Ishengero Gatorika ryakuye abapadiri bose mw’itunganywa ry’amatora

57 28-05-2015 - saa 11:08, IGIHE

Ishengero Gatorika ryakuye abariserukira bose mu murwi utegura amatora, mu ntara no mu makomine.
Mu nama yahuje abepiscopi Gatorika b’i Burundi Abepiscopi ba Ekereziya Gatolika bamenyeshako bakuyemwo abapatiri bari bashizwe mu mirwi ijejwe gutunganya amatora mu ntara CEPI no mu ma komine CECI. Ivyo bibanza babihaye uwo wese yumvako arongowe kuja gucungera amatora.
Inama nkuru y’Abepiscopi imenyesha ariko ko ishigikiye amatora bagasaba abakristu bose gutora uwo mutima Mweranda aberetse ata (...)

Ishengero Gatorika ryakuye abariserukira bose mu murwi utegura amatora, mu ntara no mu makomine.

Mu nama yahuje abepiscopi Gatorika b’i Burundi Abepiscopi ba Ekereziya Gatolika bamenyeshako bakuyemwo abapatiri bari bashizwe mu mirwi ijejwe gutunganya amatora mu ntara CEPI no mu ma komine CECI. Ivyo bibanza babihaye uwo wese yumvako arongowe kuja gucungera amatora.

Inama nkuru y’Abepiscopi imenyesha ariko ko ishigikiye amatora bagasaba abakristu bose gutora uwo mutima Mweranda aberetse ata gitsure batewe canke ngo bagurwe kuko boca baba abaja. Abo basenyeri bahamagarira abagira imyiyerekano kuyigira mu mutekano, ataco bononye na cane ntibice. Basaba n’abajejwe umutekano kudakoresha inguvu na cane cane kutica abo bajejwe gukingira kuko ubuzima ni katihabwa.

Iryo kura abaryo mw’itunganywa ry’amatora, rikaba rije rikurikira urwandiko bari bashize ahabona, aho bavuga ko bashobora gukinjura mu matora, bivanye n’amakenga bari bagaragaje.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5 | 6  

51
enisirive 2015-05-28 13:12:02

jewe mbona batari bakwiye kubivamwo kuko iyo ibintu utari murivyo biragoye ko imenya ibibazo birimwo kugira ubisengere.

52
Emmanuel Kabura 2015-05-28 12:42:48

Emwe Bari Baratevye Kuko Twebwe Twari Tumaze Imisi Twibaza Ko Ekleziya Gatorika Yoba Ifise Uruhara Mumanyanga Yariko Akorwa Na CENI Ariko Imana Ishimwe Baraguye Baragarutse.Ameni.

53
Emmanuel Kabura 2015-05-28 12:41:50

Emwe Bari Baratevye Kuko Twebwe Twari Tumaze Imisi Twibaza Ko Ekleziya Gatorika Yoba Ifise Uruhara Mumanyanga Yariko Akorwa Na CENI Ariko Imana Ishimwe Baraguye Baragarutse.Ameni.

54
MATAYO.INGOZI 2015-05-28 12:35:48

YOO!!!.NAKATORIKA IRAKUYE MWAKARENGE.ABARUNDI TUJAHE AYO MATORA NIBAYAREKE BABAZE BUNVIKANE.BITAGENZE UKO.ABARUNDI INBERE.SIHEZA

55
NIYOKWIZERA Eric 2015-05-28 12:08:41

Twebwe abakristu turashimye iyo ngingo.Reta niyikubite agashi ibone ko uburenganzira bw’abenegihugu butegerezwa kubahirizwa.Turasavye abategetsi b’uburundi bareke kwikunda babone ko abenegihugu aribo babashizeho kandi aribo bazobakura mugihe batabubahirije.

56
Waldens 2015-05-28 11:41:54

Asha Nateshwe Ate Ntawuhora Ku Ngoma

57
bukuru jean bosco 2015-05-28 11:30:38

Abungere Ba Ekleziya Ntibigera Batwagwa Nibishobisho Kandi Bayoborwa Na Mutima W’Imana baagahanura ukwo barongowe nuwo mutima nyene.baratanze igihe gihagij ngo utunenge twibonekeza dukosorwe muga vyaranse.twebw aba kristu turabakengurukiy kungingo gishingantahe kandi gi kristu bafashe.IMANA iyobore uburundi.AMEN.

Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5 | 6  

Kumenyekanisha