Mpanda: Abakenyezi basaba Leta gutuza uguharika

0 28-10-2013 - saa 00:07, IGIHE

Abapfasoni bo mu ntara ya Bubanza bavuga ko muri iyi myaka abagabo b’abarundi batari bakwiye kwiyumvira guharika narirya ubukene buri mu miryango bwokora amakara bugata.
Nkuko abo bapfasoni babivuga, iyo umuceri weze abagabo baca batangura kwiyumvira abandi bagore, bakibagira ingorane canke ubukene bukurikira iyo uyo muceri waheze. Ubukene buragaruka bukinjira mu miryango, kandi iyo baja hamwe bofashanije bakabikira ejo hazoza. Abo bakenyezi bakamenyesha ko bariko baragerageza kumenya iyo (...)

Abapfasoni bo mu ntara ya Bubanza bavuga ko muri iyi myaka abagabo b’abarundi batari bakwiye kwiyumvira guharika narirya ubukene buri mu miryango bwokora amakara bugata.

Nkuko abo bapfasoni babivuga, iyo umuceri weze abagabo baca batangura kwiyumvira abandi bagore, bakibagira ingorane canke ubukene bukurikira iyo uyo muceri waheze. Ubukene buragaruka bukinjira mu miryango, kandi iyo baja hamwe bofashanije bakabikira ejo hazoza. Abo bakenyezi bakamenyesha ko bariko baragerageza kumenya iyo baheza bakitura kugira baronke ibirezo vy’ abana bo burundi bw’ejo.

Abo bapfasoni bo muri komine ya Mpanda iri mu ntara ya Bubanza bakaba basaba abategetsi ko bovira hasi abagabo baharika kuko ubu ho usanga hari uwufise abagore barenga na babiri. Hagaca havuka ikibazo c’uko bazotunga abo bana bose. Abo bapfasoni basaba Leta ko yovira hasi ico kibazo, uguharika kugatuzwa mu gihugu hose.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha