Umugambwe PASIDE Imboneza ugiye kuzoshimira abadoma urutoke kubonona ibidukikije

1 3-10-2014 - saa 15:49, IGIHE

Umugambwe PASIDE Imboneza uvuga ko wakiranye umubabaro ntangere, aho wumviye ko imvubu zibiri zishwe muri zone ya Minago komine ya Rumonge intara ya Bururi.
Aloys Baricako umukuru w’uyo mugambwe akaba amenyesha abarundi ko ibikoko biri mw’itunga rikomeye kandi dusangiye twese, kandi bigatuma abarundi batari bake bahatorera akoyokwe.
Aloys Baricako rero akavuga ko umugambwe wiwe ugiye kuza urashimira abantu bose badoma urutoke kubonona ibidukikije, mbere akazoshiraho ikigega c’ugushimira (...)

Umugambwe PASIDE Imboneza uvuga ko wakiranye umubabaro ntangere, aho wumviye ko imvubu zibiri zishwe muri zone ya Minago komine ya Rumonge intara ya Bururi.

Aloys Baricako umukuru w’uyo mugambwe akaba amenyesha abarundi ko ibikoko biri mw’itunga rikomeye kandi dusangiye twese, kandi bigatuma abarundi batari bake bahatorera akoyokwe.

Aloys Baricako rero akavuga ko umugambwe wiwe ugiye kuza urashimira abantu bose badoma urutoke kubonona ibidukikije, mbere akazoshiraho ikigega c’ugushimira abo bantu. Uwo mugambwe kandi, ukaba unashimira amashirahamwe yose akunda kuvuga iyo hagize abahungabanya ibidukikije.

Mukamenya ko muri iryo tangazo,Aloys Baricako asaba komine ya Rumonge gushengeza imbere y’ubutungane abantu bishe izo nzovu zibiri.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
NIBIMPA Népomucène 2014-12-09 18:21:17

NTAWO KWIRENGAGIZA IBIDUKIKIJE. JE AHANJE NDAGUTEYE INTEGE CANE KUKO IBIDUKIKIJE BISA NIBIRIKO BIRADUHONAKO MUBANDANYE MUSHIMIRA ABO BOSE BITANGA MU GUKINGIRA IBINYABUZIMA MUKOMERE KUKO MUFISE ICIYUMVIRO CIZA

Kumenyekanisha