Prosper Bazombanza: Ikirangaminsi c’umwaka w’ishuri ntigishobora guhinduka

4 30-04-2015 - saa 11:27, IGIHE

Inyuma y’aho ku mashuri amwe yo mu gisagara ca Bujumbura nayo mu gihugu hagati ata mirimo iriko irarangurwa, abategetsi b’igihugu bavuga ko ikirangaminsi c’umwaka w’ishuri kidashobora guhinduka.
Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yavuze ko naho hari abanyeshuri batariko barabandanya ivyigwa kubera ubwoba buvuye ku myiyerekano iriko iraba biyamiriza ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza asubira kwitoza, arongore Uburundi, ikiranga minsi c’umwaka w’ishuri ntigishobora guhinduka.
Ku ruhande (...)

Ku ruhande rwiwe, umushikiranganji w’inyigisho mu mashuri y’intango n’ayisumbuye Roza Gahiru asaba abanyeshuri gusubira ku mashuri, mu gihe hari ibibazo vya Reta vyimirije.

Hagati aho, mu bushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi baramaze gufata ingingo yo kwirukana abanyeshuri baba mu bigo vya kaminuza vyose biri mu gihugu,bakavuga ko bazogaruka imyiyerekano iheze. Ku mashuri amwe afise uburaro yo mu ntara ya Gitega, Kirundo, Bururi hamwe no mu gisagara ca Bujumbura abana baratashe kubera gutinya ko umutekano wabo ushobora guhungabana.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
gahungu 2016-10-04 19:56:15

iyingingo ntiriko irorohereza abanyeshure bo mu 10na9.mweho abanyu bariko biga mumahanga ntimwobazana tukigana bakaraba ayo tugowe koresha ubweng mwiyumvire ahaya mashure azotugeza ko turiko turataha twese ahandiho tugiy kwiba twes

2
2016-08-10 17:24:30

Umukungu??burya umupfu ntiyinukira PE!!

3
KAJABURE RUBANDA 2015-07-14 20:24:45

NIKO WIYIGIYE KARE KAND ABANA BIWE BAR HANZE :UWANKA GAKURA ABAGA UMUTAVU

4
manif 2015-04-30 12:02:38

Uwo mukungu ariko aravura iki????? Va se cachez merde!!!!!

Kumenyekanisha