Imigani yibutsa abantu kwumviriza impanuro

6 31-01-2013 - saa 03:30, IGIHE

Nkuko twavuze ku migani yigisha abarundi kuvuga make,abasokuru bahanura muri vyose ntibibagira kwigisha abantu kwumviriza impanuro z,abadukurirura mu myaka no mu vyiyumviro.Imigani nashoboye kuronka akaba ariyo nashimye gusangira namwe.Umugani w’ifatiro mu migani isaba abarundi kwemera guhanurwa ni : « intabarigwa ibwigwa n,uko amaso atukuye »
Uwo mugani inkomoko yawo ntibayisigura neza, mu bahumure twaganiriye ntawashoboye kunsigurira neza aho uwo mugani ukomoka n’icatumye uvuka .
Umutama (...)

Nkuko twavuze ku migani yigisha abarundi kuvuga make,abasokuru bahanura muri vyose ntibibagira kwigisha abantu kwumviriza impanuro z,abadukurirura mu myaka no mu vyiyumviro.Imigani nashoboye kuronka akaba ariyo nashimye gusangira namwe.Umugani w’ifatiro mu migani isaba abarundi kwemera guhanurwa ni :
« intabarigwa ibwigwa n,uko amaso atukuye »

Uwo mugani inkomoko yawo ntibayisigura neza, mu bahumure twaganiriye ntawashoboye kunsigurira neza aho uwo mugani ukomoka n’icatumye uvuka .

Umutama umwe niwe yavuze ati : «abarundi bakera bari baciye ubwenge, baragendereza ikintu, bamaze kubona ko kibaye incuro nyinsi baraheza bagaca umugani kugirango n’abandi bazovuka munyuma bazokwiyubare gukora ico kintu.»
Uwundi nawe yavuze ko kuva kera narindi,umuntu akiri muto yabwirizwa kwubaha abageze mu zabukuru.

Iyo bamuhanuye rero yategerezwa kubumvira kuko bababazi vyinski kumurusha ,ngo iyo umwana canke umuntu uwariwe wese akengereye impanuro z’abamukurira ngo yaragira ingorane kenshi ngo barahura n’ivyago vyinshi ugasanga baricuza bati« iyo menya narikwumviriza impanuro nahawe»,ngo kutubaha abahumure vyarimwo n,umuvumo.

Uwo mugani rero n,iyindi isangiye insiguro nawo ikaba yarafashije abarundi benhsi ,kuva kuri ba sokuru bacu,no kurundi runganwe rwagiye rukurikira, ndetse no gushika uyu munsi iyo migani ikaba ifasha cane abantu mu buzima bwabo bwa minsi yose nk’uko umwe mu rwaruka twavuganye avyemeza : « iyo ngirankore ikintu bakancira uwo mugani ndagira ubwoba kuburyo ncantinya gukora ico nari nateguye gukoara, bituma ndonka umwanya wo kwiyumvira neza ico nshaka gukora,gutyo nkirinda guwa mwikosa».

Imigani ijanye n’uwo nashoboye kuronka akaba ari :«Ijambo ry’umukuru urishima umukura» ; «Intarabona isera ihaha» ;« Wanka bangwe ntiwanka zana ndabe» ; « Uhisha ubwari nyoko ntiwarama» ; «Wanka kugarura impene ikiri hafi yamarakurenga imitumba ukabira nkayo». Uwuzi iyindi migani ifise insiguro imwe n,uwo mugani arashobora kuyisangira n,abandi mu guterera ivyiyumviro kuri iyi nkuru.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Nimpagaritse Damas 2016-10-13 15:46:47

Ego nisawa cane kwiyo migani.Harimwo impanuro zinkoramutima!None hokorwiki kugira ngo urwaruka rwubu rugumane ako karanga kabasokuru?

2
damasnimpagaritse 2016-06-10 19:54:18

KOMERA

3
Nimpagaritse Damas 2016-06-10 19:51:40

Mwongereze Kutubwira Ibintu N’ibindi Turabe Kotutota Akaranga Nacanecane Urwaruka Rwanone. Muhezagirwe

4
Nimpagaritse Damas 2016-06-10 19:50:33

Mwongereze Kutubwira Ibintu N’ibindi Turabe Kotutota Akaranga Nacanecane Urwaruka Rwanone. Muhezagirwe

5
Richard 2016-05-25 20:04:47

MURAKOZE KUDUCIRA IMIGANI

6
GAPARATA VENANT 2014-10-02 14:19:49

Wanka bangwe ntiwanka zana ndabe

Kumenyekanisha