Ishengero Gatorika ryakuye abapadiri bose mw’itunganywa ry’amatora

57 28-05-2015 - saa 11:08, IGIHE

Ishengero Gatorika ryakuye abariserukira bose mu murwi utegura amatora, mu ntara no mu makomine.
Mu nama yahuje abepiscopi Gatorika b’i Burundi Abepiscopi ba Ekereziya Gatolika bamenyeshako bakuyemwo abapatiri bari bashizwe mu mirwi ijejwe gutunganya amatora mu ntara CEPI no mu ma komine CECI. Ivyo bibanza babihaye uwo wese yumvako arongowe kuja gucungera amatora.
Inama nkuru y’Abepiscopi imenyesha ariko ko ishigikiye amatora bagasaba abakristu bose gutora uwo mutima Mweranda aberetse ata (...)

Ishengero Gatorika ryakuye abariserukira bose mu murwi utegura amatora, mu ntara no mu makomine.

Mu nama yahuje abepiscopi Gatorika b’i Burundi Abepiscopi ba Ekereziya Gatolika bamenyeshako bakuyemwo abapatiri bari bashizwe mu mirwi ijejwe gutunganya amatora mu ntara CEPI no mu ma komine CECI. Ivyo bibanza babihaye uwo wese yumvako arongowe kuja gucungera amatora.

Inama nkuru y’Abepiscopi imenyesha ariko ko ishigikiye amatora bagasaba abakristu bose gutora uwo mutima Mweranda aberetse ata gitsure batewe canke ngo bagurwe kuko boca baba abaja. Abo basenyeri bahamagarira abagira imyiyerekano kuyigira mu mutekano, ataco bononye na cane ntibice. Basaba n’abajejwe umutekano kudakoresha inguvu na cane cane kutica abo bajejwe gukingira kuko ubuzima ni katihabwa.

Iryo kura abaryo mw’itunganywa ry’amatora, rikaba rije rikurikira urwandiko bari bashize ahabona, aho bavuga ko bashobora gukinjura mu matora, bivanye n’amakenga bari bagaragaje.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5 | 6  

31
Espoir 2015-05-28 18:46:55

TEMBA CNDD-FDD URAVUMWE ABAVYEYI BARIKO BARAGUHENERA ABAKOZI B’IMANA BAGUKUYEKO AMABOKO NTAKINDI UZI ATARI UKWICA NO KWIBA WARUZI KO ABABIKIRA BATAZOGUHUMIRA NIBINDI UZOBI BONA MUGUPFA UZOMANIKWA KANDI NTANIGISIGARIRA CAWE DUKENEYE.NIHAMWE NYENE ATAYIPFA ITABIYYE UGEZE KURE NURUVYARO RWAWE NAYO ABO WISHE UZOBISHURA NTAKABUZA.

32
vuganeza 2015-05-28 18:40:09

Ariko ooo,nibagende ubu ayo makanzu ntawe agikanga,muzobaze i bulaya abo baramaze abana b’abahungu barya b’abakorezi babafata ku nguvu,vatican kwa papa naho nyene induru zahavugiye mwarazumvise ku ma violes,rero ceux làn’impressionnent personne,twarapfuye turatikira bari muri vyo bahezagira inkoho z’abasoda ngo zirase ntizihushe,abapadiri b’abahutu baricishijwe nabo ba ngoyagoye,ba makarakiza ,ba bududira,mbega Ntamwana ico gihe ko ataco yabivuzeko,ko atarasaba ngo ababikira n’abapadiri bagiye bicishwa nabo bagenziwe bahambwe mu cubahiro canke abashengeze,ubu harageze aho aterura ivyo bikanzu akimbagirire ku muhutu mwenewabo kuko azi ko ataco amugira,kera yari cwe,tu parles tuzimenya nkuko twimenye mu kibila siyo yari!

33
ntakiarthemon 2015-05-28 17:55:22

BAKOZE CANE KUKO BOHAVUYE BABAZWA UKUNTU BAGIYE GISHIGIKIRA IYIRETA INGOMBA KUGIRA AMATORA IBANJE KUMARA ABANTU!!IMANA IBAHEZAGIRE BAKOMEZE KWIGISHA BIRUKANGISHE AMASHETANI ARIMUBANTU MWAKOZE BAVYIYI!!!!

34
Carazwe 2015-05-28 17:20:44

Nibiyanjanweko ngo n’ abepisikopi. Mu misi iri imbere igihugu bazosanga cuzuye abaporoti hamwe n’ aba musulmans. Kandi ivyo ahani bigategwa n’ uko abatwara Ekeriziya bavyifatamwo. Mu ngwano hari abepisikopi baranzwe n’ amacakubiri arenze urugero, kandi abanyagihugi ntibirabavamwo.

35
JOSCAT 2015-05-28 17:07:06

Murabavyeyi Bacu Kandi Twemera.Imana Nibongere Ubwenge Nubwitonzi Hama Muhanure Ataho Muhengamiye Maze Abomuhanura Babumvire!Ariko Uwutumvise Yumvirayo!

36
Blue Bird 2015-05-28 16:24:57

Abo basore bashaje baragowe.Inzira barimwo igarukira i vatican.
Uwuzohezagira israel azohezagirwa nawe uwuzoyivuma azovumwa.Ils ont l’apparence de la piété , mais renient ce qui en fait la force.

37
Petit Democrate 2015-05-28 16:07:51

Ariko Koko Amatora Azoba??Azôgenda Gute ??Barundi Nimuc Ubwenge Kuko Igihugu Cagiyeeee

38
minani 2015-05-28 16:02:23

none abapatiri babonaga ayo matora ari ayo kwa papa,nibage gusoma ivangiri bavane abantu muvyaha, nubundi bari bari mubitabareba. icyo nkundira KAGAME mu RWANDA abo bose yabashyize kuruhande,hakora gushaka kwabanyagihugu benshi.

39
Lambert 2015-05-28 15:58:59

Ico nobivugako nuko abarundi bose bomera nkuko .imana izokwibuka abayo

40
LEONARD 2015-05-28 15:11:35

ndabakengurukiye.amatora aze yibwe mwakinjuye.IMANA ibahezagire.

Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5 | 6  

Kumenyekanisha