Mu myaka 15 iri imbere amazi ashobora kuba make

0 21-03-2015 - saa 13:13, IGIHE

ONU yaburiye abantu ko hashobora kuba ikibazo gikomeye c’amazi kw’isi mu myaka 15 iri imbere, aho ibice 40% vy’amazi azoba akenewe ashobora kutazoboneka, kiretse abantu bahinduye uko bayakoresha.
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko ahanini ibibituma ari ibihe vyahindutse nk’ukuntu imvura igwa, amasoko yo munsi y ‘isi agenda agabanuka, ibitigiri vy’abasanzwe baba kw’isi bigenda vyiyongera, ibisagara bigenda yiyongera, amazi menshi akoreshwa mu mahinguriro no mu burimyi ndetse n’ihindagurika (...)

ONU yaburiye abantu ko hashobora kuba ikibazo gikomeye c’amazi kw’isi mu myaka 15 iri imbere, aho ibice 40% vy’amazi azoba akenewe ashobora kutazoboneka, kiretse abantu bahinduye uko bayakoresha.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko ahanini ibibituma ari ibihe vyahindutse nk’ukuntu imvura igwa, amasoko yo munsi y ‘isi agenda agabanuka, ibitigiri vy’abasanzwe baba kw’isi bigenda vyiyongera, ibisagara bigenda yiyongera, amazi menshi akoreshwa mu mahinguriro no mu burimyi ndetse n’ihindagurika ry’ibirere.
Icegeranyo ca ONU kirasaba amareta gusubira muri poritike zigenga amazi no kwongera gukoresha amazi aba yakoreshejwe.

Ico cegeranyo kandi kivuga ko ibintu bibandanije uko biri hari uduce tw’Ubushinwa, Ubuhindi, Leta zunze ubumwe za Amerika dushobora kutongera kubakwo kubera ibura ry’amazi.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha