Hari ishure ribuza abigeme kwiruka kugutinya ko bota ubusugi bwabo

6 24-04-2015 - saa 16:08, IGIHE

Mu gihugu ca Australiya hari ishure ribuza abigeme kwiruka, kuko bohava bata ubusugi(virginité) bwabo, iryo shure rikaba ryegukira idini rya Islamu.
Abategetsi bo muri ico gihugu rero batanguye amatohoza, umushikiranganji w’inyigisho muri Reta ya Victoria , James Merlino akavuga ko vyoba bitangaje cane hamwe vyoba arivyo. Uwo mushikiranganji akaba yabishikirije inyuma yaho aronse ikete ryanditswe n’umwigisha yahoze akora kuri iryo shure , aho yamenyesha ko abo bigeme batemererwa kuja (...)

Mu gihugu ca Australiya hari ishure ribuza abigeme kwiruka, kuko bohava bata ubusugi(virginité) bwabo, iryo shure rikaba ryegukira idini rya Islamu.

Abategetsi bo muri ico gihugu rero batanguye amatohoza, umushikiranganji w’inyigisho muri Reta ya Victoria , James Merlino akavuga ko vyoba bitangaje cane hamwe vyoba arivyo. Uwo mushikiranganji akaba yabishikirije inyuma yaho aronse ikete ryanditswe n’umwigisha yahoze akora kuri iryo shure , aho yamenyesha ko abo bigeme batemererwa kuja mw’ikarashishi ryo kwiruka nk’abandi. Uwo mwigisha yabandanije avuga ko umuyobozi w’iryo shure yiyamiriza cane iyo karashishi kuko avuga ko nko mu gihe umwigeme aba ariko ariruka hanyuma akikubita hasi, akavunika ukukuguru aca acika ingumba.

Ivyo rero bikaba vyiyamirizwa n‘umurwi wo kwiruka wo kuri iryo shure kuko abana bo mu mashure mato mato, batemererwa no kuja mu mahiganwa y’ishure. Iryo shure rikaba ryigako abana bo mu mashure mato mato n’ayisumbuye bari hagati y’imyaka 5 na 18.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
fesi. ngz 2017-03-04 03:22:20

abobakobw nisug?

2
Mbonihankuye Théogène 2015-07-24 22:19:21

Nivyiza Ko Umwigisha Atanga Imyimenyerezo Ya Sport Aravye Ibihande Vy’abo Akoresha Kuko Umwe Wese Arafise Ico Ashoboye N’ico Adashnboye.

3
bizimana gerard 2015-07-18 06:38:34

mu burundi hari abanye plotique beshi cane babavye

4
bizimana gerard 2015-07-18 06:37:00

mu burundi hari abanye plotique beshi cane babavye

5
jean 2015-07-14 21:02:45

iyo nkuru siryambere ndayumva ariko biratangaje none ntawoduha umuco kugirango tumenye ukuri

6
Diamond 2015-07-14 20:38:52

Mimi kwa kisi ninavyo sikia kwa leo 3th world war, itaanzia kwenye islam,kwasababu njia zozote haziwezekani kwani djini lakislam omba mungu atuepushe naiyo vita.

Kumenyekanisha