Papa Francisko yaguye hasi kuri Altar imbere y’abakirisu isinzi (Amafoto)

32 28-07-2016 - saa 16:07, Egide NDUWIMANA

Umwungere wa Ekereziya Gatorika Papa Fransisko yatsitaye ari kuri Altar agwa hasi imbere y’abakirisu isinzi bariko bakurikirana inkuka y’imisa yariko asomera muri Pologne.
Iyo nararibonye y’imyaka 79 ari mu rugendo mu Majepfo ya Pologne, ahazwi nka Czestochowa, aho yahuye n’abihebeye Imana baturuka mu bihugu bitandukanye vy’Isi.
Papa Fransisko yatsitaye igihe yariko amanuka ingazi [escalier] iva kuri Altar, mu gihe yari afise icotezo [encensoir ] atagatifuza abakirisu.
Amafoto yasohotse (...)

Amafoto yasohotse yerekanye uwo mwungere wa Ekereziya Gaturika akigwa hasi, Abapadiri bari hafi yiwe bariko baramukura hasi.

Uwo mwungere wa Ekereziya asanzwe afise ikibazo c’ingwara izwi nka "sciatica" ituma umuntu acika intege. Ni indwara ifata igice c’umugongo, rimwe na rimwe mbere umuntu ayirwaye akaba ashobora no kugwa hasi.

Papa Fransisko ntaco yabaye aho yagwa hasi, mbere akaba yaciye abandanya guhereza inkuka y’imisa gushika ihere.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2 | 3 | 4  

1
Emmanuwel Ntukamazina 2018-10-17 12:38:35

Nibareke Gucira urubanza Umuntu Imana Niyo Ituzitwese Tugabanye Amajambo Turwize Ibikorwa Vyiza Imana Idufashe

2
alexis 2018-01-04 13:09:43

kar umuherezi agiy ahera atiyejeje yagwayo! nn uwowewe bimez gt?

3
2017-04-07 10:26:57

Ndayiragije.Erifaze.

4
Onesphore 2017-03-04 10:29:32

Nokebura Abavukanyi Bamwe Kwirinda Gutyoza Abo Badasangiye Ukwemera.Nibigishe Mumajambo Yubaka Boye Gukoresha Amajambo Asuzugura.Vuge Make Yubaka Mumvugo Itubije Kugira Namwe Muzobazwe Bike.Abemera Twese Nitugire Imigisha.

5
Ndayizeye Gilbert 2017-02-15 23:30:34

Kera umuherezi agiy ahera cane atiyejj yagwayo naw naz araba neza kuko harya ari ahera

6
Niyongabo Fabien 2016-09-19 04:23:35

Reka gutyoza umwungere wacu.Uko utemera katolika niko utemera nabarongozi bayo.Ntibitangaje.Vyobabereye vyiza muvuze make kuko uko katorika itunganijwe ntavyo muzi."Vuge make muzobazwe bike"

7
issa 2016-09-12 20:48:03

iyagira umupfasoni niwe yomwegeranije neza none ntakundi

8
théophil 2016-09-12 19:36:28

none ko yituye hasi ari imbere ya bakrisu none iyondwara yoba ayimaranye imiri?mu bwire yi hangane imana iramubona

9
MUGISHA JEAN 2016-09-02 19:02:16

imana nimuzigame ahubwo akire ubwo bumuga .ariko nindashaka yuwuhoraho imana

10
Alfred 2016-08-13 23:45:52

Imana iramubona.

Paji: 1 | 2 | 3 | 4  

Kumenyekanisha