Ibidukikije birabangamiwe mu ntara ya Bururi

0 27-02-2014 - saa 07:56, IGIHE

Buramatari w’intara ya Buriri umupfasoni Gloriose Nimenya, asabwa gukora ibishoboka, ndetse no gutanga itegeko ryotuma ibitara vya Rumonge-Vyanda na Kigwena bikingirwa nk’uko bishikirizwa na Mamert Sabushimike, umuyobozi w’abagenzi b’ibidukikije.
Mamert Sabushimike, asaba ko buramatari atanga itegeko ku bayobozi b’intwaro kuva ku mitumba kugira bafashe abakozi ba INECN basanzwe bari mu bakingira ibidukikije. Ayo mashamba akaba ubu yoba abangamiwe n’abantu bayonona, mu gihe hari n’abandi boba (...)

Buramatari w’intara ya Buriri umupfasoni Gloriose Nimenya, asabwa gukora ibishoboka, ndetse no gutanga itegeko ryotuma ibitara vya Rumonge-Vyanda na Kigwena bikingirwa nk’uko bishikirizwa na Mamert Sabushimike, umuyobozi w’abagenzi b’ibidukikije.

Mamert Sabushimike, asaba ko buramatari atanga itegeko ku bayobozi b’intwaro kuva ku mitumba kugira bafashe abakozi ba INECN basanzwe bari mu bakingira ibidukikije. Ayo mashamba akaba ubu yoba abangamiwe n’abantu bayonona, mu gihe hari n’abandi boba bayagishamwo kandi bitemewe n’amategeko, n’ibindi bikorwa bihonya ibiti.

Umuyobozi w’abakunzi b’ibidukikije rero kuva aho aterewe mu mvuto ku wa 18 Nzero uyu mwaka mu nyuma akarekurwa, ibintu vyaciye biyangara muri ayo mashamba, mu gihe bamwe mu banyagihugu boba baciye bijajara, mu guturira amakara, abandi bagatangura kubaza imbaho ziva mu biti. Uwo rero asanzwe ari umuyobozi w’abagenzi b’ibidukikije, akavuga ko muri ayo mashamba, akotsi ariko gufumba k’abaca amakara, hamwe n’imirwi y’ababaza imbaho.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha