Imigani imwimwe y’ikirundi n’insiguro zayo

46 30-01-2013 - saa 04:19, IGIHE

Basokuru bari abahinga mugukebura abantu bakoresheje imigani canke bakavuga ikintu mu mvugo ifobetse ,ivyo vyarafasha cane mugukebura abantu kuko iyo umuntu agize inyifato itabereye baramugira inama,canke iyo migani igafasha abantu gufashanya ,no guhanuza abandi.Iyo migani ni myinshi cane ariko tuzogenda tubatohoreza imigani dushoboye kuronka hamwe n’insiguro zayo.
Uyu munsi rero nashimye kubabwira imigani itumira abantu kuvuga amajambo make.Umuhumure w’imyaka 84 twaganiriye yaratubwiye (...)

Basokuru bari abahinga mugukebura abantu bakoresheje imigani canke bakavuga ikintu mu mvugo ifobetse ,ivyo vyarafasha cane mugukebura abantu kuko iyo umuntu agize inyifato itabereye baramugira inama,canke iyo migani igafasha abantu gufashanya ,no guhanuza abandi.Iyo migani ni myinshi cane ariko tuzogenda tubatohoreza imigani dushoboye kuronka hamwe n’insiguro zayo.

Uyu munsi rero nashimye kubabwira imigani itumira abantu kuvuga amajambo make.Umuhumure w’imyaka 84 twaganiriye yaratubwiye inkomoko n’insiguro z’imigani ijanye no kugumya urururimi umwe muri iyo migani akaba ari:

«Imvugirakuyamara y’umugabo ikundwa na bake»
Uwo mugani ngo ukomoka i bwami,nk’uko umutamakazi twaganiriye yabitubwiye.Ngo kera abantu bakora i bwami, benshi muribo bari abagabo bakaba ari nabo baba bajejwe amabanga akomeye ku kirimba c’umwami. Muri bo harimwo abakora i bwami bataha muhira hakaba n’ababa kukirimba nyene.

Abo bose rero carazira kikaziririzwa ko bavuga ibibera i bwami kuko vyafatwa kwari ukumena ibanga,ivyo bashobora kuvuga vyari ibintu bisanzwe bitarimwo ibanga,nico gituma umugabo ashengurutse ava i bwami yirinda kuvuga vyinshi bamubajije ivyo adashaka kuvuga yaca ababwira ati:
« ivyo navuzebiramaze,imvugirakuyamaray’umugabo ikundwa na bake».

Gutyo uwo mugani uca ukwira igihugu cose kuko abashengera i bwami baba ari abava mu mihingo yose y’igihugu,umwe wese ashitse mu ntara avamwo akawucira abandi nabo baraheza bakawucira abandi.

Uwo mugani rero usigura ko kizira kuvuga vyose ngo abarundi babwirizwa kuvuga ivyubaka gusa ibisambura canke ibitagira akamaro bakabihora. Ndetse no mu buzima bwa minsi yose uwo mugani ukaba wagiye ufasha abagabo kugumya ibanga,abashingantahe bobo ngo kugumya ibanga ryari itegeko.

Ninaho hahavuye havuka n’ iyindi migani itari mike ijanye n’uwo, yose ikaba yakoreshwa mu kwibutsa umuntu kugabanya amajambo.
Imwe muriyo ni « uwihoreye ahonga bike», «irirenze umunwa ribarirenze agahinga» n’iyindi tuzobandanya tubatohoreza.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

31500 1 2-04-2014
Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5  

31
Niyonkuru Isaac 2015-10-16 21:47:18

Iyo Migani Ni myiza Kuko Zinamuntu Wese Iramuhanura Kugumya Ibanga no gucisha make.

32
2015-10-11 16:54:01

Jewe ndiko nshikiriza ivyiyumviro munkosore. Jewe iyi téléphone si yanje Kandi nsizi i kirundi gose

33
2015-05-08 19:07:50

Right this moment, the costa rica government can be possessing immeasureable us dollars inside unclaimed cash which are caused by folks pertaining to items like neglected financial institution balances in addition to stock returns. You may have perhaps seen these kinds of finances publicized in demonstrates similar to 20/20 as well as Dateline.

34
Bigirimana Ezéchiel 2015-05-06 17:42:54

ico niyumvira nuko umuntu avuga yose bimugora kuba ahantu canke akahava anamena ibanga

35
Izere 2015-04-30 05:08:45

Bandanya mushira imbere Uburundi n’ikirundi kuko bintera umunezero meinshi.

36
Arnaud Bigoro 2015-03-18 22:00:30

Murakoze ku migani muturonderera

37
SILAS NIYONZIMA 2014-12-31 15:18:21

JE NANJE SIJE NOHAHERA VRAIMENT NANJ NDANEZEREW KUBONA MWADUSHRIY IYIMIGANI KUNGURUKANBUMENYI KUKO IRAHANURA GOS CANE KAND NDASHMIYE MUGENZANJ YABAJIJ URYA MWIBUTSA NANJ NDIMWO MUWOWUSGURIRWA"NGO AHO UMUKECURU ATOYE URUHINDU AHITA MURUGANDA"ICO KIRUND KIRAHANITS.OKEY THANK U!

38
Franck Itonde 2014-07-16 15:19:53

Ndabaramutsa ndabasavye insiguro y’umugani ’’Aho umukecuru atoye uruhindu ahita m’uruganda.’’Murakoze.

39
Franck Itonde 2014-07-16 15:10:30

Murakoze ukngene magize iciyumviro co gushira insobanuro z’imigani ku buhinga ngurukanabumenyi.Muragize neza.

40
bururi 2013-12-17 21:54:15

wamushingantahewe. niyonkuru ikikibazo ubajije gisise intumbero. Ariko nange nyine nfise akabazo. Abahutu bibundi mwahungiye irwanda barabakira none. mwabaye ibyitso. kuki abarwanda baza mukabirukana. sha abarwanda nabo Imana izobibuka nyine.muzamwaramwara

Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5  

Kumenyekanisha