Imigani imwimwe y’ikirundi n’insiguro zayo

46 30-01-2013 - saa 04:19, IGIHE

Basokuru bari abahinga mugukebura abantu bakoresheje imigani canke bakavuga ikintu mu mvugo ifobetse ,ivyo vyarafasha cane mugukebura abantu kuko iyo umuntu agize inyifato itabereye baramugira inama,canke iyo migani igafasha abantu gufashanya ,no guhanuza abandi.Iyo migani ni myinshi cane ariko tuzogenda tubatohoreza imigani dushoboye kuronka hamwe n’insiguro zayo.
Uyu munsi rero nashimye kubabwira imigani itumira abantu kuvuga amajambo make.Umuhumure w’imyaka 84 twaganiriye yaratubwiye (...)

Basokuru bari abahinga mugukebura abantu bakoresheje imigani canke bakavuga ikintu mu mvugo ifobetse ,ivyo vyarafasha cane mugukebura abantu kuko iyo umuntu agize inyifato itabereye baramugira inama,canke iyo migani igafasha abantu gufashanya ,no guhanuza abandi.Iyo migani ni myinshi cane ariko tuzogenda tubatohoreza imigani dushoboye kuronka hamwe n’insiguro zayo.

Uyu munsi rero nashimye kubabwira imigani itumira abantu kuvuga amajambo make.Umuhumure w’imyaka 84 twaganiriye yaratubwiye inkomoko n’insiguro z’imigani ijanye no kugumya urururimi umwe muri iyo migani akaba ari:

«Imvugirakuyamara y’umugabo ikundwa na bake»
Uwo mugani ngo ukomoka i bwami,nk’uko umutamakazi twaganiriye yabitubwiye.Ngo kera abantu bakora i bwami, benshi muribo bari abagabo bakaba ari nabo baba bajejwe amabanga akomeye ku kirimba c’umwami. Muri bo harimwo abakora i bwami bataha muhira hakaba n’ababa kukirimba nyene.

Abo bose rero carazira kikaziririzwa ko bavuga ibibera i bwami kuko vyafatwa kwari ukumena ibanga,ivyo bashobora kuvuga vyari ibintu bisanzwe bitarimwo ibanga,nico gituma umugabo ashengurutse ava i bwami yirinda kuvuga vyinshi bamubajije ivyo adashaka kuvuga yaca ababwira ati:
« ivyo navuzebiramaze,imvugirakuyamaray’umugabo ikundwa na bake».

Gutyo uwo mugani uca ukwira igihugu cose kuko abashengera i bwami baba ari abava mu mihingo yose y’igihugu,umwe wese ashitse mu ntara avamwo akawucira abandi nabo baraheza bakawucira abandi.

Uwo mugani rero usigura ko kizira kuvuga vyose ngo abarundi babwirizwa kuvuga ivyubaka gusa ibisambura canke ibitagira akamaro bakabihora. Ndetse no mu buzima bwa minsi yose uwo mugani ukaba wagiye ufasha abagabo kugumya ibanga,abashingantahe bobo ngo kugumya ibanga ryari itegeko.

Ninaho hahavuye havuka n’ iyindi migani itari mike ijanye n’uwo, yose ikaba yakoreshwa mu kwibutsa umuntu kugabanya amajambo.
Imwe muriyo ni « uwihoreye ahonga bike», «irirenze umunwa ribarirenze agahinga» n’iyindi tuzobandanya tubatohoreza.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

31509 1 2-04-2014
Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5  

11
Izahaki 2017-03-05 15:38:21

Turavye Beshi Ntibagikwirikiza Akarangakakera Guko Kare Kumuhingamo Baratita Arikubuntabihari Niguki ?

12
Nihorimbere Innocent 2017-01-06 15:23:32

Iyo Nkur Irahanura Rwos Kuvug Aya Muhe

13
Dani-damien ndayikengurukiye 2016-12-12 16:14:55

ivyo nivyiz nukur,kuk biciyi bigumuk mugihug harih akarush kohaba

14
Cal 2016-09-12 13:37:04

AKATARETSE KABA GASEMA mucongereza bavuga gute?

15
Rwenda Pemuel 2016-08-22 11:56:30

Nanje Ndashimye Cane Kuriyo Migani Mututohoreza Iratwigisha Cane Kubika Amabanga Umuntu Avuga Menshi Ntabura Kuvuga Ibanga Ryiwe Ugasanga Yiteye Ingorane Nyinshi Gose Nakare Abakera Barayamaze Ngo Kuvuga Menshi Ngo Siko Kuyamara

16
Rwenda Pemuel 2016-08-22 11:54:03

Nanje Ndashimye Cane Kuriyo Migani Mututohoreza Iratwigisha Cane Kubika Amabanga Umuntu Avuga Menshi Ntabura Kuvuga Ibanga Ryiwe Ugasanga Yiteye Ingorane Nyinshi Gose Nakare Abakera Barayamaze Ngo Kuvuga Menshi Ngo Siko Kuyamara

17
Ndayiragije Gérard 2016-08-11 20:27:58

imigani nimwiza kubera nakaranga kabasogokuru rero n,ivyiza guca imigani bituma umuntu atahura

18
ndayiragije 2016-08-06 13:04:08

Ndashimye ko ikirundi gisigaye gufise agaciro nifuzako ibintu vyose ko vyokwandikwa mukirundi

19
Elie 2016-06-30 19:22:22

Yooo!Uwutokunda Imigani Y’ikirundi Kuko Abakera Bari Abagabo Gusumba Kure Abo Ubu.Kandi Nico Gituma Bavugako "abakera Barayamaze "ni Ukuvuga Ko Ata Muntu n’umwe Yoca Umugani Kuko Yose Bayivuze.Basokuru Ni Abagabo Peee!

20
Elvis Nininahazwe 2016-05-09 20:17:47

Murakoze Gukebura Abagabo Bavuga Menshi

Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5  

Kumenyekanisha