Iminsi 16 yahariwe kurwanya ihohoterwa rifatiye ku gitsina

1 25-11-2013 - saa 16:36, IGIHE

Guhera mu mwaka wa 2000,Uburundi burifadikanya n’ibindi bihugu vyo kw’isi mu kurwanya amabi akorerwa abakenyezi.
Ni muri iyo ntumbero, umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu n’igitsina umupfasoni Clotilde Niragira yuguruye ibikorwa vyo kwiyamiriza ihohoterwa rifatiye ku gitsina, bikazomara iminsi 16. Mw’ijambo ryo kwugurura ivyo bikorwa, umushikiranganji Niragira yamenyesheje ko amahoro n’umutekano biva mu mahoro ya buri muntu ku gatwe kiwe, ni nayo mpamvu bikwiye ko batuza ihohotera rya (...)

Guhera mu mwaka wa 2000,Uburundi burifadikanya n’ibindi bihugu vyo kw’isi mu kurwanya amabi akorerwa abakenyezi.

Ni muri iyo ntumbero, umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu n’igitsina umupfasoni Clotilde Niragira yuguruye ibikorwa vyo kwiyamiriza ihohoterwa rifatiye ku gitsina, bikazomara iminsi 16. Mw’ijambo ryo kwugurura ivyo bikorwa, umushikiranganji Niragira yamenyesheje ko amahoro n’umutekano biva mu mahoro ya buri muntu ku gatwe kiwe, ni nayo mpamvu bikwiye ko batuza ihohotera rya kiremwa muntu na cane cane irifatiye ku gitsina.

Phumzile Mlambo, umuyobozi nshingwabikorwa muri ONU Femmes, amenyesha ko ababijejwe bari bakwiye kwicara hamwe bakarondera inyishu kugira batuze amabi akorerwa abakenyezi. Uwo muyobozi agira ati: ‘’Mu gihe twobishaka, abategetsi bagashiramwo ingoga nyinshi turashobora gukinga, tukongera tugafasha abayakorewe mu gushiraho ibisata bibafasha. Biraturaba twese gutangura gukora, turi hamwe, turashobora gutuza iryo hohoterwa.’’

Muri iyo minsi 16 hakaba hateguwe ibikorwa bitandukanye mu gihugu cose, mu ntumbero yo guhimiriza abanyagihugu ku bijanye n’amabi ajanye n’ifatwa ku nguvu.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
kiri 2013-11-25 18:33:45

akamwaramwaza

Kumenyekanisha