Ishengero Gatorika ryakuye abapadiri bose mw’itunganywa ry’amatora

57 28-05-2015 - saa 11:08, IGIHE

Ishengero Gatorika ryakuye abariserukira bose mu murwi utegura amatora, mu ntara no mu makomine.
Mu nama yahuje abepiscopi Gatorika b’i Burundi Abepiscopi ba Ekereziya Gatolika bamenyeshako bakuyemwo abapatiri bari bashizwe mu mirwi ijejwe gutunganya amatora mu ntara CEPI no mu ma komine CECI. Ivyo bibanza babihaye uwo wese yumvako arongowe kuja gucungera amatora.
Inama nkuru y’Abepiscopi imenyesha ariko ko ishigikiye amatora bagasaba abakristu bose gutora uwo mutima Mweranda aberetse ata (...)

Ishengero Gatorika ryakuye abariserukira bose mu murwi utegura amatora, mu ntara no mu makomine.

Mu nama yahuje abepiscopi Gatorika b’i Burundi Abepiscopi ba Ekereziya Gatolika bamenyeshako bakuyemwo abapatiri bari bashizwe mu mirwi ijejwe gutunganya amatora mu ntara CEPI no mu ma komine CECI. Ivyo bibanza babihaye uwo wese yumvako arongowe kuja gucungera amatora.

Inama nkuru y’Abepiscopi imenyesha ariko ko ishigikiye amatora bagasaba abakristu bose gutora uwo mutima Mweranda aberetse ata gitsure batewe canke ngo bagurwe kuko boca baba abaja. Abo basenyeri bahamagarira abagira imyiyerekano kuyigira mu mutekano, ataco bononye na cane ntibice. Basaba n’abajejwe umutekano kudakoresha inguvu na cane cane kutica abo bajejwe gukingira kuko ubuzima ni katihabwa.

Iryo kura abaryo mw’itunganywa ry’amatora, rikaba rije rikurikira urwandiko bari bashize ahabona, aho bavuga ko bashobora gukinjura mu matora, bivanye n’amakenga bari bagaragaje.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5 | 6  

41
Wakana 2015-05-28 15:06:42

Nishimiye kongiye kucandonka ikiraka vyasebikunze kandi turibeshi ekantanibibanzabihari vyodukwiratwese kuko twaritwarasavye maze ibibanza birahera tucatubura turibeshi.

42
ali 2015-05-28 14:35:26

turashimye kungingo nziza mufashe kuko nimw mwari musigay kandi iyo mugumamwo mwohava mubazwa ubusuma buzoyaberamwo.noneho nibaza nizey ko atazoba....

43
jakrode 2015-05-28 14:20:16

iyaanabandibovayo.nkarabakobabishoborabonyene

44
jakrode 2015-05-28 14:19:29

iyaanabandibovayo.nkarabakobabishoborabonyene

45
NDABANDABA 2015-05-28 13:46:41

BANYAKUBAHWA MUCEMWONGERA MUFATE IZINDI NGINGO KO NKURUNZIZA ATOSUBIRA GUHONYOZA IKIRENGE MUPARUWASI IYARIYO YOSE NGO AJE GUSENGA NTAHAVE AHAHUMANYA KUKO ARI UMU ELIMINATI!!!!!!!!!!!!

46
RWUNGERE 2015-05-28 13:33:53

Abo batama baramaze guta intumbero y’umuhamagaro wabo. Mbe ko abapatiri basezerana kwihebera Imana mu kuba abaherezi b’igihugu c’Imana, ni ryari bahinduriwe amabanga bakivanga mu vyo batahamagariwe arivyo biheza bigatyoza ishengero kubw’ingingo baza barafata zidahumuriza bose. Ni bitwararike imitima gusa bareke kwivanga mu vya poritike ahandi ho bazohava basanga ishengero ryigabuyemwo kubiri.

47
wew 2015-05-28 13:30:15

Mu bintu vyose n’ahantu hose n’ukwitandukanya ukama werekana ko udategerezwa kuba umuja. SINDUMUJA.

48
KIBAMBA WA KIBAMBA 2015-05-28 13:27:55

jewe mbonye ivyobiganza vyabo bungere bimanitse hejuru nagize ubwoba!!! novuganti PEREZIDA NKURUNZIZA ahejeje kuvumwa nabakozi bimana; hasigaye ka yangara nka kayini!!!!!!! ariko aho azobari hose; imana izoguma imubaza amaraso yabababikira bo mukamenge.

49
sisi 2015-05-28 13:26:36

je nibaza kwaho atangorane nimwe irimwo.abo bari bashigikiye coup d’Etat banka gutwagwa numuhutu kandi wumu poroti.mbe ko batahagurutse uko ngo biyamirize abari bakubise coup d’Etat?ntabwoba badutera kuko abo ntibazi uko twagwanye kugira tugere aha nubu ntibikenewe ko bamenya ivyiwacu.gusa bihuta kuvuga nabi bakibagira kwarivyo twahoye ruhuna.Zebiya niyipange natwe tumufashe gusitura gotorika

50
SIHONDI Levis 2015-05-28 13:20:29

NDABASHIMIYE CANEEEEEEEEE GOSEEEEEEEEEEEE KUKO ARI ABANTU BINDRYAMUNYU BANSE KUBA CANKE KWITA ABAJAAAAAAAAAAAA !!!!!!!!!!!!!!!! IKIDARI CUMWAKAKA CAMBITSWE MUSENYERI NTAMWANA WE YUBAHUTSE AKAVUGA IVYO ABANDI BAVUGIRA MUNTAMATAMA. UBU TURINDIRE NKURUNZIZA PIERRE YAMANA YIWE ASENGA AHO IZOMUGIRA UMWAMI NABUKADINEZA HAHAHAHAHAHAHAAAAA AZOBA ARI MUSI YA MUJERI HIHIHIHIIIIIII

Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5 | 6  

Kumenyekanisha