Ibikorwa vyiza bitanga umwimbu mwiza

0 28-12-2012 - saa 06:21, IGIHE

Igikorane categuwe n’umuryango w’umukuru w’igihugu carabandanije ejo kuwa kane igenekerezo rya 27 kigarama umukuru w’igihugu akaba ariwe yasiguriye ijambo ry’Imana abari baje muri ico gikorane.
Mu nsiguro yiwe,umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarasiguriye bimwe bishimishije abari baqje mu gikorane kiriko kibera i Ngozi categuwe n’umuryango w’umukuru w’igihugu aho yabasiguriye akamaro ko gukora ivyiza n’ivyamwa biva muri ivyo vyiza ku muntu wese yihaye kubikora.
Yishimikije ijambo ry’Imana (...)

Yishimikije ijambo ry’Imana dusanga muri Bibiriya mu gitabo ca Esiteri igice ca gatandatu umurongo wa mbere gushika k’umurongo wa cumi na rimwe ari naryo rufatiro rw’indwi y’amasengesho yateguwe n’umuryango w’umukuru w’igihugu i Buye muri Komine Mwumba mu ntara ya Ngozi,umukuru w’igihugu yarerekanye ko atagikorwa ciza cokorwa ngo kireke kuzana ivyamwa vyiza.

Kubw’ayo majambo,umurinzi asanzwe wo ku ngoro y’umwami yaronse ikibanza ca kabiri mu ngoro abahora bamuraba nabi mbere bari bagomvye no kumwica barorera kubera igikorwa ciza yakoze aho yakijije umukoresha wiwe igihe yari mu bihe bitoroshe.

Uyo mutama Moridekayo avurwa muri iryo jambo ry’Imana akaba yakurikirana impfuvyi Esiteri akongera akmusengera imbere yuko aba umwamikazi.Umukuru w’igihugu rero yarasiguriye urwaruka rwari ngaho ko Moridekayo yobabera akarorero mu gukora ivyiza ku munsi ku munsi.

Umukuru w’igihugu akaba yarabahanuye ko bokora ivyiza umwanya wose,aho bari hose kuko ari umutahe munini na cane cane k’urwaruka kuko vyama bibonekako gukora iciza bifise inyungu nyinshi.

Iri jambo nyene akaba ariryo umukuru w’igihugu yari yasiguriye urwaruka mu nyigisho zari zatunganijwe mu gatondo ahari hitavye n’umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha