Imigani imwimwe y’ikirundi n’insiguro zayo

46 30-01-2013 - saa 04:19, IGIHE

Basokuru bari abahinga mugukebura abantu bakoresheje imigani canke bakavuga ikintu mu mvugo ifobetse ,ivyo vyarafasha cane mugukebura abantu kuko iyo umuntu agize inyifato itabereye baramugira inama,canke iyo migani igafasha abantu gufashanya ,no guhanuza abandi.Iyo migani ni myinshi cane ariko tuzogenda tubatohoreza imigani dushoboye kuronka hamwe n’insiguro zayo.
Uyu munsi rero nashimye kubabwira imigani itumira abantu kuvuga amajambo make.Umuhumure w’imyaka 84 twaganiriye yaratubwiye (...)

Basokuru bari abahinga mugukebura abantu bakoresheje imigani canke bakavuga ikintu mu mvugo ifobetse ,ivyo vyarafasha cane mugukebura abantu kuko iyo umuntu agize inyifato itabereye baramugira inama,canke iyo migani igafasha abantu gufashanya ,no guhanuza abandi.Iyo migani ni myinshi cane ariko tuzogenda tubatohoreza imigani dushoboye kuronka hamwe n’insiguro zayo.

Uyu munsi rero nashimye kubabwira imigani itumira abantu kuvuga amajambo make.Umuhumure w’imyaka 84 twaganiriye yaratubwiye inkomoko n’insiguro z’imigani ijanye no kugumya urururimi umwe muri iyo migani akaba ari:

«Imvugirakuyamara y’umugabo ikundwa na bake»
Uwo mugani ngo ukomoka i bwami,nk’uko umutamakazi twaganiriye yabitubwiye.Ngo kera abantu bakora i bwami, benshi muribo bari abagabo bakaba ari nabo baba bajejwe amabanga akomeye ku kirimba c’umwami. Muri bo harimwo abakora i bwami bataha muhira hakaba n’ababa kukirimba nyene.

Abo bose rero carazira kikaziririzwa ko bavuga ibibera i bwami kuko vyafatwa kwari ukumena ibanga,ivyo bashobora kuvuga vyari ibintu bisanzwe bitarimwo ibanga,nico gituma umugabo ashengurutse ava i bwami yirinda kuvuga vyinshi bamubajije ivyo adashaka kuvuga yaca ababwira ati:
« ivyo navuzebiramaze,imvugirakuyamaray’umugabo ikundwa na bake».

Gutyo uwo mugani uca ukwira igihugu cose kuko abashengera i bwami baba ari abava mu mihingo yose y’igihugu,umwe wese ashitse mu ntara avamwo akawucira abandi nabo baraheza bakawucira abandi.

Uwo mugani rero usigura ko kizira kuvuga vyose ngo abarundi babwirizwa kuvuga ivyubaka gusa ibisambura canke ibitagira akamaro bakabihora. Ndetse no mu buzima bwa minsi yose uwo mugani ukaba wagiye ufasha abagabo kugumya ibanga,abashingantahe bobo ngo kugumya ibanga ryari itegeko.

Ninaho hahavuye havuka n’ iyindi migani itari mike ijanye n’uwo, yose ikaba yakoreshwa mu kwibutsa umuntu kugabanya amajambo.
Imwe muriyo ni « uwihoreye ahonga bike», «irirenze umunwa ribarirenze agahinga» n’iyindi tuzobandanya tubatohoreza.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

31500 1 2-04-2014
Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5  

41
Gilbert Niyonkuru 2013-11-02 04:51:22

Mbanje gushima uyo mugambi wo guha ikibanza ikirundi mu buhinga bw’ingurukanabumenyi nkifuza ko ababishoboye bose bobishigikira.
Hanyuma ni kuki kw’ikarata y’Uburundi, Intara ya Cankuzo iri ukwayo ? Hoba hari umugambi wo kuyonkora ku gihugu cacu canke n’ukwihenda kujanye n’ubuhinga ?
Murakoze

42
muco 2013-10-30 17:19:24

hiyimigani .ibamaliki abarundi ahubwo ibubutsa ubugome kubushyira mungiro mwirukana impunzi..ukagirangomwebwe ahomuba simahanga

43
IRAMBONA Anicet 2013-06-05 14:12:36

Ndanezew cane kubona ndonse aho nshobora kubona ibivurwa kumigani yikirundi.irimwo inyigisho nyinshi ntawobiharira.Ba Sokuru bari bafise ivyiyumvuro birashe.Turakwiye kwama tubikorerako.umugani ujanye nukugumya ibanga aha twovuga uyu:usangira ibanga nimbwa ikarikwiza ibisaka.

44
edison murenzi 2013-05-23 12:58:11

imigani idufasha mukwiyu mvira ubujyo dutekereza nubujyo dushira intego zacu ahabona muranyihanganira kuko ntazhi ikirundi ariko reka nanjye nobahe akajambo kajya kamfasha if i have 6 hours for making fire wood i would take 4 hours for shaperning the sow kavuzwe na presida wa amerika abraham lincon

45
Rev.Jean Claude Ntimpirangeza 2013-01-31 21:13:04

Nadanezerewe cane nokubona abantu/ bagize iciyumviro co kwegeranya no gusobanura imigani. Muvyukuri mumyaka igera kuri maze imyaka yababa 25 hanze y,Ubuirundi ariko muvyantunze mwotangara mwumviseko ari inyifato ikomoka ku migani y’Ikirundi! Kubera kwiyumvirako nozopfa bikazimangana abana bagahomba,nashoboye kwegeranya imigani igera hafi ku 300 n,iyindi. Iyu mugambi uzomfasha mukwambira canke kurunga icegeranyo canje. Hobaho nk,inzira itomoye twohanahana iyo migani. Ndi muri Leta Zunze Ubumwe z’Amerika.

46
Emile 2013-01-30 13:33:31

Murakoze kuri iyo migani. Ariko sinzi ngira ngo biva ku ntara, hariho umugani uvuga uti: "Irirenze umunwa riba rirenze impinga". Nari niyumviriye ko harya mwanditse "agahinga" hari kuja "impinga". Mugabo nk’uko nabivuze nkitangura, birashobora kuva ku ntara. Komera!

Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5  

Kumenyekanisha