Ikigo c’urwaruka ni uwundi muvyeyi

2 31-12-2013 - saa 13:42, IGIHE

Kugira umwana akure azi ibintu vyinshi kandi vyomufasha kubaho harimwo intererano ikomeye itangwa n’igihugu ciwe. Muri ivyo kimwe ni kuronka ihuriro ngirakamaro n’urundi rwaruka, haba mu bigo vy’urwaruka canke mu mashirahamwe. Urwaruka rwo mu ntara ya Gitega rurafise ikigo rurahuramwo ubumenyi bw’ibintu bitandukanye.
Indero y’umwana ntayihabwa n’abavyeyi canke abigisha biwe gusa, no mu bandi bana bagendana barayimuha mu gihe ivyo bahuriyeko birimwo iyo ndero umwana akeneye. Mu gisagara ca Gitega (...)

Kugira umwana akure azi ibintu vyinshi kandi vyomufasha kubaho harimwo intererano ikomeye itangwa n’igihugu ciwe. Muri ivyo kimwe ni kuronka ihuriro ngirakamaro n’urundi rwaruka, haba mu bigo vy’urwaruka canke mu mashirahamwe. Urwaruka rwo mu ntara ya Gitega rurafise ikigo rurahuramwo ubumenyi bw’ibintu bitandukanye.

JPEG - 35 ko
ikigo c’urwaruka c’i Gitega

Indero y’umwana ntayihabwa n’abavyeyi canke abigisha biwe gusa, no mu bandi bana bagendana barayimuha mu gihe ivyo bahuriyeko birimwo iyo ndero umwana akeneye. Mu gisagara ca Gitega hariho ikigo c’urwaruka “Centre Jeunes”, ico kigo ni ihuriro ry’urwaruka rwo muri iyo ntara eka n’abandi babishatse.

Hatangimana Jeremie arongoye igisata c’imicokama muri ico kigo. amenyeshako ikigo gihuriramwo urwaruka rugera ku 2037, ruja mu bisata bitandukanye ico kigo gifise. Muri ivyo bisata bikuru bikuru ni igisata c’inkino, ic’imicokama, ni igisata c’abasomyi b’ibitabo canke abanditsi b’amareresi. Inyuma y’ibikorwa vy’urwaruka, haratangwa inyigisho kubijanye na zimwe mu ngorane zihanze urwaruka, hatangwa inyigisho cane cane ku bijanye n’irwirirana ry’abantu, canke zo gukunda igihugu.
Urwaruka twahasanze rurashima cane akamaro, kuko ruhamenyera vyinshi, birenga ku vyo bakura ku bavyeyi babo canke bakura mw’isomero. Bariga kuvuza ivyuma vy’imiziki, kumenya amakuru yo hirya no hino bakura ku ngurukanabumenyi, canke mu bitabo basoma biri muri ico kigo.

Kuri urwo rwaruka, ico kigo ni ihuriro ry’abo, baridagadura maze umwanya wo kuyerera mu ma barabara bakawumara mu bintu vy’akamaro. Imirwi yose y’urwaruka, ata myaka, igitsina canke ubwoko birabwe. Imirwi y’intambo canke y’inkino bahurira ngaho baje mu myimenyerezo yo gutegura ibiteramo canke amahiganwa.

JPEG - 43.5 ko
Hatangimana Jeremie

Jeremie yongera ko kugira vyose bikunde ari imfashanyo bahawe n’ishirahamwe “peace and sports”, ubumwe bw’abanyaburaya hamwe n’ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imicokama. Kandi imirwi yose yaba y’abaririmvyi canke y’abatamba bose bari mu ntara ya Gitegababanje guca muri ico kigo. Urwo rwaruka ruhurumbira ico kigo ntaco rusabwa atari ico ruhakura.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
NTAKARUTIMANA Sylvestre 2015-07-03 06:03:40

Ok Ndahimbarwa Can Iyo Ndi Mubigo Nkivyo Kuk Bimfash Mubumeny No Mukumara Irungu Mugih Ndkumye Nurund Rwaruka Nkanj.Arko Nagze Ikibazo Cokuba Kur Yahegerey Ivyo Bigo.Nipfuje Kand Ndipfuza Gusaba Ko Ubushikiranganj Bwofasha Gukwiragza Ivyo Bigo Mugihugu Cose.Nkakarorer Muntara Ya Rutana Aho Mpererey Mur Commune Bukemba Nezananez Aha Ihinguririro Ry’isukari Sosumo Hari Urwaruka Rwishi Kand Rutandkany Mumico Nimigenzo Kuko Ruva Mubice Bitandukanye Vyo Mubuzima Bw’Isi Arko Ntakigo Dufise Muri Ico Kibanza.Non Mubona Nkatwebwe Urwaruka Rwo Muri Ico Kibanza Twokora Ik?Gut?Kugira Dushobore Guhurira Hamy Muguhuza Ivyiyumviro Nibind Bkorwa Bizodufasha Mubuzima Bwakazoza Kacu?

2
NTAKARUTIMANA Sylvestre 2015-07-03 06:02:30