Nigeria : Umupasitori apfunzwe yagirwa n’ugutwaza inda abagore barenga 20

13 5-03-2015 - saa 08:58, IGIHE

Mu gihugu ca Nigeria havugwa umupasitori apfunzwe azira ko yashurashuje bamwe mu bamuyoboka bagera kuricanke barenga 20.
Uwo mupasitori azwi kw’izina rya Timothy Ngwu, yafashwe n’igiporisi co mu karere ka Enugu, yagirizwa na bamwe mu bahasengera, ko yayogeje abagore n’abakobwa mu kubashurashuza. Bikavugwa ko uwo mupasitori, yashurashuje benshi mu bagore basengera muri urwo rusengero ayoboye, aho harimwo na bamwe mu bagore basangiye ubucuti, bose akaba yabahenda ko yabonekewe na mpwemu yera, (...)

Mu gihugu ca Nigeria havugwa umupasitori apfunzwe azira ko yashurashuje bamwe mu bamuyoboka bagera kuricanke barenga 20.

Uwo mupasitori azwi kw’izina rya Timothy Ngwu, yafashwe n’igiporisi co mu karere ka Enugu, yagirizwa na bamwe mu bahasengera, ko yayogeje abagore n’abakobwa mu kubashurashuza. Bikavugwa ko uwo mupasitori, yashurashuje benshi mu bagore basengera muri urwo rusengero ayoboye, aho harimwo na bamwe mu bagore basangiye ubucuti, bose akaba yabahenda ko yabonekewe na mpwemu yera, ko abwirizwa kuza araryamana n’abagore canke inkumi zo muri urwo rusengero.

Umwe mu bavukanyi ba Timothy Ngwu akaba yabariye abanmenyeshamakuru b’ikinyamakuru Redpepper, ko yari amaze igihe ahanura umuvukanyi wiwe ko yoheba ako kageso kabi, ariko akica amatwi. Uwo mupasitori rero, muri ivyo bikorwa vyiwe vyo gushurashuza abo bagore n’abakobwa basengera muri urwo rusengero, akaba yashoboye n’ukuvyarana nabo abana benshi. Abagerageje kumuhanura bose, akaba yabishura ko bamugirira ishavu, narirya we, yabona ko ariko ararangura umurimo yatumwe na mpwemu yera.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2  

1
morodikayi. 2016-06-07 08:54:37

Akwiye gufurwa ubuzima bwiwe bwose, ntazosubire kuza ronona abagore nabana, uwo muhimbiri.

2
muhanuziwimana 2016-02-28 11:56:32

Mureke uwo mugabo agire ivyo agomba kuko arabibona akamira amate bikamwanka munda, yibuke ko IMANA yabwiye KAYINI ngo :«Icaha kibunze k’urugi kandi ni wewe kigomba » SATANI yaramutwaye akayombekero .

3
ANDREA GERARD 2016-01-01 21:06:34

Reka ivyavuzwe bishike "HAZOKWADUKA ABIGIRA ABAVUGISHWA N’IMANA KANDI BAZOZIZA BENSHI"Matayo24

4
Musavyimana Ildephonse 2015-10-19 20:25:13

Nukur Nihwej Mbona Ko Abasenga Bose Bosengana Ubweng Kuk Handitsw Ngo Mugih Ciherezo Hazoza Abigira Abavugishwa N’Imana.Dukwiy Gusuzuma Mpwemu Iyariyo Kuk Satani Ark Akora Akobej Kuk Igihe Camuheranye.Rer Twiyubar Ntiduhombe Ijuru!!

5
Boniface 2015-06-06 20:47:36

Imana Imuharire.Yibaza Ko Ariko Akorera Imana Naho Ari Shetani.

6
prosper 2015-05-23 21:54:04

MU MENYE KO MUGIHE CI HEREZO HAZOZA IBIHE BIGOYE

7
Imani 2015-05-13 22:32:12

Yooo!!!mana! Uyo n ’umupasitoro?atukishije amashengero.akwiye gusengerwa mw ’izina rya Yesu Amen.

8
MANIRAKIZA Clément 2015-03-07 19:29:34

Havuga uwo bubezwe.

9
Rupande 2015-03-07 08:30:06

Mb bamufungira iki? Aho hari uwutazi ko kirya kintu cabagore kiri kure atawuciha? Komera ku murizo nk,imamba sha pasito ubandany wagaza abo bakenyezi aho batihamvya

10
Nuwera 2015-03-05 19:07:05

Ukwosigukundabagore, ahubwo ukwonugukunda icaha muzemutandukanya ibintu bidasa, umwislam nubwoyobayahisemwo kugirabagore barenze ukwo murazokurikirananeza ntabwo akoresha iyonzira iyo mwiyorobetsi yiyise pasitoro yakoresheje. REKAMBONEREHO NOGUTANGA MESSGE: BAGORE, BAKOBWA, BAGABO, NAMWEBASORE, UMUNTUWESE AZOBABWIRANGO MUKORANE IMIBONANO MPUZABITSINA YITWAJE NGO NIMPWE W’IMANA WABIMUTUMYE, CANKE NGO YEZU (YESU) ENDEDETSE NGONIMANA YABIMUTUMWE, URAZIRUKA USEMERERA MUMUTIMA CANKE MWIJWIRIRENGA UVUGA UTI: TSINDWA MWIZINA RYA YEZU UMWEYAMUGUYE IMPUMYI NIBIMUGA AKAZURANABAMPUYE BAKONGERA BAKABAHO. WEWE WEMEYE AKABIGUKORERA NAWEWE NTABUGOROROTSIBWAWE MURICOKIMWE MUKWIYE GUHANWA COKIMWE MURAGATAIRWA N’IMANA MWESE MURIBIVIMWE!!!.

Paji: 1 | 2  

Kumenyekanisha