje.

16
Avec 2015-07-30 14:38:22

Manayanje ibintu birabaye bishasha kungivu kubera politike yuburozi, umva kuvakera abarundi mugihugu cu Rwanda bamye bajayo kubwishi kumbozitandukanye ariko ntibacabitwa impunzi none uyumusi nuwugize aragendagusumiramu Rwanda HCR na reta yurwanda bacabacakira ngogenda munkambi ngokabdi turanditse mugitabo kuhunze Imbonerakure ngokandi nuyundimuntu azokubaza uzinwishure guryonyene!!!.

17
kanyarwanda 2015-07-30 14:37:48

Abari mumakambi bo LETA ya KAGAME yabafasheho ingwate kugira ngo ijye ivanamo abasore bo guhabwa imyitozo ya gisirikare maze bajye biha inkumbi batera grenades abanyagihugu banabatwika nimipine. ABARUNDI NIMUHAGURUKE Mmwamagane urwanda rureke bene wanyu batahe.

Paji: 1 | 2  

Kumenyekanisha