Imigani imwimwe y’ikirundi n’insiguro zayo

46 30-01-2013 - saa 04:19, IGIHE

Basokuru bari abahinga mugukebura abantu bakoresheje imigani canke bakavuga ikintu mu mvugo ifobetse ,ivyo vyarafasha cane mugukebura abantu kuko iyo umuntu agize inyifato itabereye baramugira inama,canke iyo migani igafasha abantu gufashanya ,no guhanuza abandi.Iyo migani ni myinshi cane ariko tuzogenda tubatohoreza imigani dushoboye kuronka hamwe n’insiguro zayo.
Uyu munsi rero nashimye kubabwira imigani itumira abantu kuvuga amajambo make.Umuhumure w’imyaka 84 twaganiriye yaratubwiye (...)

Basokuru bari abahinga mugukebura abantu bakoresheje imigani canke bakavuga ikintu mu mvugo ifobetse ,ivyo vyarafasha cane mugukebura abantu kuko iyo umuntu agize inyifato itabereye baramugira inama,canke iyo migani igafasha abantu gufashanya ,no guhanuza abandi.Iyo migani ni myinshi cane ariko tuzogenda tubatohoreza imigani dushoboye kuronka hamwe n’insiguro zayo.

Uyu munsi rero nashimye kubabwira imigani itumira abantu kuvuga amajambo make.Umuhumure w’imyaka 84 twaganiriye yaratubwiye inkomoko n’insiguro z’imigani ijanye no kugumya urururimi umwe muri iyo migani akaba ari:

«Imvugirakuyamara y’umugabo ikundwa na bake»
Uwo mugani ngo ukomoka i bwami,nk’uko umutamakazi twaganiriye yabitubwiye.Ngo kera abantu bakora i bwami, benshi muribo bari abagabo bakaba ari nabo baba bajejwe amabanga akomeye ku kirimba c’umwami. Muri bo harimwo abakora i bwami bataha muhira hakaba n’ababa kukirimba nyene.

Abo bose rero carazira kikaziririzwa ko bavuga ibibera i bwami kuko vyafatwa kwari ukumena ibanga,ivyo bashobora kuvuga vyari ibintu bisanzwe bitarimwo ibanga,nico gituma umugabo ashengurutse ava i bwami yirinda kuvuga vyinshi bamubajije ivyo adashaka kuvuga yaca ababwira ati:
« ivyo navuzebiramaze,imvugirakuyamaray’umugabo ikundwa na bake».

Gutyo uwo mugani uca ukwira igihugu cose kuko abashengera i bwami baba ari abava mu mihingo yose y’igihugu,umwe wese ashitse mu ntara avamwo akawucira abandi nabo baraheza bakawucira abandi.

Uwo mugani rero usigura ko kizira kuvuga vyose ngo abarundi babwirizwa kuvuga ivyubaka gusa ibisambura canke ibitagira akamaro bakabihora. Ndetse no mu buzima bwa minsi yose uwo mugani ukaba wagiye ufasha abagabo kugumya ibanga,abashingantahe bobo ngo kugumya ibanga ryari itegeko.

Ninaho hahavuye havuka n’ iyindi migani itari mike ijanye n’uwo, yose ikaba yakoreshwa mu kwibutsa umuntu kugabanya amajambo.
Imwe muriyo ni « uwihoreye ahonga bike», «irirenze umunwa ribarirenze agahinga» n’iyindi tuzobandanya tubatohoreza.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

31509 1 2-04-2014
Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5  

21
EMILE 2016-03-13 08:52:16

Mu Migenzo Yikirundi Sivyiza Ko Umuntu Avga Yose Kubera Ngo Imvuzi Yacane Yavuze Aho Yiciye Nyina,

22
EMILE 2016-03-13 08:50:39

Mu Migenzo Yikirundi Sivyiza Ko Umuntu Avga Yose Kubera Ngo Imvuzi Yacane Yavuze Aho Yiciye Nyina,

23
emmanuel 2016-03-01 19:59:49

biraturyoheracane iyotwumva imigani mubashekurondereraniyindi

24
Nduwabagabo Balthazar 2016-02-24 13:25:38

Murakoz.Nsigurira "intarabona Iserihaha"

25
NIYOBUSHOBOZI Samuel 2016-01-06 11:45:59

Nanje Ndashaka Munsobanurire Umugani Wumukecuru Atoye Uruhindu Agiye

26
Samuel 2016-01-06 11:35:34

Nashaka Muyinyigishe

27
claude ndayisaba 2016-01-03 16:49:21

ninkakurya bavuga <<kuvuga menshi siko kuyamara>>

28
BIGIRIMANA Déphonthère 2015-11-23 22:22:52

imigani yikirundi nimyiza cane iratanga inyigisho zikomeye ikanafasha urwaruka rwubu kumenya akaranga kaho hambere ninyifato rwogira.mukomeze kuturonsa iyindi murakoze.

29
PAPIEN NDAYISENGA 2015-11-09 10:52:25

NIVYIZA CANE TURANEZERWA NOKUMVA IMIGANI YO HAMBERE!

30
NDAYISENGA PAPIEN 2015-11-09 10:45:24

imigani itwigisha vyinshi jew ndayikunda cane bihebuje nimurushiriz ho!

Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5  

Kumenyekanisha