9 Myandagaro

0 10-08-2018 - saa 09:11, IGIHE

Igenekerezo rya 9 Myandagaro .
Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri
1534: Jacques Cartier yubura uruzi Saint-Laurent.
1903: Hatorwa umupapa muhasha aca afata izina rya Pie wa 10. 1936: Mu nkino mpuzamakungu za Jeux Olympique zi Berlin, umwirabure Jesse Owens atwara umudari w’inzahabu ugira 4 imbere ya Adolf Hitler. Ico gihe Hitler yarahakanye ku mukora muntoke aho yariko arahabwa uwo mudari.
1942: Gandhi arahagarikwa inyuma y’ijambo yavuze igihe yariko aratanguza umuhari wa Quit (...)

Igenekerezo rya 9 Myandagaro .

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri

1534: Jacques Cartier yubura uruzi Saint-Laurent.

JPEG - 7.7 ko
Jacques Cartier

1903: Hatorwa umupapa muhasha aca afata izina rya Pie wa 10.
1936: Mu nkino mpuzamakungu za Jeux Olympique zi Berlin, umwirabure Jesse Owens atwara umudari w’inzahabu ugira 4 imbere ya Adolf Hitler. Ico gihe Hitler yarahakanye ku mukora muntoke aho yariko arahabwa uwo mudari.

JPEG - 10.9 ko
Jesse Owens

1942: Gandhi arahagarikwa inyuma y’ijambo yavuze igihe yariko aratanguza umuhari wa Quit India.

JPEG - 42.5 ko
Gandhi ahagaritswe

1945: Leta Zunzubumwe z’Amerika zitera ibombe ku isagara ca Nagasaki co mu Buyapani. Iyo bombe ikaba yataziriwe « Fat Man ». ikaba yarimwo ubumara bwitwa Plutonium.
1965: Singapour kirikukira, ciyonkora kuri Malaisie.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1776: Amedeo Avogadro, umuhinga muri chimie no muri physique akomoka mu Butariyano.

JPEG - 10.7 ko
Amedeo Avogadro

1908: Tommaso Landolfi, umwanditsi w’umutariyano.
1911: William Fowler, yaronse agashimwe kitiriw Nobel muri Physique mu 1983.
1927: Daniel Keyes, umwanditsi akaba n’umushakashatsi mu vy’imibereho y’abantu.
1939: Romano Prodi, umunyapolitike w’umutariyano.
1963: Whitney Houston, umuririmvyi w’umunyamerika.

JPEG - 8.2 ko
Whitney Houston

1973: Filippo Inzaghi, umukinyi w’umupira w’amauru akomoka mu Butariyano.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
1962: Hermann Hesse, umwanditsi akomoka muri Suisse yaronse agashimwe kitiriwe Nobel mu kwandika mu 1946.

JPEG - 7.3 ko
Hermann Hesse

1969: Cecil Frank Powell, uwaronse agashimwe kitiriwe Nobel muri Physique mu 1950.

Ibihibazwa

. Canada: Umunsi wahariwe inteko za ONU. Umunsi mukuru wo ku rwego rw’igihugu.
. Singapour: Umunsi mukuru w’igihugu. Hibukwa aho ico gihugu ciyonkora kuri Malaisie.
. Afrika y’Epfo: Umunsi mukuru w’abagore ku rwego rw’igihugu.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

13077 0 12-11-2018
7794 0 2-11-2018
3762 0 25-10-2018
6255 0 21-10-2018
Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha