Umukuru w’igihugu yoba yemeye kutazokwitoza mu kiringo ca gatatu

17 2-04-2014 - saa 15:01, IGIHE

Abarundi bo mu makungu babandanya kugira imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Amakuru avugwa, n’uko Petero Nkurunziza yoba yemeye, aho ari mu rugendo mu gihugu c’Ububirigi, ko atazokwitoza.
Inyuma y’imyiyerekano y’abarundi bo muri Reta zunze ubumwe za Amerika, hamwe n’iy’abarundi bo muri Canada, ku munsi w’ejo kuwa kabiri, abo mu gihugu c’Ububirigi bagiriye imyiyerekano imbere y’inyubakwa ikoreramwo ishiramwe ry’ubumwe bwa buraya. Mu vyandiko abari mu (...)

Abarundi bo mu makungu babandanya kugira imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Amakuru avugwa, n’uko Petero Nkurunziza yoba yemeye, aho ari mu rugendo mu gihugu c’Ububirigi, ko atazokwitoza.

Inyuma y’imyiyerekano y’abarundi bo muri Reta zunze ubumwe za Amerika, hamwe n’iy’abarundi bo muri Canada, ku munsi w’ejo kuwa kabiri, abo mu gihugu c’Ububirigi bagiriye imyiyerekano imbere y’inyubakwa ikoreramwo ishiramwe ry’ubumwe bwa buraya. Mu vyandiko abari mu myiyerekano bari bitwaje, basaba ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yovavanura n’ukwitoza mu kiringo ca gatatu c’ukurongora Uburundi, kubera vyoba biciye kubiri n’amasezerano ya Arusha avuga ko ikiringo c’ugutwara igihugu c’Uburundi kidashobora kurenga imyaka cumi. Muri iyo myiyerekano, abo barundi bo mu bubirigi n’ibindi bihugu basavye ko ubutegetsi bw’i Bujumbura bwokwubahiriza ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro, kandi buhagarike ihohoterwa rya kiremwa muntu rikorwa n’urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD.

JPEG - 347.1 ko
Imyiyerekano y’abarundi mu gihugu c’Ububirigi

Ntawuramenya namba umukuru w’igihugu yoba yumvise akamo k’abarundi bo mu makungu, hamwe n’abo mu gihugu. N’aho ata mutegetsi aravyemeza, amakuru ariko aravugwa, n’uko Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi, mu rugendo arimwo, yoba yiyemereye ko atazosubira kwitoza mu kiringo ca gatatu. Ayo makuru amenyesha ko Petero Nkurunziza yoba yemeye ko umugambwe CNDD FDD uzoserukirwa n’uwundi munyamugambwe mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka w’2015.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2  

1
Jmb 2015-04-30 20:00:01

Murugendo Ubuserukizi Bwo Muri Amerika Ivyo Bavuganye

2
Jmb 2015-04-30 19:59:03

Murugendo Ubuserukizi Bwo Muri Amerika Ivyo Bavuganye

3
leon 2014-10-30 20:03:31

Ashiiiiiiiiiiiiiiiiiii turiruhukize abarundi. Kubona umukuru w,igihugu atagovye kuzana nosence mu gihugu

4
Kigongwe 2014-06-08 11:09:33

Ndamushimiye cane ariko nimba vyukuri yemeye kutazokwitoza bamuhe abamucungera atari barya bari mugambwe umwe kuko barashobora kumugirira nabi kuko murundi ntakabi kiwe ahubwo akoresha amakosa nabo bari kumwe nayo we niyirambire.

5
valence bertrand 2014-04-27 11:48:39

N’ukuri nkurunziza yitojeje ubugira gatatu yoba agineza arik bidakunda naho yoreka hakitoza abandi kuko naho atokwitoza umugambwe wiwie utegerezwa gutsinda!!!!!!

6
secila 2014-04-03 07:51:26

koyemeye koatazotwara ikiringo cagatatu agiyeye kuzoba imuhuza koko nkuko yamye azohora abangabanganwa na Buyoya Mumakunguabagenzi numutima vya muhanuye neza Imana Imuhezagire

7
kibwa 2014-04-02 23:46:55

Basha nimba yavyemeye yoba yishubije umutamana kirazira gufuta ibwirizwa shingiro ryagarukanye Amahoro mugihugu aho yobatazokwitoza vyopfuma turindire

8
Bumwe 2014-04-02 21:45:47

Tubwire ikinyamakuru canke radio yabivugiyeko kugira tuvyemere kuko benshi ivyo bemera bari hanze bageze mugihugu bavuga ibindi.muzompinyuza kuko nimba yarindiriye kwurira indege kugira abishikirize mugihugu huzuye ama radio muzobimubaze ashitse mwumve ko atabihakana

9
Muco 2014-04-02 21:29:32

Imana ihezagire umukuru wigihugu yashimye ko Ukuri(umuco)utsinda ububeshi(umwijima)

10
munusu? 2014-04-02 20:51:45

wirambire.mutamankurunziza.birazwiko.arakagwikabantubakeya.batoberanubutegetsi.arikokubwawentakabikawe.ubumushinngantahe.urabeko.uzoburicubahiro.arikukadadaza?sinoguhendanumwanayokugaya.kandindakubwirebibiriyavugango.umntu.ntakwiyegucumuzwanakamanyukumutsima.icogihugu.nikokamanyukumutsima.nibizokwirikira.uzogumewerekana.ubushingantahe.kandintacobazokugira

Paji: 1 | 2  

Kumenyekanisha