
Basokuru bari abahinga mugukebura abantu bakoresheje imigani canke bakavuga ikintu mu mvugo ifobetse ,ivyo vyarafasha cane mugukebura abantu kuko iyo umuntu agize inyifato itabereye baramugira inama,canke iyo migani igafasha abantu gufashanya ,no guhanuza abandi.Iyo migani ni myinshi cane ariko tuzogenda tubatohoreza imigani dushoboye kuronka hamwe n’insiguro zayo.
Uyu munsi rero nashimye kubabwira imigani itumira abantu kuvuga amajambo make.Umuhumure w’imyaka 84 twaganiriye yaratubwiye (...)
Basokuru bari abahinga mugukebura abantu bakoresheje imigani canke bakavuga ikintu mu mvugo ifobetse ,ivyo vyarafasha cane mugukebura abantu kuko iyo umuntu agize inyifato itabereye baramugira inama,canke iyo migani igafasha abantu gufashanya ,no guhanuza abandi.Iyo migani ni myinshi cane ariko tuzogenda tubatohoreza imigani dushoboye kuronka hamwe n’insiguro zayo.
Uyu munsi rero nashimye kubabwira imigani itumira abantu kuvuga amajambo make.Umuhumure w’imyaka 84 twaganiriye yaratubwiye inkomoko n’insiguro z’imigani ijanye no kugumya urururimi umwe muri iyo migani akaba ari:
«Imvugirakuyamara y’umugabo ikundwa na bake»
Uwo mugani ngo ukomoka i bwami,nk’uko umutamakazi twaganiriye yabitubwiye.Ngo kera abantu bakora i bwami, benshi muribo bari abagabo bakaba ari nabo baba bajejwe amabanga akomeye ku kirimba c’umwami. Muri bo harimwo abakora i bwami bataha muhira hakaba n’ababa kukirimba nyene.
Abo bose rero carazira kikaziririzwa ko bavuga ibibera i bwami kuko vyafatwa kwari ukumena ibanga,ivyo bashobora kuvuga vyari ibintu bisanzwe bitarimwo ibanga,nico gituma umugabo ashengurutse ava i bwami yirinda kuvuga vyinshi bamubajije ivyo adashaka kuvuga yaca ababwira ati:
« ivyo navuzebiramaze,imvugirakuyamaray’umugabo ikundwa na bake».
Gutyo uwo mugani uca ukwira igihugu cose kuko abashengera i bwami baba ari abava mu mihingo yose y’igihugu,umwe wese ashitse mu ntara avamwo akawucira abandi nabo baraheza bakawucira abandi.
Uwo mugani rero usigura ko kizira kuvuga vyose ngo abarundi babwirizwa kuvuga ivyubaka gusa ibisambura canke ibitagira akamaro bakabihora. Ndetse no mu buzima bwa minsi yose uwo mugani ukaba wagiye ufasha abagabo kugumya ibanga,abashingantahe bobo ngo kugumya ibanga ryari itegeko.
Ninaho hahavuye havuka n’ iyindi migani itari mike ijanye n’uwo, yose ikaba yakoreshwa mu kwibutsa umuntu kugabanya amajambo.
Imwe muriyo ni « uwihoreye ahonga bike», «irirenze umunwa ribarirenze agahinga» n’iyindi tuzobandanya tubatohoreza.
Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5
mibisanzwe mukirundi umaze kuvuga meshi nabantu ntibakwemera
Amahoro! Nagomba Ndababaze Mbega Imigani Yaje Gute.
Baraca Umugani mukirundi bati <Ntamvura Idahita> buvuze ngo mubuzima niba hari ikintu kikugora, kikubangamiye, hazogera igihe bihera ugasubira ukamererwa neza ugasubira ukagira amahoro wahora wipfuza.
Andika hano IM IG AN I NINS IG UR O
Imigani iraryosh
Ico ciyumviro c gushira ikirundi k ngurukanabumenyi birakwiye k twibukanya akarang kacu ni thierry i gitega.
Murakoze cane kuciyumviro mwagize co gushira ikirundi ku ngurukanya bumenyi .Nivyiza ko twibukanya akaranga k’igihugu cacu , ndabatahije cane ni chris mu Bubirigi
Mwonsigurira umugani uvuga atii
"AGASHAJE BAKANYIRA HEJURU"
Kugumya Ibanga Nivyo Kuko Kurimena Vyoroshe Ariko Uba Utakaje Icizere Kuwo Urimeneye Mukibano Nomubagenzi. Rero Kugumya Ibanga Canke Kuribika Vyaribikwiye Kuba Ivy’umurundi Wese.
ni vyiza kwiyumvira iyo migani.
Paji: 1 | 2 | 3 | 4 | 5