Umukuru w’igihugu yoba yemeye kutazokwitoza mu kiringo ca gatatu

17 2-04-2014 - saa 15:01, IGIHE

Abarundi bo mu makungu babandanya kugira imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Amakuru avugwa, n’uko Petero Nkurunziza yoba yemeye, aho ari mu rugendo mu gihugu c’Ububirigi, ko atazokwitoza.
Inyuma y’imyiyerekano y’abarundi bo muri Reta zunze ubumwe za Amerika, hamwe n’iy’abarundi bo muri Canada, ku munsi w’ejo kuwa kabiri, abo mu gihugu c’Ububirigi bagiriye imyiyerekano imbere y’inyubakwa ikoreramwo ishiramwe ry’ubumwe bwa buraya. Mu vyandiko abari mu (...)

Abarundi bo mu makungu babandanya kugira imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Amakuru avugwa, n’uko Petero Nkurunziza yoba yemeye, aho ari mu rugendo mu gihugu c’Ububirigi, ko atazokwitoza.

Inyuma y’imyiyerekano y’abarundi bo muri Reta zunze ubumwe za Amerika, hamwe n’iy’abarundi bo muri Canada, ku munsi w’ejo kuwa kabiri, abo mu gihugu c’Ububirigi bagiriye imyiyerekano imbere y’inyubakwa ikoreramwo ishiramwe ry’ubumwe bwa buraya. Mu vyandiko abari mu myiyerekano bari bitwaje, basaba ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yovavanura n’ukwitoza mu kiringo ca gatatu c’ukurongora Uburundi, kubera vyoba biciye kubiri n’amasezerano ya Arusha avuga ko ikiringo c’ugutwara igihugu c’Uburundi kidashobora kurenga imyaka cumi. Muri iyo myiyerekano, abo barundi bo mu bubirigi n’ibindi bihugu basavye ko ubutegetsi bw’i Bujumbura bwokwubahiriza ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro, kandi buhagarike ihohoterwa rya kiremwa muntu rikorwa n’urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD.

JPEG - 347.1 ko
Imyiyerekano y’abarundi mu gihugu c’Ububirigi

Ntawuramenya namba umukuru w’igihugu yoba yumvise akamo k’abarundi bo mu makungu, hamwe n’abo mu gihugu. N’aho ata mutegetsi aravyemeza, amakuru ariko aravugwa, n’uko Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi, mu rugendo arimwo, yoba yiyemereye ko atazosubira kwitoza mu kiringo ca gatatu. Ayo makuru amenyesha ko Petero Nkurunziza yoba yemeye ko umugambwe CNDD FDD uzoserukirwa n’uwundi munyamugambwe mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka w’2015.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2  

11
humura 2014-04-02 19:28:33

ni ububeshi nabitohoje ntavyo yavuze kandi mube mwandika ivyo mwatohoje apana ibihuha.

12
Ntawuzahihera 2014-04-02 19:22:23

Ivy’uburundi turabimenyereye, nivyo tuzovyemera avyikuriye mu kanwa kiwe.

13
MIBAYA 2014-04-02 17:10:54

Yashoboye kubona ko ataco yamariye Uburundi n’abarundi. C’est peut être le début de la fin du CNDD FDD

14
ndahimbawe 2014-04-02 16:35:42

Nyakwubahwa, NKURU gira impundu n’impuzu.urakoze kudadanura ivyadaditswe n’uwigize umuvugizi wawe atavyo wamutumye(gwarudo NDUWI). Yari yakugaye yibaza ngo uri sourd-muet. KOMERA MUTAMA WACU

15
ndahimbawe 2014-04-02 16:35:40

Nyakwubahwa, NKURU gira impundu n’impuzu.urakoze kudadanura ivyadaditswe n’uwigize umuvugizi wawe atavyo wamutumye(gwarudo NDUWI). Yari yakugaye yibaza ngo uri sourd-muet. KOMERA MUTAMA WACU

16
2014-04-02 16:03:20

Iyo ni poisson d’Avril.

17
humura 2014-04-02 15:09:22

okay niba arivyo vyoba ari vyiza canee ... sinzi ngira abo muri ADC ikibiri boca biruhutsa ... ariko batsinzwe nukuri vyontangaza cane... ayomakuru muyatohoze neza hanyuma mwandike inkuru yukuri atari ibihuha ....

Paji: 1 | 2  

Kumenyekanisha