Ikarema isigura iki kubari mw’idini rya gatorika

3 10-02-2016 - saa 11:43, egide

Abemera Kristu bo mw’idini rya Gatorika batanguye kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 10 Ruhuhuma 2016, ukwisonzesha kuzomara iminsi mirongo ine. Muri ivyo bita Ikarema (Carême) n’ukumara iminsi 40 birinda icitwa igicumuro cose, bakagerageza kwiyima ibiryoshe, ndetse bagafashanya umubabaro n’Umwana w’Imana Yezu Kristu, aho yamara iminsi mirongo ine ariko ageragezwa na shetani.
Ikarema none ni iki ?
Nk’uko bivugwa n’abari mw’idini rya Gatorika, ikarema ni igihe kibibutsa imyaka 40 igihugu ca (...)

Abemera Kristu bo mw’idini rya Gatorika batanguye kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 10 Ruhuhuma 2016, ukwisonzesha kuzomara iminsi mirongo ine. Muri ivyo bita Ikarema (Carême) n’ukumara iminsi 40 birinda icitwa igicumuro cose, bakagerageza kwiyima ibiryoshe, ndetse bagafashanya umubabaro n’Umwana w’Imana Yezu Kristu, aho yamara iminsi mirongo ine ariko ageragezwa na shetani.

Ikarema none ni iki ?

Nk’uko bivugwa n’abari mw’idini rya Gatorika, ikarema ni igihe kibibutsa imyaka 40 igihugu ca Israeli camaze mu bugaragwa kiri mu rugendo kigana igihugu c’isezerano. Abanya Israeri bamaze ico gihe bitegurira kuba mu gihugu c’Imana, igihe kitaboroheye kuko baguma bahemuka kw’isezerano ry’Imana.
Ikarema kandi ribibutsa iminsi 40 umuhanuzi Eliya yamaze kugira ashikire umusozi w’Umukama, Horeb.

Ikarema ibibutsa kandi iminsi 40 Yezu Kristu yamaze mu bugaragwa yitegurira gutangura icese ubutumwa bwiwe, maze akageragezwa na shetani. Abakirisu bavuga ko ubugaragwa ari ikibanza c’agacerere, c’ubukene, nta bintu bihari bishobora gufasha umuntu, nta mazi, nta ndya, nta binyobwa, nta buraro, ni mu gahinga ka nyaga na nde. Ni ikibanza umuntu ashobora gupfiramwo, umuntu ari wenyene nk’uko babisoma mu butumwa bw’inkuru nziza yanditswe na Luka 4 : 1-13.

Ikarema rero isozerwa n’ihimbazwa ry’umunsi mukuru w’izuka rya Yezu, umunsi wa Pasika usanzwe ari umunsi mukuru wa mbere uhambaye kubemera Yezu Kristu.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
NKUNZIMANA Alexis 2017-04-07 15:11:04

Ifoto Nshasha Zayezu

2
Emile 2016-02-12 06:50:02

Mugutangura Ico Kiringo C Ikarema Dusirwa Iminyota Bakavuga Bati# Igarure Kandi Wemere Inkuru Nziza #inkur Nziz Irimwo Vyose Nitwigarur Rero Twumvir Imana Uko Idahengeshanya Kutuyagra Ijambo Ryayo Ryeranda Ritubz Ubwicany Bwo Mu Mutima No Hanz ,Ishari ,Ubusuma,ubwishime,inzigo Nzikira,n Ibndi Vyinshi.

3
vyahe 2016-02-10 22:14:53

umukristo akwiye kwihana iminsi yose!ntavy kumara 40jrs gsa,nanj nzorab kobatazosubira kutumesa mur 40jrs! tworuhuka gato.vyahe!

Kumenyekanisha