Rumonge : Umurindi munini w’abahungutse mu guharika

0 6-09-2014 - saa 09:36, IGIHE

Muri komine ya Rumonge intara ya Bururi, havugwa ingeso yo guharika ija n’iyafashe umurindi munini cane cane ivyo bikibonekeza ku bahungutse bava mu gihugu ca Tanzaniya.
Abo banyagihugu bava mu buhungiro mu gihugu ca Tanzaniya, bakaba bafata ko ubugeni bwemewe imbere y’amategeko ari ubugeni baciye mw’isengero gusa, ivyo bigatuma baharika atacamira. Abagabo bavuye mu gihgu ca Tanzaniya bo muri komine ya Rumonge intara ya Bururi, bakaba baca basubira kurongora udukumi tukiri duto,bagata abo (...)

Muri komine ya Rumonge intara ya Bururi, havugwa ingeso yo guharika ija n’iyafashe umurindi munini cane cane ivyo bikibonekeza ku bahungutse bava mu gihugu ca Tanzaniya.

Abo banyagihugu bava mu buhungiro mu gihugu ca Tanzaniya, bakaba bafata ko ubugeni bwemewe imbere y’amategeko ari ubugeni baciye mw’isengero gusa, ivyo bigatuma baharika atacamira. Abagabo bavuye mu gihgu ca Tanzaniya bo muri komine ya Rumonge intara ya Bururi, bakaba baca basubira kurongora udukumi tukiri duto,bagata abo bari basanzwe bubakanye, ndetse abo bakiri bato, bakaba aribo baca banasezerana imbere y’amategeko.

Janviere Ndirahisha arongoye uhuriro ry’abakenyezi ku rwego rw’igihugu, akaba asaba abakenyezi bahurikiye muri iryo huriro kumitumba yose, kujijura abagabo babo bubakane biciye mu mategeko, ndetse akanabasaba ko abahungutse bava mu gihugu ca Tanzaniya, icokorwa mu maguru masha, ari ukwabirana baciye mu mategeko.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha