
Papa Francis yakoresheje ubutumwa bwiwe bwa Pasika mu gusaba ko haba amahoro kw’isi.
Mw’ijambo ryaciye kuri vyinshi yashikirije ibihumbi vy’abantu mu kibanza citiriwe umweranda Petero, Papa mushasha yasavye ko haboneka umuti uciye mu biganiro ku kibazo co muri Korea.
Yanavuze kandi kw’itana mu mitwe riri hirya no hino mu burasirazuba bwo hagati no muri Afrika.
Yaniyamirje kandi icuruzwa ry’abantu, ubwicanyi bufatiye kw’idandaza ry’ibiyovyabwenge ridaciye mu mategeko, hamwe no kuyogeza ubutunzi (...)
Papa Francis yakoresheje ubutumwa bwiwe bwa Pasika mu gusaba ko haba amahoro kw’isi.
Mw’ijambo ryaciye kuri vyinshi yashikirije ibihumbi vy’abantu mu kibanza citiriwe umweranda Petero, Papa mushasha yasavye ko haboneka umuti uciye mu biganiro ku kibazo co muri Korea.
Yanavuze kandi kw’itana mu mitwe riri hirya no hino mu burasirazuba bwo hagati no muri Afrika.
Yaniyamirje kandi icuruzwa ry’abantu, ubwicanyi bufatiye kw’idandaza ry’ibiyovyabwenge ridaciye mu mategeko, hamwe no kuyogeza ubutunzi kama bw’isi.
Papa Francis yasavye ko abantu boba ico yise abarinzi b’ivyaremwe.
Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!