Umwungere wa Ekereziya Gatorika Papa Fransisko yatsitaye ari kuri Altar agwa hasi imbere y’abakirisu isinzi bariko bakurikirana inkuka y’imisa yariko asomera muri Pologne.
Iyo nararibonye y’imyaka 79 ari mu rugendo mu Majepfo ya Pologne, ahazwi nka Czestochowa, aho yahuye n’abihebeye Imana baturuka mu bihugu bitandukanye vy’Isi.
Papa Fransisko yatsitaye igihe yariko amanuka ingazi [escalier] iva kuri Altar, mu gihe yari afise icotezo [encensoir ] atagatifuza abakirisu.
Amafoto yasohotse (...)

Amafoto yasohotse yerekanye uwo mwungere wa Ekereziya Gaturika akigwa hasi, Abapadiri bari hafi yiwe bariko baramukura hasi.
Uwo mwungere wa Ekereziya asanzwe afise ikibazo c’ingwara izwi nka "sciatica" ituma umuntu acika intege. Ni indwara ifata igice c’umugongo, rimwe na rimwe mbere umuntu ayirwaye akaba ashobora no kugwa hasi.
Papa Fransisko ntaco yabaye aho yagwa hasi, mbere akaba yaciye abandanya guhereza inkuka y’imisa gushika ihere.
Paji: 1 | 2 | 3 | 4
Nibareke Gucira urubanza Umuntu Imana Niyo Ituzitwese Tugabanye Amajambo Turwize Ibikorwa Vyiza Imana Idufashe
kar umuherezi agiy ahera atiyejeje yagwayo! nn uwowewe bimez gt?
Ndayiragije.Erifaze.
Nokebura Abavukanyi Bamwe Kwirinda Gutyoza Abo Badasangiye Ukwemera.Nibigishe Mumajambo Yubaka Boye Gukoresha Amajambo Asuzugura.Vuge Make Yubaka Mumvugo Itubije Kugira Namwe Muzobazwe Bike.Abemera Twese Nitugire Imigisha.
Kera umuherezi agiy ahera cane atiyejj yagwayo naw naz araba neza kuko harya ari ahera
Reka gutyoza umwungere wacu.Uko utemera katolika niko utemera nabarongozi bayo.Ntibitangaje.Vyobabereye vyiza muvuze make kuko uko katorika itunganijwe ntavyo muzi."Vuge make muzobazwe bike"
iyagira umupfasoni niwe yomwegeranije neza none ntakundi
none ko yituye hasi ari imbere ya bakrisu none iyondwara yoba ayimaranye imiri?mu bwire yi hangane imana iramubona
imana nimuzigame ahubwo akire ubwo bumuga .ariko nindashaka yuwuhoraho imana
Imana iramubona.
Paji: 1 | 2 | 3 | 4