Ku ntwaro y’umu papa azosubirira Benedicto wa 16 hoba hazoba umuhero w’isi

4 12-02-2013 - saa 06:32, IGIHE

Inyuma y’aho Papa celestin XIV atangiye imihoho ari nawe mu Papa yagira 163 hari ubuhanuzi buvuga ko hazokurikirana aba Papa 112 hanyuma umuhero w’isi ugaca ushika urwo rutonde rwarasubiriye kwibonekeza mu mwaka w’2005.
Inyuma y’urupfu rwa Papa Yohani paulo wa kabiri ubu naho ubwo buhanuzi bwongeye gusubira gusigurwa mu gatabo k’impapuro zitanu kanditse mu kiratini kavuga ko uyu mupapa Benedigito wa16 yaraye atanze imihoho yagira 111 bisigura rero ko umupapa agiye gutorwa azoba abaye uwa nyuma (...)

Inyuma y’aho Papa celestin XIV atangiye imihoho ari nawe mu Papa yagira 163 hari ubuhanuzi buvuga ko hazokurikirana aba Papa 112 hanyuma umuhero w’isi ugaca ushika urwo rutonde rwarasubiriye kwibonekeza mu mwaka w’2005.

Inyuma y’urupfu rwa Papa Yohani paulo wa kabiri ubu naho ubwo buhanuzi bwongeye gusubira gusigurwa mu gatabo k’impapuro zitanu kanditse mu kiratini kavuga ko uyu mupapa Benedigito wa16 yaraye atanze imihoho yagira 111 bisigura rero ko umupapa agiye gutorwa azoba abaye uwa nyuma hagati canke hanyuma umuhero ugaca uza.

Ivyo rero bikaba vyateye impari nyinshi ku mirongo ya internet nka twitter na facebook canke ama blogs atandukanye ndetse no kuri wikipedia.

Ubwo buhanuzi abakoresha ubuhinga ngurukanabumenyi internet bahaririyeko buvuga ngo : « Mwihamwa rya nyuma ry’ishengero ritagatifu y’i Roma hazokwima Petero umuromani azoragirira intama ziwe mu marushwa menshi.

Ayo marushwa aheze igisagara cubatswe ku misozi indwi kizosamburwa niho wa mucamanza ateye ubwoba azoca aza gucira urubanza abantu biwe. »

Ivyiyumvuro ni vyishi, abantu bariko barondera isano ryoba hagati y’ubwo buhanuzi n’ibiriko biraba.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
BARARUNGERERA Vénant 2017-03-29 15:34:15

Mbe ko Yesu bamubajije umus’umuhero uzozira, akavuga ko nawe nyene ataz’umusi, atari Data gusa.None twokwihenda tukagereranya ngo umuhero uzoba kuntwaro y’umutware kanaka? Reka tuwurindire duteguy’imitima yacu.

2
NINGENZA 2016-05-18 21:02:34

UBWO NI UBUJUJU. URETSE DATA,NTAWUNDI AZI IGIHE C’UMUHERO W’ISI.

3
Nikwigize 2016-03-20 20:17:44

Rekakugumurabantu Bibilia Ivugakoniyohobayabamalayika Canke Yesubwiwe Uwomusintawuwuzi Kombonamugereranya Isiyaka Mwabikuyehe Mwafotoyehevyabaye ’. Nibangaryimana Bagenzi

4
Elie 2015-10-16 19:30:37

MANA YACU.NKUKO TWARI TWARABIMENYESHEJWE,YEZU AZOZA KUDUCIRA URUBANZA KU MUHERO W’ISI.GUSA IMANA IZOMBABARIRE KUKO NDI UMUNYAVYAHA.GUSA ABANTU TWAMYE TUGAVYE.BANTU B’IMANA IMANA IZODUHANA TUTISUBIYEKO.MUVYO NDMERA IMANA IRIHO YEZU NAWE YACUNGUYE ISI YOSE.NIVYO IMANA IBAHEZAGIRE MWAME MUGAVYE KUKO ATAWUZI UMUNSI N’ISAHA

Kumenyekanisha