Iyindi miryango yugarije ahakorera umuhuza w’abarundi

0 1er-08-2014 - saa 13:28, IGIHE

Ahari ibiro vy’umuhuza w’abarundi hugarijwe n’iyindi miryango y’abanyagihugu, bavuga ko bomowe n’inzara, bagasaba Mohamed Rukara ko yobagira nk’abandi,mu gihe hari abari bahamaze iminsi bahawe imfashanyo y’umuceri.
Abo banyagigihugu bakavuga ko, ari abo muri komine ya Buterere, bavuga ko bakuwe mu mahema barimwo, babariwe ko bazohabwa imfashanyo. Bavuga ko amezi atatu ariko arahera ataco bahawe, mu gihe inzara nayo ibarembeje. Abayaze n’ikinyamakuru IGIHE, bakaba bavuze ko bahamaze iyinga irenga, (...)

Ahari ibiro vy’umuhuza w’abarundi hugarijwe n’iyindi miryango y’abanyagihugu, bavuga ko bomowe n’inzara, bagasaba Mohamed Rukara ko yobagira nk’abandi,mu gihe hari abari bahamaze iminsi bahawe imfashanyo y’umuceri.

Abo banyagigihugu bakavuga ko, ari abo muri komine ya Buterere, bavuga ko bakuwe mu mahema barimwo, babariwe ko bazohabwa imfashanyo. Bavuga ko amezi atatu ariko arahera ataco bahawe, mu gihe inzara nayo ibarembeje. Abayaze n’ikinyamakuru IGIHE, bakaba bavuze ko bahamaze iyinga irenga, kandi basaba nabo guhabwa imfashanyo nk’iyahawe abandi bari bahamaze iminsi, bavuga ko bahuye n’ivyago vy’imvura yahitanye ibintu mu Gatunguru.

Bavuga ko ivyo bari baremerewe bobihabwa, muri ivyo hakaba harimwo umutahe wo kudandaza, ibikoresho vyo kurarako, ivyombo vyo gukoresha mu mihana iwabo, hamwe n’ivyo gufungura. Bavuga ko batariko barava aho ku muhuza w’abarundi ikibazo cabo kidatorewe inyishu.

Abo banyagihugu bagizwe n’abana, abagabo, abagore hamwe n’abageze mu zabukuru, bakaba baryama ku bisigarira vy’ibikarato bitekerwamwo impuzu n’amasabuni. Bavuga ko abana bato baja bamaze kugwaragurika, aho inzoka zo mu nda n’inkorora ari vyo bibabangamiye. Mwomenya ko mu biro vy’umuhuza batumenyesheje ko ikibazo c’abo bantu batarakimenya kuko abahahora, baja baratahanywe mu mihana iwabo.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha