Papa Fransisko yashizeho umurwi wiga namba abagore boba Abadiyakoni

12 3-08-2016 - saa 09:39, Egide NDUWIMANA

Umwungere wa Ekereziya Gaturika, Papa Fransisko, yashizeho umurwi ujejwe kwiga namba abagore boshobora guhabwa uburenganzira bw’ukuba Abadiyakoni.
Uwo murwi mushasha washizweho na Papa Fransisko ugizwe n’abagabo indwi hamwe n’abagore batandatu, bakaba bafise igikorwa c’ukuraba ko Ekereziya Gaturika yokwemeza ko abagore bohabwa amabanga y’Ubudiyakoni.
Itangazo ryasohowe na Vatican rivuga ko uwo murwi uzokwiga amateka y’abagore bakoze akazi gasa n’ak’abadiyakoni mu myaka ya mbere ya Ekereziya (...)

Umwungere wa Ekereziya Gaturika, Papa Fransisko, yashizeho umurwi ujejwe kwiga namba abagore boshobora guhabwa uburenganzira bw’ukuba Abadiyakoni.

Uwo murwi mushasha washizweho na Papa Fransisko ugizwe n’abagabo indwi hamwe n’abagore batandatu, bakaba bafise igikorwa c’ukuraba ko Ekereziya Gaturika yokwemeza ko abagore bohabwa amabanga y’Ubudiyakoni.

Itangazo ryasohowe na Vatican rivuga ko uwo murwi uzokwiga amateka y’abagore bakoze akazi gasa n’ak’abadiyakoni mu myaka ya mbere ya Ekereziya Gaturika.

Iciyumviro c’uguha Ubupadiri abagore cazanye impari nyinshi cane muri Ekereziya Gaturika. Mu gihe Abadiyakoni baba basigaje intambwe imwe gusa kugirango babe Abapadiri, ntawoshoka yemeza namba uwo murwi uzokwemeza canke uhakane ko abagore bohabwa ubwo budiyakoni, ariko bikumvikana ko bavyemeje, abagore batazoba bari kure y’ukuba Abapadiri.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2  

11
Sabimana 2016-08-04 06:43:32

Ahubwo Dufukame Dusenge Isi Yaheze Ivyo Papa Benois Yase Bigira Bishike.Girikigongwe Mana.

12
Ciza Audace 2016-08-03 17:19:09

NtawoVùga Bakore Iki Cank Barek Iki Ki1 Mutima Mutagatifu Nabe Ariw Abereka Ico Bokora Nayo Kubwabo Ico Gikogwa Kirakomey Kuba Haciy Imyaka Nkiyi Atawaribwaciyumvire Kugikora , Isemo Yambere Yama Igora

Paji: 1 | 2  

Kumenyekanisha