Mgr Bambonanire : ’’Ku kiringo ca 3 c’umukuru w’igihugu nshigikiye ivyavuzwe n’abasenyeri’’

16 22-04-2015 - saa 10:20, IGIHE

Musenyeri Serapiyo Bambonanire yahora arongoye umurwi w’igihugu ujejwe amatongo n’ayandi matungo, avuga ko ku bijanye n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu, ashigikiye intumbero yafashwe n’abasenyeri Gatorika b’i Burundi. Musenyeri Serapiyo Bambonanire yabogojwe kuri uyu wa 18 Rusama atari bwaheze ikiringo ciwe kigira kabiri mu burongozi bwa CNTB, avuga ko abirukanywe muri uyo murwi harimwo umukenguzamateka Richard Nimbesha hamwe n’abandi bagumyabanga bari bateye umukono (...)

Musenyeri Serapiyo Bambonanire yahora arongoye umurwi w’igihugu ujejwe amatongo n’ayandi matungo, avuga ko ku bijanye n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu, ashigikiye intumbero yafashwe n’abasenyeri Gatorika b’i Burundi.

Musenyeri Serapiyo Bambonanire yabogojwe kuri uyu wa 18 Rusama atari bwaheze ikiringo ciwe kigira kabiri mu burongozi bwa CNTB, avuga ko abirukanywe muri uyo murwi harimwo umukenguzamateka Richard Nimbesha hamwe n’abandi bagumyabanga bari bateye umukono ku rwandiko rwiyamiriza ico kiringo ca gatatu, atashavu na rike bafitiye umukuru w’igihugu, ko ahubwo bamukunda, kandi bamwandikiye n’icubahiro cinshi, bamusaba ko atokwitoza ubugira gatatu. Musenyeri Bambonnire ati:’’ Barya bandikiye umukuru w’igihugu, barezwe neza, kuko ntawamututse.’’

Musenyeri Serapiyo Bambonanire, avuga ko ku bijanye n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, ashigikiye ivyasabwe n’abepiscopi Gatorika b’Uburundi, mbere na Ekereziya yose. Bambonanire akagira ati:’’Jewe aho aba Episcopi bashize niho ntegerezwa gushira ku bijanye n’ico kiringo, kuko ndi umu Saserdoti, ntegerezwa kugamburukira Ekereziya Umuvyeyi’’. Abandanya avuga ko abasaserdoti, bafata intumbero bahabwa na Ekereziya. Musenyeri Serapiyo Bambonanire kandi, avuga ko atamugambwe n’umwe ahengamirako, ko ndetse atanuwo arimwo, ari naco gituma n’ibikorwa yaranguye vyose mu murwi CNTB ataho yahengamiye, atari ugukurikiza amategeko.

Tukabamenyesha ko abasenyeri Gatorika b’i Burundi, bamaze kwerekana aho bahagaze ku bivugwa vy’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu, aho bavuga ko bipfuza ko amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa nshingiro vyo kubahirizwa, ndetse hakubahirizwa n’ivyaditswe ku bijanye n’ibiringo. Aha bamwe mu basenyeri, nka Simoni Ntamwana wa Diyoseze nkuru ya Gitega, akaba yaduduriyeko ko, atanumwe arekuriwe kurenza ibiringo bibiri atwara igihugu, ko uwobirengako, yoba agomba kugira abarundi, abaja.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2  

11
Ngenzebuhoro 2015-04-22 14:56:43

@Evariste Niyonkuru
@Mahoro

Mwebwe n’abiyumvira uko kwanyu nobabwira ko muvuga ivyo mutazi naburya ari uburenganzira bwanyu, barayamaze ngo " Uwutazi ubwenge ashima ubwiwe"...

12
cuma 2015-04-22 14:54:14

wewe urarutwa nabarya babivuze batarabogozwa mumabanga bari bajejwe, uramaze kwangiza igihugu none ugeze no mubiringo. tegereza amategeko azubahirizwa ukuri kwamye,utiriwe urata umwanya.

13
evariste niyonkuru 2015-04-22 14:20:00

ivyo yabivuze kubera bamubogoje ! kwatari bwabivuge ?

14
MUNTU 2015-04-22 13:56:52

arakuwe nn aravuze.canke nawe ni mucezo wandani?

15
mahoro 2015-04-22 13:22:09

Musenyeri, ko utari bwashikirize aho uhagaze utarabogorwa mu mabanga wahora ujejwe yo kuryanisha abarundi aho kubanywanisha? Abarundi ahubwo turi umuti w’ amenyo. Système dd iraguhenze, mukozi w’ Imana , uraburabuje abantu isinzi ku mohe yayo ngo wirukanishe bamwe kandi ataho mubashira. Kubera iki utisunze ijambo ry’ Imana wa mwungere w’ ishengero. Kuki utagize " urakunda mugenzawe nkuko wikunda" iri bwirizwa bwa tegeko mu mabanga bari bagushinze. Genda ahubwo waratukishije ubusenyeri bwawe.

16
NDAVUGASIMVURA 2015-04-22 11:55:52

ewe burundi bwacu reka ntebe ntwenge ariko aho uwubona akumva ntimubona ko imana iriko iriyerekana muburundi bwacu wait and see.

Paji: 1 | 2  

Kumenyekanisha