Ku bantu badakundwa; ng’aya amabanga 7 yotuma mukundwa cane nk’abandi

5 17-08-2013 - saa 06:21, IGIHE

Gukunda akenshi usanga vyoroshe, ukamenya uwo umutima wawe wishimiye. Gukundwa vyo usanga kuri bamwe biba ingorane mu gihe hari abandi wokeka ko bagira uburozi baha buri wese bahuye nawe. Ngizi inzira indwi wocamwo ugakundwa nawe, ukanezerwa:
1. Kumenya guha umwanya ukwiriye uwo ukunda .
Burya n’aho abarundi bayamaze bati agafuni kabara ubumwe ni akarenge, ntiworamutsa umuntu udafise umwanya igihe. Mu gihe uwo wita ko ukunda utamufatiye igihe bizomugora kugukunda. Ni vyiza ko uwo ukunda (...)

Gukunda akenshi usanga vyoroshe, ukamenya uwo umutima wawe wishimiye. Gukundwa vyo usanga kuri bamwe biba ingorane mu gihe hari abandi wokeka ko bagira uburozi baha buri wese bahuye nawe. Ngizi inzira indwi wocamwo ugakundwa nawe, ukanezerwa:

1. Kumenya guha umwanya ukwiriye uwo ukunda .

Burya n’aho abarundi bayamaze bati agafuni kabara ubumwe ni akarenge, ntiworamutsa umuntu udafise umwanya igihe. Mu gihe uwo wita ko ukunda utamufatiye igihe bizomugora kugukunda. Ni vyiza ko uwo ukunda umuha akanya gakwiriye mu kayaga.

2. Haranira kubwira uwo ukunda ivyiza umubonako ukwo ubimubonyeko
.

Benshi biragora cane kumva igituma abaririmvyi bakundwa cane. Ibanga nta rindi ni ukwo baba babasha kuvuga ivyiza babonye ku muntu, vyaba ngombwa bakabiririmba kugirango anezerwe. Niwabona iciza kuwo ukunda nk’intambuko, ukwo akanura, ukwo yambara, ukwo yaguteguriye ivyo ufungura bimubwire.

3. Gerageza kwumva ko uri uw’agaciro .

Igihe cose wisuzugura, wiyerekana ko ata n’umwe yogushima niko bazogufata. Aho uri hose, abo murikumwe bose, bereke ko uri uwagaciro, ko ukwo uri kwose wiyumva, kandi ukishigikira. Kuko wigize ikivumvu, bazokuyoza umwavu.

4. Gerageza kuba umuntu ukeye ku mutima, utwenza kandi ugatwenga.

Uretse uwo ukunda, n’abandi bose bazogukunda mu gihe bagushitse iruhande ubaruhura, iyo ubatwengeje nawe ugatwenga. Iyo umuntu akwegereye akagusanga minsi yose uri mu maganya, azokuja kure kuko azanka ko ayo maganya yawe nawe amutandukira. Niwaba udashoboye gutwenza abandi, pfuma hoho umwenyura, werekane umunezero muri wewe.

5. Iga gusaba uwo ukunda .

Iyi ingingo ni nziza cane mu buzima bw’uwushaka gukundwa. Kwereka umukunzi wawe ko ataco ukeneye ku bandi mu gihe nawe agifise, ivyo bituma bimwereka ikibanza umuha muri wewe. Ariko rero, aha ni ukuvyitwaramwo neza, kuko hari abaca barenza urugero, bagashaka gusaba ivyo umusore canke inkumi badafise, canke bigatuma uwusaba agaragarako nk’umusavyi karuhariwe.

6. Fata igihe utege amatwi uwo ukunda .

Gutega amatwi uwo ukunda, kenshi ntivyorohera bamwe bamwe. Hari abo usabnga bashaka kuguma bavuga bonyene, batanga amategeko ntibagombe kwumva ibigoye mu genziwe, canke yavuga ingorane ziwe, ugasanga uciye wirabira hirya nk’aho umenga ntaco wumvise. Iyo uteze amatwi umukunzi wawe, bituma agukunda cane, akabona ko umwitayeho rwose.

7. Ntukamubwire amajambo amubabaza .

Birashika ko umukunzi wawe ateba iyo mufitaniye urugendo, birashika ko aja gusokoza agatebayo, birashika ko mugira mujane gusenga agucereza, si vyiza ko uca umubwira ngo niko wama minsi yose, niko uremye, ahubwo, menya ikibimutera kuruta ibindi vyose.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
chalif uwimana 2018-02-24 22:30:48

mugihe ataba yemera komuyaga arik umukunda wokor’iki?

2
Marius Rayce 2018-01-09 18:45:23

Bandanya Mutugezah Vyinsh

3
Niyonkuru Guillaume 2017-08-17 18:43:52

TURABSHIMIY SANA KUVY MUTUGEZAHO.

4
innocent ntakarutimana muco 2017-08-07 16:44:52

mubandanye mutanga impanuro gko turi benshi dukeneye gufashwa.mubidukundiye muduhe inomero zanyu ngo tuze turabahanuza mughe bitugoye.murakoze!

5
Tony Todio 2015-10-04 10:57:16

biraryoshe

Kumenyekanisha