Muyinga : Abana 71 bo mu mashure matomato ni bo bamaze gutwara inda z’indaro

1 19-11-2013 - saa 09:58, IGIHE

Ukurwanya gutwara inda ku bigeme canke abapfasoni badashatse, biriko bibera mu ntara ya Muyinga ku civugo kigira kiti :’’Twese hamwe turwanye gutwara inda umuntu atipfuje n’ingaruka mbi zavyo’’.
Iyo ntara ya Muyinga rero isanzwe ihana imbibe n’ibihugu vy’Urwanda na Tanzaniya, iza kw’isonga mu ntara abigeme batwara inda batipfuje mu Burundi, ivyo navyo bikaba bituma abigeme baca baheba amashure, bakaja kwubaka, canke bakaguma muhira kugira barere abana babo. Muri iyo ntara, abanyeshure bashika kuri (...)

Ukurwanya gutwara inda ku bigeme canke abapfasoni badashatse, biriko bibera mu ntara ya Muyinga ku civugo kigira kiti :’’Twese hamwe turwanye gutwara inda umuntu atipfuje n’ingaruka mbi zavyo’’.

Iyo ntara ya Muyinga rero isanzwe ihana imbibe n’ibihugu vy’Urwanda na Tanzaniya, iza kw’isonga mu ntara abigeme batwara inda batipfuje mu Burundi, ivyo navyo bikaba bituma abigeme baca baheba amashure, bakaja kwubaka, canke bakaguma muhira kugira barere abana babo. Muri iyo ntara, abanyeshure bashika kuri 71 bo mu mashure matomato ni bo bamaze gutwara inda z’indaro muri uyu mwaka, aho bamwe muri bo baciye baja kwubakana n’ababa babatwaje inda. Kenshi, ababatwaza izo nda z’ishushu ugasanga ari abagabo bafise abagore babiri canke batatu. Abajejwe intwaro nabo bagize barabarondera kugira bashengezwe imbere y’ubutungane, abo bagabo bakaba baca bomokana n’abo bana, bakaja kwibera mu zindi ntara z’igihugu.

Ukwihebura, kugira ivyiyumviro bitabereye, kwankwa mu kibano eka ndetse n’ugukengerwa mu muryango n’ibindi bibabaje, akaba ari vyo usanga bishikira abigeme baba batwaye inda z’indaro. Kenshi na kenshi, abana batabwa mu mabarabara canke abana banigwa bavutse, ugasanga bikorwa n’abo bana baba batwaye inda z’indaro, mu gihe usanga batabona ukwo bazobarera, canke bagatinya uguturubikwa mu muryango.

Mu gihugu cose, mu mwaka w’ishure w’2012 ushira 2013, hakaba hahevye amashure abana bangana 1446 biga mu mashure y’intango, nk’uko vyashikirijwe n’ubushikiranganji bw’indero. Benshi muri abo bakaba baheba kugira baje gufasha ubuzi abavyeyi babo muhira, mu gihe abandi, usanga baba bahuye n’ingorane z’ugutwara inda batipfuje.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Emmanuel 2013-11-29 08:25:18

None tuvyite akaranda?ivyo biharuro birateye ubwoba harakwiye kuba umugwi wiga kuri ico kibazo ikibituma n’umuti wotorwa muri kazoza ka vuba!

Mbe amuhunganye ahandi bica bihereraho?Aho agiye amategeko amuhana aba ayasize nayo?

Kumenyekanisha