Libiya : Abakirisu barageramiwe

0 2-01-2013 - saa 03:03, IGIHE

Kuri uyu wa gatandatu itariki 29 kigarama 2012,ishengero y’aba coptes yaratewe mu gisagara ca Misrata ku birometero 200 mu buseruko bw’umurwa mukuru wa Libiya Tripoli.
Nkuko itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP ryabimenyesheje,ngo kuri uno w’Imana abantu bababa ijana baragiye mw’ishingurwa ry’umwe mu banyamisiri b’abacopte bishwe mu gitero cabaye ku rushengero ruri mu buseruko bwa Libiya,abakristo bakaba rero baramenyesheje ko batewe ubwoba n’ubwo bwicanyi buguma bwiyongera. (...)

Kuri uyu wa gatandatu itariki 29 kigarama 2012,ishengero y’aba coptes yaratewe mu gisagara ca Misrata ku birometero 200 mu buseruko bw’umurwa mukuru wa Libiya Tripoli.

Nkuko itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP ryabimenyesheje,ngo kuri uno w’Imana abantu bababa ijana baragiye mw’ishingurwa ry’umwe mu banyamisiri b’abacopte bishwe mu gitero cabaye ku rushengero ruri mu buseruko bwa Libiya,abakristo bakaba rero baramenyesheje ko batewe ubwoba n’ubwo bwicanyi buguma bwiyongera.

Ibimenyeshamakuru vyo mu gihugu ca Libiya n’ivyo mu gihugu ca Misiri bivuga ko ico gitero rero cagizwe n’abantu bataramenyekana kuwa gatandatu mw’ijoro mu rushengero rw’abacoptes rwitiriwe Georges Mweranda I Dafniya mu ntara ya Misrata ku birometero 200 mu buseruko bw’umurwa mukuru Tripoli,nayo ngo abategetsi bakaba baratanguye amatohoza kugira bamenye imvo nyamukuru y’ico gitero bafata nk’ubwicanyi.

Nkuko umukuru w’iryo shengero Markos Zaghloul Boulos yabibwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP kuwa mbere,ngo bariko barasenga baca bumva ikintu giturikiye ku ruhande rumwe rw’urushengero.Akaba yamenyesheje ko ababajwe n’urupfu rw’abayoboke 2 baguye muri ico gitero.

Abakristo rero muri ico gihugu bakaba batarenga ibice bitatu kw’ijana benshi bakaba bava mu gihugu ca Misiri ahasanzwe hari abacoptes batari bake.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha