Mugina: bamwe mu bakenyezi bubakiye ku nkovu

1 4-12-2013 - saa 10:37, IGIHE

Abakenyezi bo muri komine ya Mugina mu ntara ya Cibitoke, bavuga ko bahura n’ingorane nyinshi zitandukanye mu ngo. Ivyo bakaba babivuze muri iyi minsi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi.
Abo bakenyezi rero bo muri komine ya Mugina, bakaba bamenyesha ko baharikwa atacamira, itunga ry’umuryango rikanyika babona ata n’ico bari buvuge, abagabo babo ntibemere ko baja kwubakana biciye mu mategeko, ndetse abakenyezi benshi bo muri iyo komine ya Mugina, bakaba bavuga ko batanditswe muri (...)

Abakenyezi bo muri komine ya Mugina mu ntara ya Cibitoke, bavuga ko bahura n’ingorane nyinshi zitandukanye mu ngo. Ivyo bakaba babivuze muri iyi minsi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi.

Abo bakenyezi rero bo muri komine ya Mugina, bakaba bamenyesha ko baharikwa atacamira, itunga ry’umuryango rikanyika babona ata n’ico bari buvuge, abagabo babo ntibemere ko baja kwubakana biciye mu mategeko, ndetse abakenyezi benshi bo muri iyo komine ya Mugina, bakaba bavuga ko batanditswe muri komine eka banakubagurwa gukubagurwa.

Abakenyezi rero bakaba bavugiye mu ruganda rwari rwateguwe na CEDF mu ntumbero yo gusigurira abakenyezi, uburenganzira bwabo n’akamaro bategerezwa kumarira urugo n’umuryango, mu ntumbero yo kwifatikanya n’abo muri iyi minsi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi. Abitavye izo nyigisho bakavuga ko badashobora gukura ururimi mukanwa, ngo bavuge amabi bakorerwa, kuko abo bubakanye bagize barumva babivuze, baheza bakabakubagura, canke bakabata mu mazu, bakaja kubana n’abandi kure. Ingorane zigaheza zikaba nyinsi, mu gihe abo bapfasoni baca baheza bakarondera ukwo abana babo babaho ari bonyene, ibiheza bikabagora na rirya ukuboko kumwe kutimara uburyi.

Basaba nyabuna abarongoye amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu n’akabakenyezi, ko bokurikiranira hagufi ibibazo biri mungo zitandukanye, kuko abakenyezi benshi bubakiye ku nkovu, ndetse bakabura n’ukwo bari buserure ingorane zabo.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Petite 2013-12-04 17:36:35

Nukuri ni batabare abakenyezi. Kuko iyo barinze bavuga yuko bubakiye kunkovu urumva barababajwe cane gwose.

Kumenyekanisha